YouVersion Logo
Search Icon

Yesaya 35

35
Imigisha izoba ku ngoma ya Mesiya
1Ahagadutse n’ubgeranyange hazonezerwa, ubugaragwa buzohimbarwa, bushurike amashurwe nk’aya habaseleti. 2Buzoshurika amashurwe menshi, buhimbaranwe umunezero n’indirimbo; buzohabga ubgiza bg’i Lebanoni, n’ugushaza kw’i Karumeli n’i Sharoni: bazobona ubgiza bg’Uhoraho, ugushaza kw’ Imana yacu.
3 # Yob 4:3, 4; Heb 12:12. Mukomeze amaboko areganutse, mugumishe amavi aregarega. 4Mubgire abahagaritse imitima, muti Rema, nta co mutinya: rāba, Imana yanyu izozanana n’uguhōra, ni kwo kwitura kw’Imana; izoza ibakize. 5#Yes 32:3, 4; 48:21; Mat 11:5; Yoh 5:8, 9; 9:6, 7.Ni ho impumyi zizohumūka, n’ibipfamatwi bizozibūrwa. 6Ico gihe ūcumbagira azosimba nk’ impongo, ururimi rw’ikiragi ruririmbe: kukw amazi azodudubiriza ahagadutse, imigezi itembere mu bugaragwa. 7Kand’ umusenyi uhiye uburimbi uzohinduka ibidengeri, n’ahagataye hazocika amasōko: mu bgishinzo bg’imbgebge, aho zāgandagaza, hazemera ivyatsi n’amarenga n’ imibere. 8#Yes 40:3; 52:1.Kandi hazobay’ inzira y’iroro, iyo nzira izokwitwa Inzira Yera. Abanduye imitima ntibazoyicamwo, arikw izoba iy’ abantu biwe. Abayicamwo, naho hobamw’ ibijuju, ntibazozimira. 9#Lew 26:6.Nta ntambge izohaba, nta gikōko na kimwe c’inkazi kizoyigeramwo, ntibizoyibonekamwo: arikw abācunguwe ni bo bazoyicamwo. 10#Yes 51:11; 65:19.Abācunguwe n’ Uhoraho bazogaruka, bashike i Siyoni baririmba; umunezero udashira uzoba ku mitwe yabo: bazobona uguhimbarwa bo n’ umunezero, kand’ umubabaro n’ ugusuhuza umutima bizohunga.

Currently Selected:

Yesaya 35: RUN1967

Highlight

Share

Compare

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in