YouVersion Logo
Search Icon

Yesaya 20

20
Imbūri zo kuri Egiputa na Etiyopiya
1 # 2 Abam 18:17. Umwaka Taritani yatereyemw’ ahitwa Ashidodi, agomowe na Sarigoni umwami w’i Ashuri, akaharwanya akahatsinda, 2#1 Sam 19:24; Mik 1:8.ico gihe ni ho Uhoraho yavugiye muri Yesaya mwene Amosi, aramubgira, ati Genda ukenyurure igunira ukenyeye mu nda, ukūre n’inkweto mu birenge vyawe. Abigenza artyo, agenda yambaye ubusa, atagira n’inkweto. 3#Yes 8:18.Maz’ Uhoraho aravuga, ati Nk’uk’ umusavyi wanje Yesaya amaze imyaka itatu agenda yambaye ubusa atagira n’inkweto, akabera Egiputa na Etiyopiya ikimenyetso n’imbūri; 4#2 Sam 10:4; Yes 19:4; Mik 1:11.uko ni k’umwami w’i Ashuri azojana abo muri Egiputa ar’ inyagano, n’abangajwe bo muri Etiyopiya, abato n’abakuru, bazogenda bambaye ubusa batagira n’ inkweto, n’amatako yabo ar’ ubusa, bimāramāze Egiputa.
5 # 2 Abam 18:21; Yes 30:3, 5. Kandi bazokwihebura bamāramāre, kubga Etiyopiya bari bizigiye, no kubga Egiputa birātana. 6Kur’ uwo musi ababa mur’ iki kiyaya c’ikiyaga bazovuga, bat’ Eh’ ivyo twizigira ingene bibaye, tukahaziga ko twohahungiye, bikadutabara ngo dukire umwami w’i Ashuri! None twebge tweho tuzokwikiza dute?

Currently Selected:

Yesaya 20: RUN1967

Highlight

Share

Compare

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in