YouVersion Logo
Search Icon

Yesaya 2

2
Ibizoba ku musi w’Uhoraho
1Ijambo Yesaya mwene Amosi yeretswe ku b’i Buyuda n’i Yerusalemu.
2 # Mik 4:1-3. # Yes 56:7. Mu misi y’iherezo umurwa wubatswekw ingoro y’Uhoraho uzogasara ku mpinga z’imisozi, uzoshirwa hejuru y’iyindi mirambi; kand’ amahanga yose azosendanisha aja kuri wo. 3#Zek 8:20-23; Luk 24:47.Amoko menshi azojayo, abarirane, ati Ni muze tudūge, tuje ku murwa w’Uhoraho, ku ngoro y’Imana ya Yakobo, kugira ngw itwigishe ivy’ inzira zayo, natwe tuzigenderemwo; kukw i Siyoni ari ho hazova ivyagezwe, n’i Yerusalemu hakava ijambo ry’Uhoraho. 4#Zab 72:7; Zek 9:10.Azocira imanza amahanga, atātūre amoko menshi; inkota zabo bazozivunjamw’ amasuka, n’amacumu bazoyavunjamw’ inkero;#2:4 inkero ni zo nyabuhoro. nta hanga rizobangurira irindi hanga inkota, kandi ntibazokwiga kurwana ukundi. 5Yemwe ab’ inzu ya Yakobo, ni muze tugendere mu muco w’Uhoraho.
6 # Gus 18:14; 2 Abam 1:2; 16:7, 8, 11, 12. Kukw abantu bawe, ari bo nzu ya Yakobo, wabahebeshejwe n’uko buzuyemw’ imigenzo ivuye i burasirazuba, bakaragura nk’Abafilisitiya, kandi bakifatanya n’abana b’abanyamahanga. 7Igihugu cabo na co cuzuye ifeza n’izahabu, kand’ ubutunzi bgabo n’isinzi; igihugu cabo cuzuye n’amafarasi, imikogote yabo n’ibitayega. 8#Yer 2:28.Igihugu cabo cuzuye n’ibigirwamana; basenga ivyakozwe n’amaboko yabo, intoke zabo ubgabo ari zo zabikoze. 9Abantu bazosubizwa hasi, abahambaye bacishwe bugufi; nawe ntuz’ ubaharire. 10#2 Tes 1:9.Injira mw isenga, wihishe mu mukungugu, uhunge ubukare bg’Uhoraho, n’ubgiza bg’icubahiro ciwe. 11Kurābana agakēngērwe kw’abantu kuzocishwa bugufi, n’ubgibone bg’abahambaye buzosubizwa hasi, Uhoraho wenyene ni we azoba ashizwe hejuru kur’ uwo musi. 12#Yob 40:11, 12.Kuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo afitiye umusi ivyibona vyose n’ivyivuna, n’ivyishira hejuru vyose, kandi bizocishwa bugufi. 13#Zek 11:1, 2.Uwo musi uzoba no ku biti vy’amasederi vy’i Lebanoni vyose birebire vyishira hejuru, no ku vy’imyeloni vy’i Bashani vyose, 14no ku misozi miremire yose, no ku misozi yose yishira hejuru, 15no ku munara wose ushizwe hejuru, no ku ruzitiro rurerure rwose rw’amabuye, 16#1 Abam 10:22.no ku māto yose y’i Tarushishi, no ku bishushanyo vyose binezereza. 17Kand’ agakēngērwe k’abantu kazosubizwa hasi, n’ubgibone bg’abahambaye buzocishwa bugufi, Uhoraho wenyene ni we azoba ashizwe hejuru kur’ uwo musi. 18Ibigirwamana bizoherengetera rwose. 19#Hag 2:6.Kand’ abantu bazokwinjira mu masenga yo mu bitandara, no mu vyobo vyo mu kuzimu, bahunga ubukare bg’Uhoraho, n’ubgiza bg’icubahiro ciwe, ah’ azohaguruka gutigitisha isi. 20#Yes 30:22; 31:7.Kur’ uwo musi umuntu azoshibura ibigirwamana vyiwe vy’ifeza, n’ibigirwamana vyiwe vy’izahabu, ivyo bamucuriye ngw abisenge, abishiburire amafuku n’ubuhungarema; 21aje mu masenga yo mu bitandara, no mu bihoro vyo mu bitandara nyene, ahunga ubukare bg’Uhoraho, n’ubgiza bg’icubahiro ciwe, ah’ azohaguruka gutigitisha isi. 22#Ita 2:7.Ni mureke kwishimira abantu, abari n’impwemu gusa mu mazuru yabo: mbega bamaze iki?

Currently Selected:

Yesaya 2: RUN1967

Highlight

Share

Compare

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in