1
Ivyahishuriwe Yohana 20:15
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Kand’ umuntu wese atabonetse ko yanditswe muri ca gitabo c’ubugingo atererwa mur’ ico kiyaga caka umuriro.
Compare
Explore Ivyahishuriwe Yohana 20:15
2
Ivyahishuriwe Yohana 20:12
Mbona abapfuye, abahambaye n’aboroshe, bahagaze imbere y’iyo ntebe; ibitabo birazingururwa. Kand’ ikindi gitabo kirazingururwa, ni co gitabo c’ubugingo. Abapfuye bacirwa imanza z’ivyanditswe mur’ ivyo bitabo, zikwiranye n’ivyo bakoze.
Explore Ivyahishuriwe Yohana 20:12
3
Ivyahishuriwe Yohana 20:13-14
Ikiyaga kigarukana abapfuye bo muri co, urupfu n’i kuzimu bigarukana abapfuye bo muri vyo, bacirwa imanza zikwiranye n’ivy’ umuntu wese yakoze. Rupfu na Kuzimu batererwa muri ca kiyaga caka umuriro. Ico kiyaga caka umuriro ni co rupfu rwa kabiri.
Explore Ivyahishuriwe Yohana 20:13-14
4
Ivyahishuriwe Yohana 20:11
Mbona intebe niniya yera, mbona n’Iyivyagiyeko, isi n’ijuru bihunga mu nyonga hayo, aho vyahora ntihaba hakiboneka.
Explore Ivyahishuriwe Yohana 20:11
5
Ivyahishuriwe Yohana 20:7-8
Kand’ iyo myaka igihumbi ni yashira, Satani azorekurwa ngw ave mw ibohero, azosokoroka aje kuzimiza amahanga yo mu mfuruka zine z’isi, Gogi na Magogi, kugira ngw ayakoranirize hamwe ku ntambara, igitigiri cabo ni nk’umusenyi wo ku kiyaga.
Explore Ivyahishuriwe Yohana 20:7-8