YouVersion Logo
Search Icon

Yesaya 1

1
Uhoraho abūranya abantu biwe
1 # 2 Abam 15:32—16:20; 18:1—20:21; 2 Ngo 26:1—32:33; Yes 7:1-12; 36:1—39:8. Ivyo Yesaya mwene Amosi yeretswe, ivyo yabonye ku b’i Buyuda n’i Yerusalemu, ku ngoma ya Uziya no ku ya Yotamu no ku ya Ahazi no ku ya Hezekiya, abami b’i Buyuda.
2 # Gus 4:26; 32:1, 15. Ni mwumve, mwa majuru, tega amatwi, wa si we, kuk’ Uhoraho abivuze: ati Narakujije abana, ndabarera, maze barampinduka. 3Inka irazi nyeneyo, n’indogoba irazi ubgato bga shebuja: arikw Abisirayeli bo nta co bazi, abantu banje nta co batahura. 4#Yes 5:24; Ezk 14:5.Ewe wa hanga rikora icaha, ubgoko buremerewe n’ukugabitanya, uruvyaro rw’inkozi z’ibibi, abana b’ivyanke! Barantaye, jewe Uhoraho, barankengēra, jewe Uwera w’Abisirayeli; twārahubanywe, bāsubiye inyuma.
5 # Yer 2:30; 5:3. Mbega n’ubu muracadaramīra ngo mukubitwe, ko mwiyongeranya kugarariza? Umutwe wose urarwaye, umutima wose uradendebukiwe. 6Uhereye mu bgoro bg’ikirenge ugashitsa ku mutwe nta hazima hariho, atar’ inguma n’ibipfupfuri n’imishishagu, bitigeze gukandwa canke gupfukwa canke kubombekeshwa amavuta.
7 # Gus 28:51; Yes 6:11, 12. Igihugu canyu n’amatongo, ibisagara vyanyu vyakomvomvowe n’umuriro, abanyamahanga babaryana igihugu canyu mubona, kandi cacitse amatongo nk’ahakomvomvowe n’abanyamahanga koko. 8#Yob 27:18.Umukobga w’i Siyoni asigaye ameze nk’umutara uri mu ruzabibu, ameze nk’urusago ruri mu ndimiro y’imyungu, ameze nk’igisagara gitawe hagati n’abansi. 9#Ita 19:24; Rom 9:29.Iyaba Uhoraho Nyen’ ingabo atadushigarije amasigarira na makeya, tuba twarabaye nk’i Sodomu, tukamera nk’i Gomora.
10Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge abaganza i Sodomu; mutegere amatwi ivyagezwe vy’Imana yacu, mwa bantu b’i Gomora. 11#Imig 15:8; Yer 6:20.Ibimazi vyanyu vy’isinzi bimmariye iki? ni k’Uhoraho abaza. Ati Mpāze ivyo bimazi vyoshejwe vy’amasuguru y’intama, n’ibinure vy’ibitungwa bivyibushe; kandi simpimbarwa n’amaraso y’amashūri n’ay’ imyagazi y’intama n’ay’ amasuguru y’impene. 12Iyo muje kunshengerera, ni nde aba yābabariye gupfa kunkandagirira mu rugo? 13#Lew 23:36; Guh 28:9, 11; Yow 2:15.Ntimukongere kunshikanira amashikanwa atagira ikimazi: imibavu n’igisesema kuri jewe; imboneko z’amezi n’amasabato no gukoranya ibikorane — eka sinshobora kwihanganira amakoraniro y’agahebuza avanze n’ibigabitanyo! 14Uko muziririza imboneko z’amezi n’imisi mikuru mwashiriweho, umutima wanje urabizinutswe; birangoye, ndambiwe kuvyihanganira. 15#1 Abam 8:22; Mik 3:4.Ni mwatega amaboko yanyu nzobahisha mu nyonga hanje; mbere naho mwosenga amasengesho menshi sinzobumviriza: amaboko yanyu yuzuyekw ibitenga vy’amaraso.
Uhoraho ahanura Abayuda ngo bahindukire, abaharire.
16 # Zab 34:14; Yer 4:14; 22:3. Ni mwiyuhagire, mwitunganye, mukūreh’ ibibi vyo mu bikorwa vyanyu bive mu nyonga zanje; mureke gukora ibibi, 17mwige gukora neza; mushimikire imanza zibereye, mutabare abahahazwa, mucire urubanza impfuvyi, mubūranire abapfakazi.
18 # Zab 51:7; Yes 43:26. Enda ni muze, twītātūre, ni k’Uhoraho agize; nah’ ivyaha vyanyu vyotukura tukutuku, bizokwera derere nka shelegi;#1:18 shelegi n’ikintu coroshe cera, gikoroka hasi nk’imvura, gikanye cane. naho vyotukura nk’agahama, bizohinduka nk’ubgoya bg’intama y’umwero. 19Ni mwemera mukumvira, muzorya ivyiza vyo mu gihugu. 20#Yes 40:5; Mik 4:4.Na ho ni mwanka mukagarariza, inkota izobarya: kukw akanwa kanje Uhoraho ari ko kabivuze.
21 # Yer 2:20; 31:23. Eh’ ukuntu umurwa wizigirwa ucitse maraya; ahāhora huzura imanza ziroranye, hakaba i wabo w’ubugororotsi, none hasigaye ar’ ah’ abicanyi. 22Ifeza zawe zihindutse inkamba, vino zawe zihindutse imihwanyo. 23#Yer 5:28; Mik 7:3; Zek 7:10.Abakuru bawe n’abagarariji, n’abagenzi b’ibisuma; umuntu wese muri bo akunda ingurire, akurikira guhongerwa; ntibacira urubanza impfuvyi, kand’ imanza z’abapfakazi ntizigera aho bari.
24 # Ita 49:24. Ni co gituma Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, Inyenkomezi y’Abisirayeli, avuga, at’ Erega nzotururuzwa n’ukwīhōra abarwanizi banje, kand’ abansi banje nzobasubiriza mu nkōko! 25#Ezk 22:20.Nzogufatisha ukuboko kwanje, ngukūremwo rwose inkamba zawe, nkumaremw’ urwevu rwawe rwose. 26#Zek 8:3.Nzosubizah’ abacamanza bawe nk’ubga mbere, n’abajanama bawe nko mu matangura; uheze witwe igisagara c’ubugororotsi, umurwa wizigirwa. 27I Siyoni hazocunguzwa guca iziroranye, abīsubiyemwo baho bazocunguzwa ukugororoka. 28Arikw abacumura n’abanyavyaha bazotikirizwa rimwe, kand’ abataye Uhoraho bazohona. 29#Yes 57:5; 65:3; Hos 4:13, 19.Kuko muzomāramāzwa n’ibiti vy’imyeloni mwishimiye, kandi muzokwumizwa n’ibigabiro mwashimye; 30#Yer 17:7, 8.kuko muzomera nk’umweloni uravye amababi, canke nk’ikigabiro kitagira amazi. 31Umunyenkomezi azohinduka nk’ibisūsūrwa, n’igikorwa ciwe nk’ isase ry’umuriro; vyompi bizohīra hamwe, kandi nta wuzobizimya.

Currently Selected:

Yesaya 1: RUN1967

Highlight

Share

Compare

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in