Yesaya 36
36
Rabushake yigamba kuri Yerusalemu
1 #
2 Abam 18:13, 17-37. #
2 Ngo 32:1. Mu mwaka ugira icumi na kane umwami Hezekiya ari ku ngoma, Senakeribu umwami w’i Ashuri yaradūze, atera ibisagara vyose vyubakiwe inzitiro vy’i Buyuda, arabitsinda. 2#2 Ngo 32:9; Yes 7:3.Bukeye umwami w’i Ashuri atuma Rabushake ava i Lakishi ajanye ingabo nyinshi, aja i Yerusalemu, ku mwami Hezekiya. Ashitseyo ahagarara ku mugende wo ku kidengeri co haruguru, ku nzira yo ku kibuga c’umumesuzi. 3#Yes 22:15, 20.Maz’ umuzezwarugo Eliyakimu mwene Hilukiya, n’umukarani Shebuna, n’umwanditsi w’ivyaja biraba yitwa Yowa mwene Asafu, barenga irembo baramusanganira. 4Rabushake arababarira, ati Ni mubarire Hezekiya, mut’ Uku ni k’umwami ahambaye, ni we mwami w’i Ashuri, agize: ngo Mbeg’ ivyo vyizigiro wizigiye n’ibiki? 5Ngw Inama yawe n’ inkomezi zo kurwana, erega n’ amajambo y’impfagusa. Ngo Mbeg’ uwo wishimiye ni nde, yatumye umugarariza? 6#Ezk 29:6, 7.Ngw Erega wishimiye ya nkoni y’ irenga rivunitse, ni ryo Egiputa, umuntu yoryishimikiza ryomutobekeranya ikiganza. Ng’ Uko ni ko Farawo umwami wa Egiputa amerera abamwishimiye bose. 7#2 Abam 18:4.Naho mwomubarira ko mwishimiye Uhoraho Imana yanyu: none si yo Hezekiya yakūyeh’ ibitabo vyayo n’ibicaniro vyayo, akabarira Abayuda n’ab’ i Yerusalemu, ati Muze musengere imbere y’iki gicaniro? 8Muti None rero, enda shinga na shebuja umwami w’i Ashuri, muti Na we Rabushake araguha amafarasi ibihumbi bibiri, namba nawe ubgawe woshobora kuronka abo uyūriza. 9#Yes 31:1.Muti None se woshobora ute gukora mu maso y’umugabisha n’umwe wo mu basavyi ba shebuja bo hanyuma y’abandi, mut’ Asangw’ ar’ ukwishimira Abanyegiputa kw ari bo bazoguha imikogote ikwegwa n’ amafarasi n’abo kuyagenderako? 10#Yes 10:5, 6.Muti Mbega yadūze gutera iki gihugu no kukirandura, atari kubg’ Uhoraho? Mut’ Ereg’ Uhoraho ni we nyene yamubariye, ati Dūga utere ico gihugu, ukirandure.
11 #
Ezr 4:7. Maze Eliyakimu na Shebuna na Yowa bishura Rabushake, bat’ Enda se turakwinginze, utubarire mu Gisiriya, kuko tucumva; ariko nta co utubaririra mu Kiyuda mu matwi y’aba bantu bari hejuru ku ruzitiro rw’amabuye. 12Ariko Rabushake arabishura, ati Mbega mugira ngo databuja yantumye kuri shobuja namwe gusa kubabgira aya majambo? Ntiyantumye kur’ aba bagabo bicaranye namwe hejuru ku ruzitiro, kugira ngo barīre amavyi yabo hamwe n’ayo basōvye?
13Maze Rabushake arahagarara, avuga n’ijwi rirenga mu rurimi rw’Ikiyuda, ati Ni mwumve amajambo y’umwami ahambaye, ni we mwami w’i Ashuri. 14#Yes 37:10.Uku ni k’umwami agize, ngo Hezekiya ntabahende; ngo Kukw atazoshobora kubakiza. 15Ngo Kandi Hezekiya ntabizigize Uhoraho, ababarira, ng’ Uhoraho ntazobura kubakiza, kandi ng’ Uyu murwa ntuzotangwa ng’ukorokere mu maboko y’umwami w’i Ashuri. 16Ntimwumvire Hezekiya: kuk’ ukw ari k’umwami w’i Ashuri agize, ngo Kunda mwuzure na we, musokoroke muje iy’ ari, umuntu wese ngw abone kurya ku muzabibu wiwe no ku musukoni wiwe, no kunywa ku mazi yo mw ivomo ryiwe, 17#2 Abam 18:11.ngo Gushitsa igihe azozira akabajana mu gihugu gihwanye n’icanyu, igihugu c’ingano na vino, igihugu c’indya n’inzabibu. 18#Yes 37:12, 13.Ngo Mwiyubare, Hezekiya ntabahende, avuga ng’ Uhoraho azobakiza. Mbega mu mana z’ abanyamahanga hari n’imwe yigeze gukiza igihugu cayo ngo ntigikorokere mu maboko y’umwami w’i Ashuri? 19Ngo Mbeg’ imana z’i Hamati n’izo muri Arupadi ziri hehe? Imana z’i Sefaravayimu ziri hehe? Ngo Mbega zarakijije Samariya ngo ntihakorokere mu maboko yiwe? 20#2 Ngo 32:15.Ngo N’izihe mu mana zose zo mur’ ivyo bihugu zākijije igihugu cazo ngo ntigikorokere mu maboko yiwe, ng’ Uhoraho na we akize Yerusalemu ngo ntihakorokere mu maboko yiwe?
21Maze barihorera, ntibamwishura ijambo na rimwe, kukw ijambo ry’umwami ryari ryavuze, ngo Ntimugire ico mumwishura. 22#Yes 33:7.Hanyuma wa muzezwarugo Eliyakimu mwene Hilukiya, n’ umukarani Shebuna, n’umwanditsi w’ivyaja biraba yitwa Yowa mwene Asafu, baza kuri Hezekiya bitantamuriyekw impuzu zabo, bamudondera amagambo ya Rabushake.
Currently Selected:
Yesaya 36: RUN1967
Highlight
Share
Compare
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967