Yesaya 37
37
Gusenga kwa Hezekiya
1 #
2 Abam 19:1-37. Maz’ umwami Hezekiya avyumvise, yitantamurirakw impuzu ziwe, yambara amagunira, yinjira mu ngoro y’Uhoraho. 2Maz’ atuma Eliyakimu umuzezwarugo, na Shebuna umukarani, n’abakuru bo mu baherezi, bambaye amagunira, k’ūvugishwa n’Imana Yesaya mwene Amosi. 3#Yes 22:5; Hos 13:13.Baramubgira, bati Hezekiya aradutumye, ng’ Uyu musi n’umusi w’umubabaro n’ibihano n’ugushinyagurirwa, ngo Kukw abana bagomba kuvuka, kandi nta nkomezi zo kubavyara. 4#Yes 1:9.Ngo Kumbure Uhoraho Imana yawe yokwumva amagambo ya Rabushake, ayo shebuja umwami w’i Ashuri yamutumye gutuka Imana nzima, Uhoraho Imana yawe akamuhana kubg’ ayo magambo yumvise. Ngo Nuko rero, shirak’ usenge, usabire amasigarira agisigaye. 5Nukw abantu b’umwami Hezekiya bashika kuri Yesaya. 6Yesaya arababgira, at’ Uku abe ari ko mubgira shobuja, mut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Ntutinye ayo magambo wumvise, abo baja b’umwami w’i Ashuri bamurogoseko. 7#Yes 19:14; 37:38.Ngo Rāba, azomushiramw’ uwundi mutima, kand’ azokwumva impuha zitume asubira mu gihugu ciwe; kandi ngw Azomwicishiriza inkota mur’ ico gihugu ciwe nyene.
8Nuko Rabushake asubira inyuma, asanga umwami w’i Ashuri ateye i Libuna; ajayo kuko yari yumvise ko yavuye i Lakishi. 9#Yes 20:5.Bukeye umwami w’i Ashuri yumva bavuga Tiruhaka umwami w’i Etiyopiya, bat’ Araje kugutera. Avyumvise, atuma intumwa kuri Hezekiya, 10#Yes 36:15.mut’ Uku abe ari ko muzobgira Hezekiya umwami w’i Buyuda, mut’ Iyo Mana wishimiye ntiz’ iguhende, ngw I Yerusalemu ntihazotangwa mu maboko y’umwami w’i Ashuri. 11Muti Mbega ntiwumvise ukw abami b’i Ashuri bāgiriye ibihugu vyose, bakabirandura rwose? muti None wewe uzokira? 12#Yes 36:18, 19.Muti Mbeg’ imana z’amahanga, ayo ba sekuru bāranduye, zarakijije ab’ i Gozani n’i Harani n’i Resefu n’Abanyedeni baba i Telasari? 13Mut’ Umwami w’i Hamati ari hehe, cank’ umwami w’i Arupadi, n’umwami w’umurwa w’i Sefaravayimu, n’uw’ i Hena n’uw’ i Iva?
14Bukeye Hezekiya ashikirizwa ico cete n’izo ntumwa, aragisoma; maz’ aradūga, aja mu ngoro y’ Uhoraho, arakigaranzura, agishira imbere y’Uhoraho. 15Nuko Hezekiya asenga Uhoraho, 16#Kuv 25:22.at’ Uhoraho Nyen’ ingabo, Mana y’Abisirayeli, uvyagiye ku bakerubi, ni wewe Mana wenyene y’ibihugu vy’abami bose bo mw isi, ni wewe waremye ijuru n’isi. 17#Dan 9:18.Tega ugutwi Uhoraho, wumve; tereza inyonga zawe, Uhoraho, witegereze; wumve amagambo yose ya Senakeribu yatumye ino kugutuka wewe Mana nzima. 18#Yes 10:13, 14.Uhoraho, n’ivy’ ukuri abami b’i Ashuri bārahoneje ayo mahanga yose n’ibihugu vyayo, 19bātereye imana zabo mu muriro; ariko ntizar’ imana nya mana, zar’ izakozwe n’intoke z’abantu mu biti no mu mabuye; ni co catumye bazihonnya. 20Nuko none, Uhoraho Mana yacu, udukize, udukūre mu maboko yiwe, kugira ngw ibihugu vy’abami bose bo mw isi bamenye kw ari wewe Uhoraho wenyene.
