Hoseya 5
5
Ingen’ Imana izohanira Abisirayeli ivyaha vyabo
1 #
Hos 9:8. Ni mwumve ibi, yemwe baherezi, kandi mwumvirize namwe ab’ inzu ya Isirayeli, mutege amatwi yemwe ab’ inzu y’umwami, kuk’ urubanza ari mwebge rutsinze; kuko mwabereye i Misipa umutego, mukabera i Tabora ururiba rutezwe. 2#Zab 50:21; Hos 9:9, 15.Abagarariji biyongeranije cane kwica: ariko nzobahana bose. 3#Am 3:2; 5:12.Efurayimu ndamuzi, kandi Isirayeli na we ntanyihishije: erega wakoze ivy’ ubusambanyi, ewe Efurayimu, Isirayeli na we yarihumanije. 4#Yes 59:2.Ibikorwa vyabo ntibizobakundira kugaruka ku Mana yabo: kukw impwemu y’ubumaka iri muri bo, kandi ntibazi Uhoraho. 5#Hos 7:10.Ubgibone bga Isirayeli ni bgo bumwagiriza imbonankubone: ni co kizotuma Isirayeli na Efurayimu bazotemba mu bigabitanyo vyabo, kandi na Yuda bazotemba hamwe. 6#Yes 1:11; Hos 9:12.Bazojana imikuku yabo n’amasho yabo baja kurondera Uhoraho, ariko ntibazomubona! Azoba yitandukanije na bo. 7Bāryarutse Uhoraho, kuko bāvyaye abana b’ibivyarwa; erega mu kwezi kumwe bazotikizanywa n’imirima yabo.
8 #
Yer 4:5. Muvugirize inzamba i Gibeya, n’urumbete i Rama: muvugirize akarūru i Betaveni; ngah’ inyuma yawe, Benyamini! 9Efurayimu azosigara ar’ imbura ku musi wo guhanwa: namenyesheje imiryango y’Abisirayeli ibitazobura kubaho. 10#Gus 19:14.Abaganwa b’i Buyuda bahwanye n’abashingūra akarimbi k’urubibe: nzobasukak’ uburake bganje nk’amazi. 11#Gus 28:33; Hos 7:11; 12:1.Efurayimu arahahajwe, avungavunzwe n’iteka aciriweko, kuko yahurumbiye inyuma y’ibinyoma. 12#Yob 13:28.Ni co gituma mmereye Efurayimu nk’ inyenzi ku mpuzu, n’inzu ya Yuda nk’ibungwe. 13#2 Abam 15:19; Yes 1:5, 6; Hos 14:3.Igihe Efurayimu yabonye indwara yiwe, na Yuda abonye uruguma rwiwe, ni ho Efurayimu yagiye muri Ashuri, agatuma ku mwami Yarebu; yamara ntazoshobora kubakiza, canke ngw avūre uruguma rwabo. 14#Hos 13:7.Kuko nzomerera Efurayimu nk’intambge, n’inzu ya Yuda nk’ umugunza w’intambge: jewe, jewe nyene nzotabagura, nīgīre; nzogenda nsēngēse, kandi nta wuzonyaka. 15#Yes 26:16; Yer 29:10-12.Nzogenda nisubirire i wanje, kugeza aho bazokwemerera igicumuro cabo, bakarondera mu nyonga hanje: babonye ivyago bazoca bandonderana umwete.
Currently Selected:
Hoseya 5: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967