Yesaya 22
22
Imbūri yo kuri Yerusalemu
1Imbūri yo ku kiyaya c’ ukwerekwa. Noneh’ ubaye ute, abantu bawe bose ko būriye ku mazu hejuru? 2Wewe wuzuye urwamo, wa murwa w’imivurungano, wa gisagara cihaya, abishwe bo mu bawe kw atar’ abishwe n’inkota, kandi ntibagwe mu rugamba! 3Abākuganza bose ko bahungiye hamwe, bagafatanwa imiheto, kand’ abahizi bawe bose bakaba bafatiwe mpiri hamwe, naho bāri bahungiye kure! 4#Yer 9:1.Kubg’ ivyo ndavuga, nti Ni murābe irya, munkūrekw amaso, mureke ndire nitunturire; ntimwigore ngo muranyirura umubabaro mfitiye ukunyagwa kw’i Yerusalemu umukobga w’ubgoko bgacu; 5#Yes 2:12.kukw ar’ umusi w’ubgihebure n’ugusiribangwa n’ukuzazanirwa, uvuye ku Mwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, mu kiyaya co kwerekwa; hariho gusangangura inzitiro z’amabuye, n’ amaruru ashika ku misozi miremire. 6Abelamu bapfukūye imitana, Abaramu baje bagendera ku mafarasi, kand’ ab’i Kiri basokoroye inkinzo. 7Maze mu biyaya vyawe vyiza‐vyiza huzuramw’ imikogote, kand’ abagendera ku mafarasi batonda urugamba kw irembo ry’igisagara. 8#1 Abam 7:2; 10:17.Agukūrakw igitwikirizo, yewe Yuda, ng’ uve i marwi; maz’ uwo musi ujarajara ibirwanishwa vyo mu nzu yitwa iy’ Ikibira.#22:8 Iyo nzu yitwa iy’ Ikibira n’uko yarimw’ inkingi z’ubushakākwe: rāba 1 Abam 7:2-5. 9#2 Ngo 32:5; Neh 3:16.Mubona ibirengero vy’ibizitiriye umurwa wa Dawidi kw ari vyinshi; mugomera amazi yo mu kidengeri co hepfo. 10Muharūra amazu y’i Yerusalemu, amazu muyasambura kugira ngo mukomeze uruzitiro. 11#2 Abam 20:20; 25:4; 2 Ngo 32:3, 4; Yes 5:12.Amazi yo mu kidengeri ca kera muyacira urugomero hagati y’inzitiro zompi: ariko ntimwasubiza ijisho ku wari yarakoze ivyo, kandi ntimwashira umutima ku wabiremye kera cane. 12Kur’ uwo musi Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo yahamagariye abantu kwiririra no kwiborogera no kwimosha inkomvorera no gukenyera amagunira: 13#Yes 56:12; 1 Kor 15:32.yamara bashiraho kwinezereza no guhimbarwa, kubāga inka no kubāga intama, kurya inyama no kunywa vino: bati Ngo twīrīre, twinywere, kukw ejo tuzopfa. 14#1 Sam 3:14.Maz’ Uhoraho Nyen’ ingabo yihishurira mu matwi yanje, arambgira, ati N’ukuri, ivyo bigabitanyo ntimuzopfa muvyogejwe ngo bibaveko, ni k’Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo agize.
Shebuna abūrirwa ibizoba
15 #
2 Abam 18:18, 26, 37; 19:2; Yes 36:3. Uku ni k’Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo agize: ati Genda kuri wa mubgiriza Shebuna, ari we muzezwarugo, umubaze, 16#Mat 27:60.ut’ Urakora iki ngaho? uti Kand’ uri kumwe na nde ngaho ko wiyimbiye imva aho nyene? uti Ko wiyimbiye imva ahahera ruguru, ukībāzira ubugaramango mu gitandara! 17Uti Rāba, Uhoraho azogushiburana inkomezi ugwe kure, wa munyagakēngērwe we, mber’ azokuzingazinga rwose! 18#Yes 36:9.Uti N’ukuri azokugira itu, akuraririze nk’ umupira, ugwe mu gihugu cāgutse; ut’ Aho ni ho uzogwa, kandi ni ho imikogote yawe y’icubahiro izogangarara, wa gatētereza k’inzu ya shobuja. 19Nzokunyaga ububgiriza bgawe, kand’ uzosubizwa hasi ukūrwe mu bukuru bgawe. 20#2 Abam 18:18.Kur’ uwo musi nzohamagara umusavyi wanje Eliyakimu mwene Hilukiya, 21mmwambike umwambaro wawe, mmukenyeze umukanda wawe, mmushikirize ubutware bgawe; kand’ ababa i Yerusalemu n’ab’ inzu ya Yuda azobabera se. 22#Ivyah 3:7.Kand’ urupfunguzo rw’inzu ya Dawidi nzorushira ku bitugu vyiwe; kand’ azokwugurura ntihagire uwugara, azokwugara ntihagire uwugurura. 23#Ezr 9:8; Umus 12:11.Nzomushimangira nk’umusumari ahantu hagumye, azobera inzu ya se intebe y’icubahiro. 24Maze bazomusakārakw icubahiro cose c’inzu ya se, bene wabo n’ibiryango‐ryango, akabumbano kose gato, uhereye ku tubumbano tw’utwavya ugashitsa ku tubumbano tw’utubindi. 25Kur’ uwo musi, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, uwo musumari washimangiwe ahantu hagumye uzoshingūka; kand’ uzogazagurwa ukoroke, n’ibiremereye vyari kuri wo bizomenagurika; kuk’ Uhoraho abivuze.
Currently Selected:
Yesaya 22: RUN1967
Highlight
Share
Compare
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967