YouVersion Logo
Search Icon

Yesaya 38

38
Hezekiya yongerwa iyindi myaka yo kubaho
1 # 2 Abam 20:1-11. # 2 Ngo 32:24. Mur’ iyo misi Hezekiya ararwara agera hafi yo gupfa. Bukeye ūvugishwa n’Imana Yesaya mwene Amosi aza kuri we, aramubgira, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Tunganya ivyo mu rugo rwawe, kuk’ ugira upfe, utagikira. 2Maze Hezekiya ahindukiriza amaso ku rusika, asenga Uhoraho, 3#2 Abam 18:5, 6.ati Tegēra, Uhoraho we, ni wibuke ingene nagendera mu vy’ukuri imbere yawe n’umutima utunganye, ngakora ivyo ubona kw ari vyiza. Hezekiya ararira cane. 4Maz’ ijambo ry’Uhoraho rishika kuri Yesaya, 5riti Genda ubarire Hezekiya, ut’ Uku ni k’Uhoraho, Imana ya sogokuruza Dawidi, agize: uti Ngo yumvise ugusenga kwawe, abonye n’amosozi yawe; ut’ Ehe ku misi yawe yongeyekw imyaka cumi n’itanu. 6#Yes 37:35.Uti Kand’ azokurokorana n’iki gisagara, agukūre mu maboko y’ umwami w’i Ashuri; uti Kand’ azozigama iki gisagara. 7#2 Abam 20:9-11.Ut’ Iki ni co kimenyamenya aguhaye, cemeza yukw azoshitsa ico avuze: 8eh’ agira ngw ahēre ah’ igitūtu kigeze ku ntambuko z’urugero rwashinzwe na Ahazi, agisubizanyeyo n’izuba intambuko cumi.
Nukw izuba rigaruka intambuko cumi riva aho ryari rigeze kuri za ntambuko.
9Ibi ni vyo Hezekiya umwami w’Abayuda yanditse, amaze gukira indwara yiwe yari yararwaye.
10 # Zab 102:24. Naravuze, nti Ndakenyutse, ngiye guca mu marembo y’i kuzimu:
Natswe imyaka yanje yar’ igisigaye.
11 # Zab 27:13; 31:22. Ndavuga, nti Sinzobona Uhoraho, Uhoraho mu gihugu c’abariho:
Sinzokwongera kubona umuntu n’umwe wo mu baba mw isi.
12 # Yob 4:20; 6:9; 7:6; 2 Kor 5:1. Inzu yanje ikūweho, imvanyweko nk’ukw ihema ry’ umwungere ritaragama.
Ubugingo bganje ndabuzinze nk’uk’ ūjisha azinga; agira ancācūre ku mambo:
Umusi ugeze kwīra azoba amaze kumpeza.
13Nariyumanganije nshitsa mu gatondo; arikw avunagura amagufa yanje yose nk’ ukw intambge igira:
Umusi ugeze kwīra azoba amaze kumpeza.
14 # Zab 69:3; Yes 59:11. Ndanihīra nk’intamba ijwigira, canke nk’inyanana yānāga,
Nkaniha nk’inuma iguguza; amaso yanje yaheze hejuru;
Uhoraho, ndegeranijwe: nyishinga.
15Novuga ikindi ki kandi? Ni we yavuganye nanje, kandi ni we nyene yabikoze.
Nuko nzogenda niyoroheje mu myaka yanje yose, nibuka umubabaro war’ umeze nk’umururazi mu mutima wanje.
16Mwami, ivyo ni vyo bibeshah’ abantu,
Kandi mur’ ivyo vyonyene ni ho umutima wanje ubonera ubugingo.
Nuko nkiza, umbesheho.
17 # Zab 103:12; 119:75. Ereg’ icatumye ngira umubabaro w’umururazi mwinshi kwar’ ukugira ngo ndonke amahoro;
Kand’ urukundo wakunze ubugingo bganje rwātumye ubukiza urwobo rw’ iborero,
Kukw ivyaha vyanje vyose wabirengeje inyuma yawe.
18 # Zab 6:5; 88:10; Umus 9:10. Kukw i kuzimu hadashobora kuguhimbaza, n’urupfu ntirushobora kugutazira,
Kand’ abamanuka baja muri rwa rwobo ntibashobora kwishimira ukuri kwawe.
19 # Gus 4:9; Zab 78:3, 4. Umuntu muzima, umuntu muzima ni we azoguhimbaza, nk’uko ndiko ndaguhimbaza uyu musi.
Umuvyeyi azomenyesha abana biwe ingen’ ur’ uwo kwizigirwa.
20Uhoraho, nkiza,
Ni co kizotuma turirimba indirimbo zanje tuvugira inanga
Turi mu ngoro y’Uhoraho imisi yose y’ukubaho kwacu.
21Kandi Yesaya yari yaravuze, ati Ni bābīre intore ibumbabumbge mu nsukoni, bayomeke ku kivyimba, kand’ azokira. 22Kandi na Hezekiya yari yarabajije, at’ Ikimenyamenya kizoba iki, cerekana ko nzodūga nkaja mu ngoro y’Uhoraho?

Currently Selected:

Yesaya 38: RUN1967

Highlight

Share

Compare

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in