1 Petero 1
1
Indamukanyo
1 #
Yak 1:1. Petero, intumwa ya Yesu Kristo, ndabandikiye abātoranijwe b’inyambukīra zo mu bāsanzariye i Ponto n’i Galatiya n’i Kapadokiya no muri Asiya n’i Bituniya, 2#Rom 8:29; Heb 12:24.mwatoranirijwe mu kweza kwa Mpwemu nk’ukw Imana Data wa twese yabamenye uhereye kera, kugira ngo mwumvire Imana, mucucagirwe amaraso ya Yesu Kristo. Ubuntu n’amahoro bigwire muri mwebge.
Petero ashimira Imana ivyizigiro bizima
3 #
Yak 1:18. Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yatuvyaye ubga kabiri nk’ukw imbabazi zayo nyinshi ziri, kugira ngo tugire ivyizigiro bizima, ituvyaza ukuzuka mu bapfuye kwa Yesu Kristo, 4#Kol 1:12.ngo tuze twegukire umwandu utazobora, utanduye, udakabirana, mwabīkiwe mw ijuru, 5#Yoh 10:28; 17:11; Rom 5:3, 4; Gal 3:23; 1 Kor 2:5.mwebge abazigamwa n’ubushobozi bg’Imana kubg’ ukwizera, muzigamirwa agakiza kāteguwe kuzohishurwa mu gihe c’iherezo. 6#1 Pet 5:10; Heb 12:11; Yak 1:2; 2 Kor 4:17.Ivyo murabinezererwa cane, nah’ ubu ar’ igihe gito mubabazwa n’ibibagerageza vyinshi, kuko bitobura kuza: 7#Imig 17:3; Mal 3:3; Rom 2:7, 10; Yak 1:3.kugira ngo kuramura kw’ukwizera kwanyu (kand’ ukwo kwizera kurusha igiciro izahabu ishira, nah’ ivugutirwa mu muriro ikaramura) kuze kuboneke kuri n’ishimwe n’ubgiza n’icubahiro mu guhishurwa kwa Yesu Kristo. 8#Yoh 17:20; 20:29; 2 Kor 5:7; 2 Tim 4:8.Uwo muramukunda naho mutigeze kumubona; kandi n’ubu, naho mutaramubona, muramwizera, bibatera kunezerwa akanyamuneza k’ubgiza katovugwa, 9#Rom 6:22.mugahabga ikizanwa n’ukwizera kwanyu, ni co gakiza k’ubugingo bganyu.
10 #
Mat 13:17; Luk 10:24. Ivy’ ako gakiza, abāvugishwa n’Imana, ari bo bāvuze ubuntu mwāgira muze muhabge, bārabirondera, bārabisesa, 11#Zab 22:1; Yes 52:13—53:12; Luk 24:26.basesa igihe ic’ ari co n’ibimenyetso vyaco, cerekanwa na Mpwemu wa Kristo yari muri bo, yavuga yātagura ivy’ imibabaro ya Kristo bitaribgabe, n’ivy’ ubgiza bg’uburyo bginshi bgagira buze buyiherukire. 12#Ef 3:10; Luk 2:13.Kandi bāhishurirwa yukw atari bo bavyikorera, ariko kw ari mwebge babikorera; ni vyo none mumaze kubarirwa n’abābabgiye ubutumwa bgiza, bāvugishijwe na Mpwemu Yera yatumwe ava mw ijuru: kand’ ivyo abamarayika bifuza kubirunguruka.
Twahamagawe kuba abera
13 #
Luk 12:35; Ef 6:14. Nuko rero mukenyere mu mitima yanyu, mwirinde ibiboreza, mwizigire rwose ubuntu muzozanirwa mu kuzohishurwa kwa Yesu Kristo. 14#Rom 12:2; Ef 2:3; 4:17.Mumere nk’abana bagamburuka, ntimwishushanye n’ukwifuza kwanyu kwa kera kwo mu gihe c’ukutamenya kwanyu. 15Ariko nk’ukw Iyabahamagaye ar’ iyera, namwe abe ari ko muba abera mu ngeso zanyu zose. 16#Lew 11:44; 19:2; 20:7.Kuko vyanditswe, ngo Mube abera, kuko nanje nd’uwera. 17#Zab 89:26; Yer 3:19; Mal 1:6; Mat 6:9; Rom 2:11.Kandi kw Iyo mwambaza muyita So ari yo icira umuntu wese urubanza rukwiranye n’ivyo yakoze itarobanuye ku cubahiro, mumare igihe co kuba inyambukīra mutinya. 18#Yes 52:3; 1 Kor 6:20; 7:23.Muzi yukw ivyo mwacungujwe ngo muve mu ngeso zanyu z’imburakimazi mwatojwe na ba sogokuruza atar’ ibishira, nk’ifeza cank’ izahabu, 19#Yes 53:7; Heb 9:14.ariko mwacungujwe amaraso y’igiciro kinini, nk’ay’ umwagazi w’intama utagira agasembga cank’ ibara, ni yo ya Kristo. 20#Rom 16:25; Ef 1:4.Uwo yamenywe n’Imana kera, itanguriro ry’isi ritarashirwaho, ariko yerekanywe kw iherezo ry’ibihe kubganyu, 21#Yoh 14:6; Rom 4:24; Kol 1:27.mwebge abo yahaye kwizera Imana, ni yo yamuzuye mu bapfuye ikamuha ubgiza: ni co gituma ukwizera kwanyu n’ivyizigiro vyanyu biba ku Mana.
22 #
1 Yoh 5:1. Nuko rero, ko mwejesheje imitima kwumvira ukuri, kugira ngo mukunde bene Data bitar’ uruheyiheyi, mukovye mu gukundana bivuye mu mitima. 23#Dan 6:26; Yoh 1:13; Yak 1:18.Kuko mwavyawe ubga kabiri, mutavyawe n’imbuto ibora, ariko mwavyawe n’imbuto itabora, mubiheshejwe n’ijambo ry’Imana ririho rigahoraho. 24Kuko,
Abafise umubiri bose basa n’ivyatsi,
Ubgiza bgabo bgose bumeze nk’amashurwe y’ivyatsi;
Ivyatsi birūma, amashurwe agahunguruka,#Yes 40:6, 7; Yak 1:10, 11.
25Arikw ijambo ry’Uhoraho ryamah’ ibihe bidashira.
Kand’ iryo ni ryo jambo ry’ubutumwa bgiza mwabgiwe.#Yes 40:8.
Currently Selected:
1 Petero 1: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967