Yesaya 25
25
Yesaya yerekwa ugucungurwa kuzoza
1 #
Kuv 15:2; Zab 107:31, 32. Ewe Uhoraho, ni wewe Mana yanje; nzogushira hejuru, ntazire izina ryawe; kuko wakoze ibitangaza, ivyo wagabiye uhereye kera, ur’ uwo kwizigirwa n’uw’ ukuri. 2#Yes 17:1; Yer 51:37.Kuko wahinduye igisagara ibirundo vy’ amasakamburira, igisagara cubakiwe inzitiro wakigize amatongo, ingoro z’abanyamahanga watumye zitakiba igisagara, ntikizokwongera kwubakwa kugeza ibihe vyose. 3Ni co kizotuma ubgoko bg’ inkomezi bukwubaha, igisagara c’amahanga y’agaterabgoba kizogutinya. 4#Yes 4:6; 32:2; Nah 1:7.Kuk’ umugorwa wamubereye igihome, wabereye igihome umukene mu vyago vyiwe, ukababera ubgugamo mu gihuhuta, n’igitūtu mu ndugumba, iy’ inkūbi y’abantu b’ agaterabgoba imeze nk’igihuhuta cisuka ku nzu. 5Nk’ukw indugumba yo mu gihugu kigadutse ikūrwaho, ni k’uzozibiza urwamo rw’abanyamahanga; nk’ukw indugumba ikūrwaho n’igitūtu c’igicu, ni k’uzozibiza ivyivugo vy’abantu b’agaterabgoba. 6#Zab 63:5; Yes 2:2, 3.Kandi kur’ uyu musozi Uhoraho Nyen’ ingabo azohategurira amahanga yose amazimano y’inyama zinuze, amazimano ya vino y’umukāka, inyama zinuze zuzuye imisokōro, na vino y’umukāka imiminnye neza. 7#Yes 22:8; 2 Kor 3:15.Kur’ uyu musozi ni ho azoherengetereza icitwikiro c’ukugandara catwikiriye amoko yose, n’icitwikiro gitwikiriye amahanga yose. 8#Yes 1:20; 30:19; Hos 13:14; 1 Kor 15:54; Ivyah 7:17.Urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe vyose; kand’ Umwami Uhoraho azohanagura amosozi ku maso ya bose; n’ ubumāramāre bgo ku bantu biwe azobukūra kw isi yose; kuk’ Uhoraho ari we abivuze.
9 #
Ita 49:18; Zab 9:14. Nuko kur’ uwo musi bizovugwa, ngw Eh’ iyi ni yo Mana yacu; ni yo twari turorereye, na yo iradukiza: uyu ni we Uhoraho; ni we twari turorereye; duhimbarwe, tunezererwe agakiza kiwe. 10#Yob 40:12; Yes 15:1.Kuk’ ukuboko kw’Uhoraho kuri kur’ uyu musozi, ariko Mowabu hazohonyangirwa ahantu haho, nk’ukw ivyatsi bihonyangirwa mu kiziba c’amaganga. 11Kandi hazosānza amaboko hagati muri co, nk’uk’ uwoga asānza amaboko ngo yoge: arikw azotsindagira hasi ubgibone bgaho, bo n’ubugunge bg’amaboko yaho. 12#Yes 26:5.Kand’ igihome kirekire kigukīngīra c’inzitiro zawe z’amabuye azogisangangura, agitsinde hasi, agishitse mw ivu, mbere no mu mukungugu.
Currently Selected:
Yesaya 25: RUN1967
Highlight
Share
Compare
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967