YouVersion Logo
Search Icon

Yesaya 21

21
Imbūri yo ku bugaragwa buri ku kiyaga
1 # Zek 9:14. Imbūri yo ku bugaragwa buri ku kiyaga. Nk’ukw agashururu ko mu gihugu c’i bumanuko gasuriranya, ni ko biza bivuye mu bugaragwa, mu gihugu giteye ubgoba. 2#Yes 13:17; 24:16; 33:1.Ivyerekanywe bikomeye ndabihishurirwa; abaryarukanyi bariko bararyarukana, abanyazi bariko baranyaga. Yemwe b’i Elamu, ni mudūge mutere, namwe Bamedi, mubate hagati! Ukwitsa umutima kwabo kwose ngira nkurangize. 3Ni co gitumye ikiyunguyungu canje cuzuye uburibge, ngafatwa n’ibise nk’ibise vy’umugore ari ku nda; ndaribga bituma ntashobora kwumva, ubgihebe bg’ubgoba butumye ntashobora kubona.
4 # Gus 28:67. Umutima wanje urahuzagizwa, mpundagajwe n’ubgoba: ijoro nari nifuje ryampindukiye agatengo. 5#Yer 51:39.Batunganya ameza, bagashirah’ abashibamyi, bakarya bakanywa. Haguruka, mwa baganwa, musīge inkinzo amavuta! 6Kuk’ ukw ari k’Umwami Imana ambariye: ati Genda ushireh’ umushibamyi, az’ avuge ico yabonye. 7Ni yabona umuce w’ingabo, ar’ abagendera ku mafarasi bagenda ari babiri‐babiri, cank’ ar’ abagendera ku ndogoba, cank’ ar’ abagendera ku ngamiya, az’ abange amatwi yumvirize cane. 8#Hab 2:1.Maz’ avuga nk’intambge, ati Mwami, nama nirirwa mpagaze ku munara wo gushibamako, kandi ngakesha ijoro ku rubu rwanje: 9#Yer 50:2; 51:8; Ivyah 14:8; 18:2.non’ ehe haje umuce w’ingabo zigendera ku mafarasi bagenda ari babiri‐babiri. Arongera aravuga, ati Babuloni harakomvomvowe, harakomvomvowe; n’ibishushanyo bibājwe vyose vy’ibigirwamana vyaho bihindikiraniye hasi bivunaguritse. 10#Yer 51:33; Am 1:3.Ewe wa muhūre wanje, ewe mpeke zo ku mbuga yanje! Ivyo numvise bivuye k’Uhoraho Nyen’ ingabo, Imana y’Abisirayeli, ni vyo mbabariye.
Imbūri yo kuri Duma
11 # Ita 36:8; Ezk 35:2. Imbūri yo kuri Duma. Harih’ ūmpamagara ar’ i Seyiri, ati Yewe mushibamyi, ijoro rigeze hehe? Yewe mushibamyi, ijoro rigeze hehe? 12Wa mushibamyi aramwishura, ati Bugira buce, kandi bgongere bgire: ni mwagomba kubaza, mubaze; muhindukire muze.
Imbūri yo kuri Arabiya
13 # Ita 37:25. Imbūri yo kuri Arabiya. Yewe wa gugu ry’Abadedani, mw ishamba ryo muri Arabiya ni ho muzorāra. 14Uwishwe n’inyota bamuzaniye amazi, ababa mu gihugu c’i Tema basanganije izo mpunzi ivyo kurya. 15Kuko bāriko barahunga inkota, inkota zisokōwe, n’imiheto ifoye, n’ivyago vy’intambara. 16#Yes 60:7; Ezk 27:21.Kuk’ ukw ari k’Umwami Imana ambariye: at’ Umwaka utarashira, urīmbūye umwaka nk’uw’ umucangero, icubahiro cose c’i Kedari kizoshira; 17#Yes 1:20.n’amasigarira yo mu gitigiri c’ abarashi b’abahizi b’Abakedari bazoba imparūrwa; kuk’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli ari we abivuze.

Currently Selected:

Yesaya 21: RUN1967

Highlight

Share

Compare

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in