Hoseya 6
6
Imana ihinyuza ukwihana kw’imirenzako
1 #
Yes 30:26; Hos 14:1. Enda ni muze, dusubire k’Uhoraho, kukw ari we yadutabaguye kandi ni we azotuvūra; ni we yadukubise kandi ni we azodusomōra. 2#Zab 71:20; Luk 24:27, 44.Imisi ibiri ishize azoduhēmbūra: ku musi ugira gatatu azoduhagurutsa, tube bazima imbere yiwe. 3#Hos 4:6; 14:5; Yow 2:23; Mik 5:2.Enda tumenye Uhoraho, tugire umwete wo kumumenya; nk’uk’ umutwenzi ata cowubuza kuza, ni ko na we azoza: azotuzako nk’imvura, nk’ imvura y’umutasuro inyosheje hasi.
4 #
Yer 2:2; Hos 11:8; 13:3. Ewe Efurayimu, mbega nkugire nte? Nawe nyene Yuda, ndakugire nte? Kuk’ urukundo munkunda rumeze nk’igipfungu co mu gatondo‐tondo, kandi nk’ urume ruta mu kanya gato. 5#Yer 23:29; Heb 4:12.Ni co gituma nzobatemagurisha abavugishwa nanje; nzobicisha amajambo yo mu kanwa kanje; kand’ imanza mbaciriye zizokwira hose nk’umuco. 6#1 Sam 15:22; Mat 9:13; 12:7.Ereg’ imbabazi ni zo ngomba, s’ibimazi, n’ukummenya jewe Imana, kuruta ibimazi vyoshejwe. 7#Gus 17:2; Yob 31:33; Hos 5:7.Ariko bo, bishe isezerano nka Adamu: aho ni ho bāndyarukiye. 8Gileyadi n’igisagara c’inkozi z’ibibi, cayoberanijwe n’amaraso. 9Nk’ukw ibitero vy’abambuzi biryamira umuntu, ni k’umurongo w’abaherezi wicira abantu mu nzira ija i Shekemu: bakora ivy’ ubugesera. 10Mu nzu ya Isirayeli nahabonye ikintu c’ubuyobe: aho ni ho habonekeye ubusambanyi muri Efurayimu, ni ho Isirayeli yahumaniye. 11#Yob 42:10; Zab 126:1; Yow 3:13.Kandi nawe, Yuda, urindirijwe igihe c’iyimbura, igihe nzogarukana abantu banje bajanywe ar’ inyagano.
Currently Selected:
Hoseya 6: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967