YouVersion Logo
Search Icon

Yesaya 28

28
Iteka rizocirwa kuri Samariya na Yerusalemu
1Igitsibo c’ubgibone bg’ababorewe b’Abefurayimu kizobona ibara, bo n’ishurwe ry’ ubgiza bg’icubahiro ciwe rikabiranye, riri ku mutwe w’ikiyaya kimera cane c’abatsindwa na vino, na ryo rizobona ibara. 2#Yes 8:7; 30:30; Ezk 13:11.Rāba Uhoraho afise umunyenkomezi w’ubushobozi; ni we azobatūra hasi n’inkomezi, nk’akabushungwe k’urubura, nk’ikirura gitikiza, nk’ugusendanisha kw’amazi y’inkomezi ashēshe. 3Igitsibo c’ubgibone bg’ababorewe b’Abefurayimu kizosiribangwa, 4kandi n’ishurwe ry’ubgiza bg’icubahiro ciwe rikabiranye, riri ku mutwe w’ikiyaya kimera cane, na ryo rizomera nk’insukoni y’isega, ici ritarasohora: ūyikubise ijisho, akiyishikana mu ntoke akayiyongobeza ako kanya. 5Kur’ uwo musi Uhoraho Nyen’ ingabo azobera abantu biwe b’amasigarira igitsibo c’icubahiro n’umugāra w’ubgiza: 6#1 Abam 3:28.n’uwicaye aca imanza azomubera umutima uca iziroranye, kand’ azobera inkomezi abasubiza urugamba inyuma y’ amarembo. 7#Imig 20:1; Hos 4:11.Ariko n’Abayuda na bo baradandabagiranywa na vino, bakubishwa iserere n’ibiboreza; umuherezi n’ūvugishwa n’Imana baradandabagiranywa n’ ibiboreza, vino irabamaze, bakubishwa iserere n’ibiboreza; iyo bakiriko barērekwa baradandabagirana, iyo bakiriko baraca imanza barazunguzwa. 8Kukw ameza yose yuzuyekw ibirutsi n’ishishi, ata hantu hasigaye. 9#Yer 6:10.Uyo azokwigisha nde ubgenge? Kand’ azotahuza ubutumwa nde? Mbega n’abacūtse n’abavuye kw ibere? 10Kukw ivyiwe ar’ ibgirizwa ku rindi, ibgirizwa ku rindi, n’umurongo ku wundi, umurongo ku wundi, hamwe tumwe, ahandi utundi. 11#1 Kor 14:21.Noneho rer’ Uhoraho azovuganira n’ubu bgoko mu kanwa katumvikana no mu rurimi rundi; 12#Yes 30:15.ari bgo yari yarabariye, at’ Uku ni kwo kuruhuka, mureke ūrushe aruhuke; aha ni ho buruhukiro: ariko banka kwumva. 13#Yes 8:15.Ni co gituma kuri bo ijambo ry’Uhoraho rizobabera ibgirizwa ku rindi, ibgirizwa ku rindi, n’umurongo ku wundi, umurongo ku wundi, hamwe tumwe, ahandi utundi; kugira ngo bagende, bagwe bagaramye, bavunagurike, bategwe, bafatwe.
14Nuko rero ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwa bacokoranyi mwe, baganza ubu bgoko bur’ i Yerusalemu! 15Ko muvuga, muti Twasezeranye isezerano n’ urupfu, kandi twemeranije n’i kuzimu; mut’ Icago ni casendanisha kigahita mu gihugu, muti Ntikizodushikako; muti Kuko twironkeye ubuhungiro mu binyoma, tukaba tunyegeye musi y’ ubugunge: 16#Ita 49:24; Rom 9:33; Ef 2:20; 1 Pet 2:6.ni co gitumye Umwami Uhoraho avuga, ati Rāba, ndashira i Siyoni ibuye ryo kuba itanguriro, ibuye ryagejejwe, ari ryo ryo kugumya imfuruka, riri n’igiciro, rishikamye cane; kand’ uwizera ntazohutagiza. 17Kand’ imanza ziroranye ni zo nzogira umugozi ugera, n’ubugororotsi nzobugira karisho:#28:17 karisho n’akagozi karikw akabuye bageresha mu kwubaka nko mu buryo bga nivo. urubura ruzovumbura ubgo buhungiro bg’ibinyoma, kand’ amazi azosendanisha aho hantu ho kwinyegeza. 18Maz’ isezerano mwasezeranye n’urupfu rizopfa, kand’ inyemero mwemeranije n’i kuzimu ntizohama; arikw icago ni casendanisha kigahita mu gihugu, ni ho kizobasiribangira hasi. 19Uko kizoba gihita kwose kizobafata; kuko kizokwama gihita uko bukeye, ku murango no mw ijoro, kandi gutahura bga butumwa kuzozana gucika ivutu gusa. 20Kuk’ uburiri ari bugufi umuntu atoshobora kuburamvyako, kand’ ikirago kikaba akaberere umuntu atoshobora kuciyorosa. 21#Yos 10:10-14; 2 Sam 5:20.Kuk’ Uhoraho azohaguruka nk’uko yahagurutse ku musozi Perasimu, azoraka nk’uko yarakiye mu kiyaya c’i Gibeyoni; akore igikorwa ciwe, igikorwa ciwe c’igitangaza, ashitse igikorwa ciwe, igikorwa ciwe c’akumiza. 22#Yes 10:23.None rero mureke kuba abacokoranyi, kugira ngw imvuto murimwo ntizirushirize gukanasha; kuko numvise yukw ivyo Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo yagabiye ar’ ugutikiza igihugu cose.
23Ni mutege amatwi, mwumve ijwi ryanje; mwumvirize, mwumve amajambo yanje. 24Mbeg’ umurimyi avyiririra kuzobiba, yama avyirira na ntaryo? Mbega yama avyirira agakubita imvyirire na ntaryo? 25Iy’ amaze kuyikuma ntahava akamija uburo, akabiba izitwa kumino, akabiba ingano mu mirongo, na sayiri akayibiba aho yayitunganirije, akabiba n’izitwa kusemeti ku rubibe rwaho? 26Kukw Imana yiwe imwereka neza, ikamwigisha. 27Kuk’ uburo budahūzwa imihini ifise ubugi, na kumino ntihūzwa no gutembagazwako ikurudumu y’umukogote; arik’ uburo buhūzwa umuhini, na kumino ihūzwa ikibando. 28Mbeg’ impeke z’umutsima mu gusekura barazimenagura? Ereg’ umuntu ntiyokwama arazihūra: mbere naho yozitembagazako ikurudumu y’umukogote wiwe n’amafarasi yiwe, yirinda kutazimenagura. 29#Yes 9:6; Yer 32:19.Ivyo na vyo biva k’Uhoraho Nyen’ ingabo, umujanama w’igitangaza, w’ubgenge bg’agahebuza.

Currently Selected:

Yesaya 28: RUN1967

Highlight

Share

Compare

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in