Ivyahishuriwe Yohana 13
13
Yohana yerekwa ibikōko bibiri
1Gihagarara ku musenyi wo ku kiyaga.
Mbona igikōko ciburuka kiva mu kiyaga, gifise amahembe cumi n’imitwe ndwi: ku mahembe yaco hārih’ imigāra cumi, no ku mitwe yaco hārih’ amazina y’amarogotano.#Ivyah 11:7; 17:3, 9, 12; Dan 7:7. 2#Dan 7:4-6; Ivyah 12:3.Ico gikōko nabonye casa n’ingwe, amajanja yaco yar’ ameze nk’ay’ idubu, akanwa kaco kari kameze nk’ak’ intambge. Ca gisato kigiha ububasha bgaco, no kuja ku ngoma yaco, n’ubutware buhambaye. 3#Ivyah 17:8.Muri ya mitwe yaco mbonamw’ umwe usa n’ūkomeretse akagīrīre: uruguma rwocishe rurakira. Isi yose ikurikira ico gikōko bagitangarira. 4Batazira ico gisato bagisenga, kuko cahaye ico gikōko ububasha bgaco; batazira na kino gikōko bagisenga, bati Ni nde ahwanye n’iki gikōko, kandi ni nde ashobora kukirwanya? 5#Dan 7:8, 11, 25; Ivyah 11:2; 12:6, 14.Gihabga akanwa kavuga ibihambaye n’ivyo kurogota: gihabga n’ubushobozi bgo gushishikara amezi mirongwine n’abiri. 6Giteranura akanwa kaco kirogota ku Mana, kirogota no kw izina ryayo, no kw ihema ryayo, no ku baba mw ijuru. 7#Ivyah 11:7; Dan 7:21.Gihabga kurwanya abera no kubanesha, kandi gihabga gutwara imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose n’amahanga yose. 8#Dan 12:1; Zab 69:28; Yes 53:7; Ivyah 12:12; 3:5; 17:8.Kand’ ababa kw isi bose bazogisenga, umuntu wese atanditswe izina mu gitabo c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama yatanzwe kw ikimazi uhereye ku kuremwa kw’isi. 9Namba har’ umuntu ari n’ugutwi ni yumve. 10#Yer 15:2; Mat 26:52; Ivyah 14:12.Namb’ umuntu yagerewe gufatwa mpiri azofatwa mpiri; namb’ umuntu yicisha inkota akwiye kuzokwicishwa inkota. Aho ni ho ukwihangana kw’abera guserukira bo n’ukwizera kwabo.
11 #
Ivyah 16:13; Mat 7:15. Kandi mbona ikindi gikōko gisokorotse mw isi: gifise amahembe abiri nk’ay’ umwagazi w’intama, kivuga nk’igisato. 12Kiganzisha ububasha bgose bga ca gisato ca mbere mu maso yaco, kigōbēra isi n’abayibako gusenga ca gikōko ca mbere, cakize uruguma rwocishe. 13#Mat 24:24; 2 Tes 2:9, 10; 1 Abam 18:24-39.Kandi gikora ibimenyetso bihambaye, kimanura umuriro uva mw ijuru utibukira kw isi mu maso y’abantu. 14#Gus 13:2-4; Ivyah 19:20.Kizimirisha ababa kw isi ibimenyetso cahawe gukorera mu maso ya ca gikōko, kibarira ababa kw isi gukora igishushanyo ca ca gikōko cari n’uruguma rw’inkota, kigahava kikabaho. 15#Dan 3:5, 6.Gihabga guha ico gishushanyo c’igikōko guhūmēka, ngw ico gishushanyo c’igikōko kivuge, kandi cicishe abatazogisenga bose. 16#Ivyah 19:20.Kigera ko bose, aboroshe n’abahambaye, n’abatunzi n’aboro, n’abidegemvya n’abagurano, bashirwakw ikimenyetso ku kiganza c’i buryo canke mu ruhanga: 17kandi ko hatagira umuntu yemererwa kugira ic’ agura cank’ ic’ ashōra, atar’ ūfise ico kimenyetso, ni co zina rya ca gikōko cank’ igitigiri c’izina ryaco. 18#Ivyah 17:9; 15:2; 1 Abam 10:14; Ezr 2:13.Aho ni ho ubgenge buserukira. Ūfise ubgenge n’aharūre igitigiri c’ico gikōko. N’igitigiri c’umuntu: igitigiri caco n’amajana atandatu na mirongwitandatu na gatandatu.
Currently Selected:
Ivyahishuriwe Yohana 13: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967