Yesaya 34
34
Amateka azocirwa amahanga, no kugesera kwa Edomu
1Mwa mahanga, ni mwīgire hafi kugira ngo mwumve; mutege amatwi mwa moko mwe; isi ni yumve, bo n’ibiyuzuye; n’ivu n’ibirimeramwo. 2Kuk’ Uhoraho ashangashiriwe amahanga yose, akaba arakiye ingabo zayo zose, arabagesheje rwose, arabagabuye ngo bicwe. 3#Yow 2:20.Abishwe babo bazoshiburirwa hirya, umunuko w’imivyimba yabo uzoduhuka, imisozi izojegeshwa n’ ibitenga vy’amaraso yabo. 4#Yow 2:31; Mat 24:29; Ivyah 6:13, 14.Ingabo z’inyenyeri zo kw ijuru zose zizokamangana, kand’ amajuru azozingirwa hamwe nk’umuzingo w’igitabo, n’izo ngabo zayo zose zizokabirana, nk’ukw akaragarira kava ku muzabibu, kandi nk’ ukw akaragarira kava ku musukoni. 5#Yes 63:1-6; Yer 49:7-22; Mal 1:2-4.Kukw inkota yanje inyoye mw ijuru igahāga; non’ igira igwe ku Banyedomu, no ku bantu navumye, ngw ibahane. 6#Zef 1:7.Inkota y’Uhoraho yuzuyekw amaraso, ihāze ibinure, amaraso y’imyagazi y’intama n’impene, n’ibinure vyo ku mafyigo y’amasuguru y’intama; kuk’ Uhoraho yifitiye ikimazi i Bosira, n’ukugeseza gukomeye mu gihugu ca Edomu. 7Imbogo zizogwa hamwe na vyo, amashūri hamwe n’amapfizi; igihugu cabo kizoborerwa amaraso, n’ivu ry’i wabo rizohāga ibinure. 8#Yes 61:2.Kuk’ uwo musi ari wo wo guhōra kw’ Uhoraho, n’umwaka wo kubasubiriza mu nkōko ku vyo bāgiriye Siyoni. 9Imigezi yaho izohinduka kaburimbi, n’ivu ryaho rizohinduka amazuku; kand’ igihugu caho kizohinduka kaburimbi yaka. 10#Yes 66:24; Ivyah 14:11; 19:3.Ntikizozimwa ku murango no mw ijoro, umwotsi waco uzopfunduka ibihe bidashira; kizohora ar’ amatongo uk’ urunganwe rwabo ruzogenda rukurikirana: kandi nta wuzogicamwo gushitsa ibihe bitazoshira. 11Arikw inkongori n’ibinyogoto ni vyo bizocegukira, ibihuna n’ibikona na vyo bizokibamwo; azohageresha umugozi, ni wo bitongozi, na karisho,#34:11 karisho: rāba Yes 28:17. ni ko gusigara ubusa. 12Bazohamagara abashingantahe b’ico gihugu ngo bimike umwami, ariko nta bazoba bariho; kand’ abaganwa baho bose bazoba bacitse ubusa. 13#Yes 13:21, 22; 32:13.Ingoro zaho zizomeramw’ amahwa, n’ibihome vyaho bizomeramw’ ibisuru n’ibitovu; hazoba ubgishinzo bg’ imbgebge n’inama y’ibisīga vyitwa imbuni. 14Ibikōko vyo mu bugaragwa bizohūrirayo n’amabingira, n’igisigo c’impfizi y’impene kizohamagarana na mugenzi waco, mbere n’ikinyejoro kizohagerēra, kihibonere uburuhukiro. 15Ni ho imvuvyi izokwigirira umwimba, ihatere amagi, ihamenagurire, ikumakumire musi y’igitūtu cayo: mber’ aho ni ho ibinyakabaka bizokoranira, ikigore cose kiri kumwe n’ikigabo caco. 16Ni murondere mu gitabo c’Uhoraho musome: nta na kimwe co mur’ ivyo kizobura, nta kigore kizobura ikigabo caco, kukw akanwa kiwe ari ko kabigeze, kand’ impwemu ziwe akaba ari zo zibikoranije. 17#Zab 78:55.Yabipfindiye ubupfindo, kand’ ukuboko kwiwe ni kwo kwahabigaburiye n’umugozi; bizohegukira gushitsa ibihe vyose, bihabe ukw ibihe bihaye ibindi.
Currently Selected:
Yesaya 34: RUN1967
Highlight
Share
Compare
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967