Bible App logo
Search Icon

Yakobo 5

5
Yakobo ahana abatunzi
1 # Luk 6:24. Enda rero, yemwe batunzi, ni murire muboroge kuko mugira mufutane. 2#Mat 6:19.Ubutunzi bganyu buraboze, impuzu zanyu zirīwe n’inyenzi; 3#Imig 16:27.izahabu n’ifeza vyanyu binyengeterewe n’ingese: ingese zavyo zizoba icabona co kubāgiriza, zizonyengetera imibiri yanyu nk’umuriro. Mwārundanije mu misi y’umuhero. 4#Lew 19:13; Mal 3:5; Gus 24:14; Yes 5:9; Yob 31:38-40.Eh’ ingero z’abashwabuzi bābashwaburiye imirima, izo mwabagunze, zirataka: amaborogo y’abābashwaburiye yinjiye mu matwi y’Uhoraho Nyen’ ingabo. 5#Luk 16:19, 25; Yer 12:3.Mwidibamiye mw isi, mwihaye ibibahimbara: mwifunereje mu mitima ku musi wo gukekagurwa. 6Umugororotsi mwamuciriyekw iteka, muramwica, ntiyabarwanya.
Impanūro yo kwihangana
7 # Gus 11:14; Yow 2:23; Zek 10:1; Yer 5:24; Luk 21:19; Heb 10:36. Nuko bene Data, mwihangane mushitse ah’ Umwami Yesu azozira. Eh’ umurimyi arorēra imirima myiza, ayirīndīra yihanganye, gushitsa ah’ izoronkera imvura y’agatāsi n’iy’ urushana. 8#Heb 10:25; 1 Tes 2:16; 3:13.Nuko namwe mwihangane, mureme mu mitima, kuk’ ukuza kw’Umwami kuri hafi. 9Ntimwidodomberanire, bene Data, kugira ngo ntimucirwekw iteka: eh’ Umucamanza ahagaze ku rugi. 10#Mat 5:12.Abāvugishijwe mw izina ry’Umwami Imana bababere icitegererezo bene Data, co kubabazwa no kwihangana. 11#Dan 12:12; Yob 1:21, 22; Zab 103:8; 111:4.Eh’ abihanganye tubita abahirwe: mwarumvise ukwihangana kwa Yobu, mwabonye ivy’ Umwami Imana yaherutse kumugirira, ingene yuzuye imbabazi no kugira ikigongwe.
12 # Mat 5:34-37. Ariko bene Data, ikiruta vyose, ntimukarahire: ntimurahire ijuru, cank’ isi, cank’ iyindi ndahiro yose; arikw ijambo ryanyu ribe Ego, ego; Oya, oya; kugira ngo ntimucirwekw iteka.
Ubushobozi bgo gusenga
13 # Zab 50:15; Kol 3:16. Muri mwebge ni haba harih’ ūbabaye, n’asenge; namba harih’ ūroraniwe, n’aririmbe ishimwe; 14#Mrk 6:13.muri mwebge namba harih’ ūrwaye, n’atumekw abashingantahe b’ishengero, baze kumusengera, bamusīge amavuta ya elayo mw izina ry’Umwami wacu. 15#Mrk 16:18.Kand’ ugusenga gufatanije n’ukwizera kuzokiza umurwayi, Umwami azomuvyura: kand’ asanzwe yarakoze ivyaha azobiharirwa. 16Mwaturanire ivyaha vyanyu, musengeranire, kugira ngo mukire indwara. Ugusaba kw’umugororotsi kugira ikimazi kuri vyinshi mu gikorwa cakwo. 17#1 Abam 17:1; Luk 4:25; Ivyak 14:15.Eliya yar’ umuntu ameze nkatwe, asaba yinginga ngw imvura ntigwe, imvura imara imyaka itatu n’amezi atandatu itagwa mu gihugu; 18#1 Abam 18:42.yongera gusaba, ijuru rirekura imvura, isi imeza imirima yayo.
19 # Gal 6:1. Bene Data, ni hagira umuntu muri mwebge azimira, akava ku vy’ ukuri, uwundi akamuzimurura, 20#Zab 51:13; Imig 10:12; 1 Pet 4:8.mumenye yuk’ ūzimuruye umunyavyaha, akamukūra mu nzira yiwe yazimiriyemwo, aba amukirije ubugingo urupfu, kand’ aba apfutse ivyaha vyinshi.

Currently Selected:

Yakobo 5: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in