YouVersion Logo
Search Icon

Ab’i Kolosayi 1

1
Indamukanyo
1 # Ef 1:1. Paulo, nagizwe intumwa ya Kristo Yesu n’ukw Imana yabigomvye, na Timoteyo mwene Data, 2#Rom 1:7; Ef 1:2.turabandikiye bene Data bo muri Kristo bera b’abizigirwa, mur’ i Kolosayi. Ubuntu n’amahoro bibe muri mwebge biva ku Mana Data wa twese.
Gushima Imana no gusenga
3 # Ef 1:16; 1 Tes 1:2, 3. Dushima Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, twama tubasengera ubudasība, 4#1 Kor 13:13; Ef 1:15.kuko twumvise ukwizera Kristo Yesu kwanyu, n’urukundo mufitiye abera bose, 5#1 Pet 1:4; Ef 1:13, 18.kubg’ ivyizigirwa mwabīkiwe mw ijuru, ivyo mwumvise kera, mw ijambo ry’ukuri kw’ ubutumwa bgiza, 6#1 Tim 3:16; Ef 1:13.bgābashitseko, nk’uko buri mw isi yose bgama imbuto bugwira: kandi no muri mwebge bugenza burtyo, uhereye wa musi mwumviye mukamenya ubuntu bg’Imana vy’ukuri: 7#Kol 4:12.nk’uko mwigishijwe na Epafura uwo dukunda, umugurano mugenzi wacu, ni we mukozi wa Kristo wo kwizigirwa abagaburira ivya Kristo mu gishingo cacu, 8kandi ni we yatumenyesheje urukundo rwanyu muhabga na Mpwemu.
9 # Ef 1:8, 9, 15-17; Flp 1:9. Ni co gituma natwe, uhereye igihe twavyumviye, tudahengeshanya kubasengera, no kubasabira ngo mwuzuzwe ukumenya ivy’ igomba n’ubgenge bgose no kumenya ivy’ impwemu, 10#Ef 1:17; 2:10; 4:1; Flp 1:27.kugira ngo mugende nk’uko bibereye ab’ Umwami wacu, mumunezereza muri vyose, mwama imbuto mu bikorwa vyiza vyose, mugwizwa no kumenya Imana, 11#1 Kor 1:5; Ef 1:18, 19; 3:16.mushobozwa n’ubushobozi bgose, nk’ukw inkomezi z’ubgiza bgayo ziri, ngo mwihangane rwose, ntimurambirwe, mubigiranye umunezero. 12#Ef 1:11, 18.Mushime Data wa twese yabashoboje kuraganwa n’abera umwandu wo mu muco; 13#Kol 2:15; Luk 22:53; Ef 2:2; 6:12; 1:6.yadukijije ububasha bg’umwiza, atwimurira mu bgami bg’Umwana wiwe akunda. 14#Ef 1:7.Mur’ uwo ni ho dufise ugucungurwa, ni kwo guharirwa ivyaha vyacu.
Kristo uw’ari we, bo n’igikorwa ciwe
15 # Heb 1:3; 2 Kor 4:4; 1 Tim 6:16; Yoh 1:18. Ni we shusho y’Imana itaboneka, ni we mfura mu vyaremwe vyose: 16#Yoh 1:3, 10; Ef 1:10, 21.kuko muri we ari ho vyose vyaremewe, ivyo mw ijuru n’ivyo mw isi, ibiboneka n’ibitaboneka, ur’ intebe z’icubahiro, ur’ ubgami, ur’ ubukuru, ur’ ububasha: vyose vyaremwe na we, biremerwa kuba ivyiwe. 17#Imig 8:25-27; Ef 1:22.We yabayeho vyose bitarabaho, kandi muri we vyose ni ho bifataniye. 18#Ef 1:22; 4:15; 5:23; Ivyak 4:2; 26:23; Ivyah 1:5.Ni we mutwe w’umubiri, ni wo shengero: kandi ni we tanguriro, ni we mfura mu kuva mu bapfuye, kugira ngw abe agaheta muri vyose. 19#Ef 1:23; Kol 2:9; Yoh 1:16.Kukw Imana yahimbawe n’uk’ ukunengesera kwayo kwose kuba muri we: 20#Ef 1:7, 10; 2:13; 1 Yoh 2:2.kandi yahimbawe no kumuha kwuzuza vyose na yo, ar’ ivyo mw isi, ar’ ivyo mw ijuru, izanishije impore amaraso yo ku musaraba wiwe.
21 # Ef 2:1, 12; 4:18; Rom 5:10. Namwe abāri bāratandukanijwe n’Imana kera, mugahindurwa abansi bayo mu mitima yanyu n’ivyo mwakoze bibi, 22#Ef 2:11, 14, 16; 5:27.none yabuzurije na yo mu mubiri wiwe w’umuntu kubg’ urupfu yapfuye, ngw abashikane imbere yayo mur’ abera, mudafise agasembga, mutagira ico mwogawa; 23#Mrk 16:15; 1 Tim 3:16; Ef 3:17; Heb 3:14.asangwa muhora mwizeye, mushinzwe neza mutanyiganyiga, mudatirimuka mu vyizigiro biheshwa n’ubutumwa mwumvise, bgavuzwe mu bāremwe bose bo musi y’ijuru, ubgo jewe Paulo nacikiye umukozi wabgo.
Uko Paulo yafatanije igikorwa na Kristo
24 # Ef 3:1, 13. None nnezererewe amagorwa yanje yo kubganyu, kand’ ivyasigaye ku marushwa ya Kristo nanje ndabishitsa mu mubiri wanje, kubg’ umubiri wiwe, ni wo shengero, 25#Ef 3:2, 7, 8.iryo nacikiye umukozi, nk’uko nahawe n’Imana ububgiriza bgo kugaburira mwebge, kugira ngo nkwize ijambo ry’Imana rishitse, 26#Rom 16:25, 26; Ef 3:3, 5, 9, 10.ni ryo banga ryari ryarahishijwe uhereye kera hose n’ibihe vyose, ariko noneho ryahishuriwe abera bayo, 27#1 Tim 1:1; Rom 16:25; Ef 3:9; 1:18.abo Imana yakunze kumenyesha itunga ry’ubgiza bg’iri banga, rivugwa mu banyamahanga, ni ryo Kristo ari muri mwebge, ivyizigiro vyo kuzoronka ubgiza. 28#Ef 4:13.Natwe ni we twamamaza, duhanūra umuntu wese, twigishisha umuntu wese ubgenge bgose, ngo dushikirize Imana umuntu wese ahīngūriwe muri Kristo: 29#Flp 4:13; Ef 3:7, 20.ico ni co kintamisha, mbirwanira nk’uk’ ubushobozi bgiwe buri, bunkoreramwo bishimitse.

Currently Selected:

Ab’i Kolosayi 1: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in