YouVersion Logo
Search Icon

Yesaya 18

18
Ubutumwa bgo kuri Etiyopiya
1Ewe wa gihugu c’amababa ahinda, kiri hakurya y’inzūzi za Etiyopiya, 2gituma intumwa zica mu kiyaga zigenda ku mazi ku bitebo vy’inkorogoto, kiti Ni mugende mwa ntumwa z’impayamaguru, muje mw ihanga ry’ abantu barebare b’imibiri iyagayaga, ubgoko bgamye butera ubgoba uhereye ubga mbere ugashitsa n’ubu; ihanga rikomeye risiribanga vyose, ryo mu gihugu kigabanijwe n’inzūzi. 3Yemwe ababa mw isi mwese, yemwe abagandagaje mw isi, ni mwabona ibendera imanitswe ku misozi miremire, muze mwiyubare, kand’ inzamba ni yavuga, muze mwumvirize. 4Kuk’ ukw ari k’Uhoraho yambariye, ati Nzokwinumira, nitegereze ndi mu buruhukiro bganje, mmere nk’indugumba irimw’ ibikēke iy’ izuba ryatse, mmere nk’igipfungu c’urume mu ndugumba yo mw iyimbura. 5#Ezk 31:3, 12, 13.Kukw iyimbura ritaragera, ishurwe rihunguye, uruzabibu rutanguye kubūndūra, udushami tujondajonda azodukereza urukero,#18:5 urukero ni rwo nyabuhoro. n’amashami agasaye azoyaca ayakūreho. 6Bazocurikirana hamwe babe ab’ ibisīga vy’amero vyo ku misozi miremire, n’ibikōko vyo mw isi: ivyo bisīga vy’amero bizobamarakw ici, n’ibikōko vyo mw isi bizobamarakw agatāsi. 7#2 Sam 7:13; Zab 68:31; Zef 3:10.Ico gihe Uhoraho Nyen’ ingabo azoshikanirwa ishikanwa n’ubgo bgoko bg’abantu barebare b’umubiri uyagayaga, ubgoko bgamye butera ubgoba uhereye ubga mbere ugashitsa n’ ubu; ihanga rikomeye risiribanga vyose, ryo mu gihugu kigabanijwe n’inzūzi; iryo shikanwa rizoshikanirwa ahantu h’izina ry’Uhoraho Nyen’ ingabo, ni ho ku musozi Siyoni.

Currently Selected:

Yesaya 18: RUN1967

Highlight

Share

Compare

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in