Ivyahishuriwe Yohana 12
12
Yohana yerekwa umugore n’igisato c’amahēro
1Ikimenyetso gihambaye kiboneka mw ijuru: umugore yambaye izuba, ukwezi kwari musi y’ibirenge vyiwe, mu mutwe yambaye igitsibo c’inyenyeri cumi na zibiri: 2#Yes 66:7; Mik 4:10.kandi yar’ akuriwe, atura akaborogo, kukw aramutswe, ababazwa n’ibise. 3#Dan 7:7.Mw ijuru haboneka ikindi kimenyetso, igisato c’amahēro gisa n’ikibengebenge, gifise imitwe ndwi n’amahembe cumi, no mu mitwe yaco cambaye imigāra ndwi. 4#Dan 8:10.Umurizo waco ukwega ikigira gatatu c’inyenyeri zo kw ijuru, uzishiburira kw isi. Ico gisato gihagarara imbere y’uwo mugore agira avyare, kugira ngo ni yavyara kirotse umwana wiwe. 5#Yes 66:7; Zab 2:9; Ivyah 19:15.Avyara umwana w’umuhungu, ni we azoragiza amahanga inkoni y’icuma. Umwana wiwe arasahurwa, ajanwa ku Mana no ku ntebe yayo. 6#Mat 2:13; Ivyah 11:2, 3.Umugore ahungira mu bugaragwa, ah’ afise ahantu yateguriwe n’Imana, kugira ngo bamugaburirireyo imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwitandatu.
7 #
Dan 10:13, 21; 12:1. Mw ijuru havyuka intambara. Mikayeli n’abamarayika biwe barwanya ca gisato: igisato kirwanana n’abamarayika baco. 8Ntibatsinda, kandi mw ijuru ahabo ntihaba hakiboneka. 9#Luk 10:18; Ita 3:1, 14; Yoh 12:31; Zek 3:1, 2.Ca gisato c’amahēro kirakororwa, ni co ya nzoka ya mbere, yitwa Murwanizi, irindi ni Satani, ni co kizimiza abari kw isi bose, gikororerwa kw isi, abamarayika baco bakororanwa na co. 10#Ivyah 11:15; Yob 1:11; Zek 3:1; Luk 22:31.Mw ijuru numva ijwi rirenga, riti Noneh’ agakiza karashitse, gashikanye n’ubushobozi n’ubgami bg’Imana yacu n’ububasha bga Kristo wayo: kuk’ Umurezi wa bene Data akororewe hasi, yahora abarega ku murango no mw ijoro imbere y’Imana yacu. 11#Rom 8:37; Ivyah 7:14.Na bo bamuneshesheje amaraso y’Umwagazi w’Intama n’ijambo ryo gushinga intahe kwabo, ntibakunda amagara yabo, ntibanka no gupfa. 12#Yes 44:23; 49:13.Nuko noneho munezerwe mwa majuru, namwe abayabamwo. Ibara rizobonwa n’isi n’ikiyaga, kuk’ Umurwanizi yabamanukiye, ari n’inzigo nyinshi, azi kw afise igihe gito.
13Kandi ca gisato, kibonye yuko gikororewe kw isi, gihīga wa mugore yavyaye umuhungu. 14#Dan 7:25; 12:7.Umugore ahabga amababa abiri y’inkukuma#12:14 inkukuma ni yo mpungu. nini, kugira ngw agurukire mu bugaragwa ahantu hiwe, ah’ agaburirirwa igihe n’ibihe n’igice c’igihe, arindwa ico kiyoka. 15Ico kiyoka gisendanisha amazi nk’uruzi avuye mu kanwa kaco inyuma y’uwo mugore kugira ngo kimutwaze uruzi. 16Isi itabara uwo mugore, yasamika akanwa kayo, imira uruzi ca gisato casendanishije. 17#Ivyah 13:7; 14:12; 19:10; 1 Yoh 5:10; Ita 3:15.Ico gisato kigirira wa mugore inzigo, kirīgīra ngo kirwanye abo mu ruvyaro rwiwe basigaye, bitondera ivyagezwe n’Imana kandi bafise ibishingira Yesu intahe.
Currently Selected:
Ivyahishuriwe Yohana 12: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967