Ivyahishuriwe Yohana 14
14
Yohana yerekwa Umwagazi w’Intama n’abācunguwe
1 #
Ezk 9:4; Ivyah 7:4; 3:12. Kandi mbona Umwagazi w’Intama, ahagaze ku musozi Siyoni, ahagararanye n’abantu ibihumbi ijana na mirongwine na bine, bafise izina ryiwe n’izina rya Se yanditswe mu ruhanga rwabo. 2#Ezk 1:24; 43:2; Ivyah 1:15.Numva ijwi rivuye mw ijuru, nk’iry’ amazi menshi asūma, kandi nk’iry’ inkuba ituragara cane: kand’ iryo jwi numvise ryari rimeze nk’iry’ abacuraranzi bacuraranga inanga zabo. 3#Zab 33:3; 40:3; 96:1; 98:1; 144:9; 149:1; Yes 42:10; Ivyah 5:9.Baririmbira indirimbo nsha imbere ya ya ntebe y’ubgami, n’imbere ya vya binyabugingo bine na ba bakuru. Nta muntu yashoboye kwiga iyo ndirimbo atari bamwe ibihumbi ijana na mirongwine na bine, bācunguwe ngo bakūrwe mw isi. 4#2 Kor 11:2; Ef 5:27.Abo ni bo batandujwe n’icitwa umugore, kuko bābaye nk’inkumi. Abo ni bo bakurikira wa Mwagazi ah’ aja hose. Abo bācunguwe mu bantu, kugira ngo babe umushuzo ku Mana no kuri wa Mwagazi. 5#Zab 32:2; Yes 53:9; Zef 3:13.Kandi mu kanwa kabo ntihābonetsemw’ ikinyoma: nta gasembga bagira.
Yohana yerekwa abamarayika batatu
6 #
Ivyah 8:13. Kandi mbona umumarayika wundi aguruka yātiriye ijuru, afise ubutumwa bgiza butazoshira bgo kubarira ababa kw isi n’amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose. 7#Kuv 20:11; Zab 146:6.Avuga n’ijwi rirenga, ati Mwubahe Imana, muyihimbaze, kukw igihe c’amateka yayo gishitse, musenge iyaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasōko y’amazi.
8 #
Dan 4:30; Ivyah 18:2; Yes 21:9; Yer 51:7, 8. Umumarayika wundi wa kabiri akurikirirako, ati Kirakomvomvotse, kirakomvomvotse, Babuloni, ca gisagara gihambaye, cateretse amahanga yose vino ni yo burake bg’ubushakanyi bgaco.
9 #
Ivyah 13:12-17; Mat 10:28. Umumarayika wundi wa gatatu akurikirirako, avuga n’ijwi rirenga, ati Ni hagira umuntu asenga ca gikōko n’igishushanyo caco, akemera gushirwakw ikimenyetso mu ruhanga canke ku kiganza, 10#Yes 51:17; Zab 75:8; Ita 19:24; Ezk 38:22; Yer 25:15; Ivyah 16:19.uwo na we azonywa kuri vino, ni yo burake bg’Imana, yiteguwe idafunguye mu gakarabo k’uburake bgayo. Kand’ azobabarizwa n’umuriro n’amazuku imbere y’abamarayika bera n’imbere ya wa Mwagazi. 11#Yes 34:9, 10; Ivyah 19:3.Umwotsi wo kubabazwa kwabo upfunduka ibihe bitazoshira, kandi ntibaruhuka ku murango no mw ijoro, abasenze ca gikōko n’igishushanyo caco, umuntu wese yemeye gushirwakw ikimenyetso c’izina ryaco. 12#Ivyah 13:10; 12:17.Aho ni ho ukwihangana kw’abera guserukira, bitondera ivyagezwe n’Imana n’ukwizera Yesu.
13 #
Yes 57:2; Heb 4:10; 1 Kor 15:58. Numva ijwi rivuye mw ijuru rimbgira, rit’ Andika, ut’ Uhereye none hahirwa abapfa bapfira mu Mwami. Kandi Mpwemu aravuga, at’ Ego me, ngo baruhuke ubutame bgabo, kukw ibikorwa vyabo bijana na bo bibakurikiye.
Yohana yerekwa isi yimburwa
14 #
Dan 7:13; 10:16; Mat 13:39, 41. Kandi mbona igicu cera; no kuri kino gicu ūkivyagiyeko, asa n’Umwana w’umuntu, yambaye igitsibo c’izahabu mu mutwe, kand’ afise umuhoro ukarishe mu kuboko. 15#Yow 3:13.Umumarayika wundi ava mu rusengero, asemerera n’ijwi rirenga, abgira ūvyagiye kur’ ico gicu, ati N’urungike umuhoro wawe, wimbure, kukw iyimbura rishitse, kand’ ivyimburwa vyo mw isi vyumye. 16Ūvyagiye ku gicu arekurira umuhoro wiwe mw isi, isi irimburwa.
17Umumarayika wundi ava muri rwa rusengero rwo mw ijuru, na we nyene afise umuhoro ukarishe. 18#Yow 3:13.Umumarayika wundi ava ku gicaniro, ni we aganza umuriro, asemerera n’ijwi rirenga, abarira ūfise umuhoro ukarishe, ati Rungika umuhoro wawe ukarishe, uce inzabibu zo ku muzabibu w’isi, kukw inzabibu zawo zirungurije. 19#Ivyah 19:15.Umumarayika arekurira umuhoro wiwe mw isi, aca inzabibu z’umuzabibu w’isi, aziterera mu bgato bunini bg’ukuraka kw’Imana. 20#Yow 3:13; Yes 63:3.Ubgo bgato buganishirizwamw’ ibirenge inyuma ya ca gisagara, amaraso ava mu bgato, ashitsa stadiyo#14:20 stadiyo 1600 ni nk’ibilometero 300. igihumbi n’amajana atandatu, agera ku mijiginya y’amafarasi.
Currently Selected:
Ivyahishuriwe Yohana 14: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967