Yesaya 31
31
Agakiza kava ku Mana ntikava muri Egiputa
1 #
Zab 20:7; Yes 1:4; 30:2; 36:9. Bazobona ibara, abamanuka baja muri Egiputa gutabaza, bakishimira amafarasi, bakizigira imikogote ikwegwa n’ amafarasi kukw ari myinshi, bo n’abagendera ku mafarasi kukw ar’ abanyenkomezi nyinshi, ariko ntibashire umutima ku Wera w’Abisirayeli, kandi ntibarondere Uhoraho. 2Ariko rero na we azi ubgenge, azozana ivyago kandi ntazokwivuguruza, arikw azohagurukira inzu y’inkozi z’ibibi, bo n’abatabara abakora ivy’ ukugabitanya. 3#Yer 17:5.Yamara rero Abanyegiputa s’Imana, n’abantu buntu; n’amafarasi yabo s’impwemu, n’ ay’ umubiri gusa: maz’ Uhoraho ni yabāngura ukuboko kwiwe, ūtabaye azotsitara, kandi n’ūtabawe azotemba, bose bahindikirane hamwe. 4Kuk’ ukw ari k’Uhoraho ambariye, ati Nk’ukw intambge, cank’ umugunza w’intambge igwangwarira ku co yishe, iy’ abungere benshi batabajwe kurwana na yo, ntikangwe n’amajwi yabo, kandi ntiteshwe n’urwamo rwabo, uko ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo azomanurwa no kurwanira ku musozi Siyoni no ku mutumba waho. 5#Zab 91:4.Nk’ukw inyoni zizengerera hejuru y’ivyari vyazo, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo azorinda Yerusalemu; azoharinda ahakize, azohaca hejuru aharokore. 6#Yes 1:5; 30:15.Yemwe Bisirayeli, ni muhindukirire uwo mwagararije ruhebga. 7#Yes 30:22.Maze kur’ uwo musi umuntu wese azoshibura ibigirwamana vyiwe vy’ifeza, n’ibigirwamana vyiwe vy’izahabu, ivyo mwacurishije intoke zanyu kubabera icaha. 8#2 Abam 19:35.Ni ho Abashuri bazokwicwa n’inkota itar’ iy’ abantu, kand’ inkota itar’ iy’ abantu izobarya: bazohunga iyo nkota, kand’ imisore yabo izohinduka abagurano. 9#Gus 32:31; Yes 11:10; 30:33.Igitandara cabo kizokūrwaho no gucika ivutu, kand’ abaganwa babo bazokwihebeshwa n’ibendera, ni k’Uhoraho agize, afise umuriro wiwe i Siyoni, akagira itanure ryiwe i Yerusalemu.
Currently Selected:
Yesaya 31: RUN1967
Highlight
Share
Compare
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967