YouVersion Logo
Search Icon

Yesaya 32

32
Ubugororotsi buzoba mu gihe kizoza
1 # Yes 11:1-4; Yer 23:5. Rāba, umwami azoganza mu bugororotsi, n’abaganwa bazotwaza imanza ziroranye. 2#Yes 4:6; 25:4.Kandi mur’ abo, uw’ ari we wese azoba nk’aho kwikinga umuyaga, n’ubgugamo bg’ikirura; azoba nk’ inzūzi z’amazi ahantu hagadutse, kandi nk’igitūtu c’igitandara kinini mu gihugu kiruhisha. 3#Yes 29:18.Amaso y’ababona ntazoba agihwihwisha, kand’ amatwi y’abumva azokwumviriza neza. 4Umutima w’ūhutikiranya uzomenya ubgenge, n’ururimi rw’abagigimiza ruzotobora neza ibirashe. 5Igipfapfa ntibazoba bakimwita umupfasoni, kand’ uwigungirako ntibazoba bakimwita umunyabuntu. 6Kukw igipfapfa kivuga ivy’ ubupfu, umutima wiwe ugakora ivy’ ukugabitanya, ngw akore ibihumanya, avuge ibigoramye k’ Uhoraho, akarekerana ūshonje inzara, n’ūfise inyota akamwima ico anywa. 7Kand’ ibikoreshwa vy’uwigungirako ni bibi: agira akazikira k’ikibi ko kuzikiriza abagorwa n’amagambo y’ibinyoma, naho hoba umukene afise urubanza. 8Arik’ umunyabuntu imigabo yiwe n’ukugira ubuntu, kand’ ukwo kugira ubuntu azogushishikara.
9 # Am 6:1. Yemwe bagore bidibamiye, ni muve hasi, mwumve ijwi ryanje; yemwe bakobga b’ibidage, ni mutegere amatwi amajambo yanje. 10Muzomara imisi irenze umwaka muhagaritse imitima, yemwe mwa bidage mwe, kukw imyengo izobura, kandi nta kwimbura kuzobaho. 11Hinda agashitsi, yemwe bagore bidibamiye; hagarika imitima, yemwe mwa bidage! Mwiyambure impuzu, mwīsige ubusa, mukenyere amagunira mu rukenyerero. 12Bazokwishishitira bababajwe n’amatongo yabanezereza, n’imizabibu yaregeza. 13#Yes 7:25; 24:11, 12; Yer 2:24.Mu gihugu c’abantu banje hazomera amahwa n’imikēre; mbere bizomera no ku mazu yose banezererwamwo yo ku murwa w’umunezero; 14kukw ingoro izohebga, umurwa bahora bayebanganako uzoba imisaka; umusozi n’umunara w’abateramyi bizohinduka amasenga gushitsa ibihe bidashira, bizoba aho guhimbara indogoba z’inyeshamba, hazoba ubgatsi bg’imikuku; 15#Yes 29:17; 35:1; Yow 2:28.gushitsa aho Mpwemu azodusukirwako avuye hejuru, ubugaragwa bugacika itongo rimera cane, kand’ itongo ryamera cane rikitwa ishamba. 16Maz’ ukuroranya kuzotsindaza mu bugaragwa, n’ubugororotsi buzoba mw itongo rimera cane. 17#Zab 72:3; Yak 3:18.Ubugororotsi buzovyara amahoro, kand’ ubugororotsi buzozana ugutekereza n’ivyizigiro gushitsa ibihe bidashira. 18Kand’ abantu banje bazoba mu ngo z’amahoro, no mu mazu bahabe amarembe, no mu buruhukiro butagira inkomanzi. 19#Yes 26:5; Zek 11:2.Arik’ urubura ruzotsinda ikibira hasi, igisagara gisangangurwe rwose. 20#Yes 30:23, 24.Murahiriwe, yemwe ababiba mu biyaya vy’ amazi yose, mukarekura inka n’ indogoba kugenda umwagambo.

Currently Selected:

Yesaya 32: RUN1967

Highlight

Share

Compare

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in