YouVersion Logo
Search Icon

Yesaya 23

23
Imbūri yo kuri Tiro
1 # Ezk 26:2—28:24; Yow 3:4-8; Am 1:9, 10; Zek 9:2-4. Imbūri yo kuri Tiro. Boroga, yemwe māto y’i Tarushishi: kukw i Tiro hageseye, bigatuma ata mazu akiriho, ata n’aho gutaha; izo nkuru bazibgiwe zivuye mu gihugu c’i Kupuro. 2Ni mujorerwe, mwa baba mu kizinga co mu kiyaga, mwa badandaza b’i Sidoni, mwahora muca mu kiyaga, 3#Yer 2:18; Ezk 27:3-23.ku mazi menshi; inyungu zanyu zar’ impeke zivuye kuri Shihori, n’ivyimburwa vyo kuri Nili; mwabaye abadandaza b’amahanga. 4Ewe Sidoni māramāra; kukw ikiyaga kivuze, igihome co ku kiyaga kiravuze, kiti Sinaramutswe, sinavyaye, kandi sinonkeje abahungu, sinareze n’abakobga. 5Inkuru ni yashika muri Egiputa bazobabazwa cane n’izo nkuru zivuye i Tiro. 6Ni mujabuke muje i Tarushishi; muboroge, mwa baba mu kizinga co mu kiyaga. 7Mbeg’ iki ni ca gisagara canyu c’umunezero, camyeh’ uhereye imisi ya kera cane, cagendesha amaguru kure kugerērayo? 8#Yes 2:12.Ni nde yagabiye kugirira Tiro ivyo, kand’ ar’ igisagara cambika ibitsibo, abadandaza baho bakaba abahambaye, n’abahanjo baho bakaba ar’ abanyacubahiro mw isi? 9Uhoraho Nyen’ ingabo ni we yabigabiye, kugira ngw akengereze ubgibone bg’ icubahiro cose, kandi ngw agayishe abanyacubahiro bose bo mw isi. 10Sendanisha mu gihugu cawe nk’uko Nili rusendanisha, wa mukobga w’i Tarushishi, kukw ata kikikubujije. 11Yabānguye ukuboko hejuru y’ikiyaga, anyiganyiza ibihugu vy’abami; Uhoraho agera ivy’ i Kanani ngo bakomvomvore ibihome vyaho. 12Aravuga, ati Ntugisubira kunezerwa, wa nkumi y’i Sidoni yononekaye; va hasi ujabuke uje i Kupuro, kandi n’iyo na ho ntuzoharonka uburuhukiro. 13Ni murābe igihugu c’Abakaludaya: ubgo bgoko ntibukiriho; Abashuri bahahinduye ah’ ibikōko vyo mu bugaragwa. Bashinga ivyo būririrako, basambura ingoro zaho; bahaca amatongo. 14#Yes 23:1.Boroga, mwa māto y’i Tarushishi: kukw igihome canyu gisanganguwe.
15 # Yer 25:11. Maze kur’ uwo musi i Tiro hazokwibagirana imyaka mirongwirindwi, ihwanye n’imisi umwami umwe yomara ku ngoma; iyo myaka mirongwirindwi ni yashira, ibizoba kuri Tiro bizomera nk’ivyo mu kavyino ka maraya. 16Abira inanga ugendagende mu gisagara, wewe maraya wari waribagiranye; ucurarange neza, uvyine utuvyino twinshi kugira ngo wibukwe. 17#Ivyah 17:1, 2.Nukw iyo myaka mirongwirindwi ni yashira Uhoraho azogendera i Tiro, hasubire ku mpēra y’ubumaraya bgaho, hasambane n’ibihugu vy’ abami bose bo mw isi. 18Inyungu n’impēra vyaho bizoba ivyera k’Uhoraho; ntibizobīkwa kandi ntibizoshirwa ukwavyo, kukw inyungu zaho zizoba iz’ abahora imbere y’Uhoraho, kugira ngo barye bahāge, baronke n’imyambaro myiza.

Currently Selected:

Yesaya 23: RUN1967

Highlight

Share

Compare

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in