Imana ivugisha Yesaya ibizoba kuri Ashuri
21Maze Yesaya mwene Amosi atuma kuri Hezekiya, ut’ Uku ni k’ Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, agize, ngw Ivyo wamutakambiye ku vya Senakeribu umwami w’i Ashuri, yavyumvise. 22Ut’ Iri ni ryo jambo Uhoraho yamuvuzeko, at’ Umukobga w’inkumi w’i Siyoni aragukēngereye, agutwengeye mw ijigo; umukobga w’i Yerusalemu akuzungurije umutwe. 23Uwo watonganije ukamurogotako ni nde? Ni nde wirahiye akararamango ukamurābana agakēngērwe? Erega ni jewe Uwera w’Abisirayeli. 24#Yes 8:7, 8; 14:8.Watumye abantu bawe kuntuka, jewe Umwami Imana, uravuga, ng’ Udūganye igitero cinshi c’imikogote yawe y’intambara, ushitse mu mpinga z’imisozi, no mu dushōka tw’i Lebanoni; ngo Wiciye ibiti vy’amasederi vyaho birebire, n’ivy’ akajwari vyaho vyiza‐vyiza; ngo Wahanyuragiye ushika ku mpinga yaho hirya cane, no mu biti vyo mw itongo ryaho rimera cane. 25Ngo Wimvye amazi urayanywa; wakamishije inzūzi zo muri Egiputa ubgōro bg’ ibirenge vyawe.
26Mbega ntiwumvise uko nabigenjeje kera, mbigabiye mu bihe vyashize? None narabishikije, kugira ng’ uhonnye ibisagara vyubakiwe inzitiro, ubihindure ibirundo vy’amasakamburira. 27Ni co catumye abābibamwo baba imburamaboko, bagacika ivutu, bakamāramāra; bagacika nk’ubgatsi bgo ku gahinga, nk’ubgatsi bg’urumerera, nk’ivyatsi vyimejeje ku nzu, nk’ingano zirumvye zikir’ ibironge. 28Ariko ndazi imyicarire yawe, n’ amaja n’amaza yawe, n’ingene wanshangashiriwe. 29#Yes 30:28; Am 4:2.None rero kubg’ ubushangashirwe wangiriye, n’uko numvise ivy’ agashamango kawe, nzogutūngīra umurinda wanje mu mazuru, n’umujiginya wanje mu kanwa, ngusubize mu nzira wazananye.
30Ut’ Ariko weho Hezekiya, iki ni co kizokubera ikimenyamenya: uyu mwaka muzorya ivyimejeje ubgavyo, mu mwaka ugira kabiri muzorya utunagano twavyo, mu mwaka ugira gatatu muze mubibe, mwimbure, mutere inzabibu, muziryeko. 31#Yes 27:6.Kand’ amasigarira arokotse yo mu nzu ya Yuda bazokwongera gushōra imizi hasi, ahahera hejuru bahūrike ivyamye. 32#Yes 9:7.Kuko muri Yerusalemu hazosokoroka amasigarira, no ku musozi Siyoni have abārokotse: ishaka ry’Uhoraho Nyen’ ingabo rizoshitsa ivyo.
33Uti Ni co gitumye Uhoraho avuga ivy’ umwami w’i Ashuri, ati Ntazoruha agera mur’ iki gisagara, canke ngw aharase n’umwampi, canke ngw ahatumbereze n’inkinzo, canke ngw aharunde ikirundo co kwūririrako. 34Ut’ Inzira yazananye ni yo nyene izomusubizayo; ntazoruha agera mur’ iki gisagara, ni k’Uhoraho agize. 35#2 Abam 20:6; Yes 31:5.Ut’ Arik’ Uhoraho ngw Azozigama uyu murwa kugira ngw awukize, abikoze kubgiwe no kubg’ umusavyi wiwe Dawidi.
Umumarayika atikiza ingabo z’ Abashuri
36 #
Yes 14:25; 31:8. Maz’ umumarayika w’Uhoraho arasohoka, atera mu nsago z’Abashuri, yicamw’ ingabo ibihumbi ijana na mirongumunani na bitanu: abantu bavyutse mu gatondo basanga ingabo zose ar’ imihindigiti y’imivyimba. 37Nuko Senakeribu umwami w’i Ashuri aca arataha, asubira inyuma, aja kuba i Ninewe. 38Umusi ur’ izina, arikw arasenga mu ngoro y’ikigirwamana ciwe citwa Nisiroki, Adurameleki na Sharezeri abana biwe bamwicisha inkota; baca bahungira mu gihugu c’i Ararati. Maz’ umuhungu wiwe Esarihadoni asubira ku ngoma yiwe.
Currently Selected:
Yesaya 37: RUN1967
Highlight
Share
Compare
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967