Yesaya 16
16
1 #
2 Abam 3:4. Abaganza igihugu, ni murungike ingorore z’imyagazi y’intama muzikūye i Sela, muzicishe mu bugaragwa, muzirungike ku musozi w’umukobga w’i Siyoni. 2Kuko nk’ukw inyoni ziyerēra icāri gisambutse, ni kw abakobga b’i Mowabu bazomera ku vyambu vya Arunoni. 3Tugīre inama, uduhanure, ku murango w’amaminangohe utubere igitūtu kimeze nk’ijoro: uhishe abirukanywe, kandi n’inyererezi ntuz’ uzigonyorere. 4#1 Sam 22:3.Abirukanywe banje ubemere babe i wawe: kand’ ab’ i Mowabu ubabere ubuhungiro ku babanyaga. Umunyagahahazo ni yahindurwa ubusa, ukunyaga kugashira, kand’ abasiribanga abantu bagaherengetera mu gihugu, 5#Zab 89:14; Yes 32:1; Dan 7:14, 27; Luk 1:33.ni ho intebe y’ubgami izoshimangirwa n’imbabazi, kandi hazobah’ ūzoyivyagirako mu kuri, mu nzu ya Dawidi, ar’ umucamanza ashishikara izibereye, akabanguka gukora ivy’ ukugororoka.
6 #
Yer 48:29, 30. Twumvise ubgībone bg’i Mowabu, ko hībona cane: twumvise n’ukwishira hejuru kwaho n’ubgībone bgaho n’agakēngērwe kaho: arik’ ukwīrārīra kwaho n’ukw’ ubusa. 7Ivyo ni vyo bizotuma Abanyamowabu baborogera Mowabu, umuntu wese azoboroga: muzorizwa n’amarobe y’inzabibu y’i Kiri‐hareseti mwihebuye rwose. 8#Yer 48:32.Kukw imirima y’i Heshiboni iravye, bo n’uruzabibu rw’i Sibuma; abami b’amahanga bāvunaguye amashami yarwo meza‐meza: yar’ ashitse n’i Yazeri, agakakariza mu bugaragwa; amashami yarwo yaragasaye ajabuka n’ikiyaga. 9Kubg’ ivyo nzoririra uruzabibu rw’i Sibuma, nk’ukw ab’ i Yezeri baruririra. Nzogutotesha amosozi yanje, yewe Heshiboni, nawe Eleyale: kukw akarūru k’intambara kavugiye ku vyeze vyawe vyo mu ci no ku vyimburwa vyawe. 10#Yer 48:33.Akanyamuneza n’ibihimbaro bīkūwe mw itongo rimera cane; nta kuririmba kuzoba mu ruzabibu, cank’ ijwi ry’umunezero; nta mukānyi azokānyira vino mu bgato: akayego k’abakānyi ndakajibije. 11Umutima wanje ucurira intimba Mowabu nk’inanga, no mu nda yanje har’ intimba y’i Kiri‐heresi. 12#1 Abam 18:29; Yes 15:2.Kand’ Abanyamowabu ni barasuka, bakaja kwigorera mu bitabo, bakaja mu bigabiro ngo basenge, nta co bizobamarira.
13Iryo jambo ni ryo Uhoraho yari yaravuze kuri Mowabu mu bihe vyashize. 14Ariko noneho, Uhoraho avuze, ngw Imyaka itatu itarashira, urīmbūye imyaka nk’iy’ umucangero, icubahiro c’i Mowabu kizokēngērwa bo n’ishengero ryaho ryose rikomeye, kand’ amasigarira azoba ar’ inkehwa rwose, ata co bamaze.
Currently Selected:
Yesaya 16: RUN1967
Highlight
Share
Compare
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967