Abaroma 14
14
Ivy’ ukwihanganira abadakomeye mu kwizera
1Ūdakomeye mu vyizerwa, mumwemere, ariko s’ukumuhāririza ku vy’ akekeranya.#Rom 15:1; 1 Kor 8:9. 2Umuntu umwe afise ukwizera kwo kumurisha vyose, arik’ ūdakomeye arya ibirimwa gusa.#Ita 1:29; 9:3. 3Ūrya inyama yoye gukēngēra ūtazirya; kand’ ūtazirya yoye guhinyura ūzirya, kukw Imana yamwemeye.#Kol 2:16. 4Wewe uri nde uhinyura umushumba w’abandi? Kukw imbere ya shebuja ari ho ahagarara cank’ agatemba; mber’ ushime azohagarara, kuk’ Umwami wacu ashobora kumuhagarika.#Mat 7:1; Yak 4:11, 12.
5Umuntu umwe ashima umusi umwe kuwurutisha iyindi; uwundi agashima imisi yose. Umuntu wese n’ashirwe mu mutima wiwe.#Gal 4:10. 6Uwiyumvira umusi awiyumvira kubg’ Umwami wacu; ūrya inyama azirya kubg’ Umwami, kukw ashima Imana; kand’ ūtazirya, yanka kuzirya kubg’ Umwami, na we ashima Imana. 7Kukw ata muntu muri twebge ariho kubgiwe, cank’ apfa kubgiwe: 8namba turiho, turiho kuba ab’ Umwami; kandi namba dupfa, dupfira kuba ab’ Umwami. Nuko namba turiho, canke namba dupfa, tur’ ab’ Umwami.#Gal 2:20; 1 Tes 5:10; Luk 20:38. 9Kukw icatumye Kristo apfa, akazuka, ar’ ukugira ngw abe Umwami w’abāpfuye kandi n’uw’ abariho.
10Ariko weho, n’iki gituma uhinyura mwene So? Kandi nawe, n’iki gituma ukēngēra mwene So? Kuko twese tuzohagarara imbere y’intebe y’imanza y’Imana.#Ivyak 17:31; 2 Kor 5:10; Mat 25:31, 32. 11Kuko handitswe,
ngo Nk’uko ndiho, ni k’Uhoraho agize, amavi yose azompfukamira,
N’indimi zose zizovuga ishimwe ry’Imana.#Yes 45:23; 49:18; Flp 2:10, 11.
12Nuko rero, umuntu wese muri twebge azobazwa n’Imana ivyo yakoze.#Gal 6:5.
13Uhereye none rero, twoye guhinyurana; yamara tugire iyi migabo: ngo hoye kugira ūshira igitsitaza cank’ ikigwisha imbere ya mwene Se. 14Ndabizi, kandi nemejwe neza n’Umwami Yesu, yukw ata gihumanya ubgaco; shit’ uwiyumvira kw ikintu gihumanya, ni we cohumanya.#Mat 15:11; Ivyak 10:15; Tit 1:15. 15Iyo mwene So ababajwe n’ivy’ urya, ntuba ukigendera mu rukundo. Uwo Kristo yapfiriye ntumuranduze ivyo kurya vyawe.#1 Kor 8:11-13. 16Iciza canyu coye gutukwa.#Tit 2:5. 17Kuk’ ubgami bg’Imana atar’ ukurya n’ukunywa, ariko n’ukugororoka, n’amahoro, n’umunezero vyo muri Mpwemu Yera.#Luk 17:20. 18Ūkorera Kristo artyo, ahimbara Imana, kandi n’abantu baramwemera. 19Nuko dukurikire ivy’ amahoro n’ivyo gukomezanya:#Rom 12:18; 15:2. 20ntimusenyure igikorwa c’Imana kubg’ ivyo kurya. Vyose ntibihumanya koko, ariko, uwo muntu arya ibimutsitaza, azobona ibara. 21Ni ciza kutarya inyama, canke kutanywa vino, canke kudakora ikindi cose gitsitaza mwene So, canke kimugwisha, canke kimutera intege nke.#1 Kor 8:13. 22Ukwizera ufise, ukugumane mu mutima wawe imbere y’Imana. Hahirwa ūtihinyura ku vyo yemeye. 23Ariko, ūkekeranya wese iy’ ariye aba atsinzwe, kuko bitaba bivuye ku kwizera: ikitava ku kwizera cose n’icaha.#Tit 1:15.
Currently Selected:
Abaroma 14: RUN1967
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967