YouVersion Logo
Search Icon

Hoseya 4

4
Ingene Abisirayeli bihumanije
1 # Yes 3:13; Yer 25:31; Mik 6:2. Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe Bisirayeli: ereg’ Uhoraho afitaniye imibūrano na ben’ igihugu, kukw ata kuyoboka kuri mu gihugu, cank’ imbabazi, cank’ ukumenya Imana. 2#Hos 7:1.Nta kindi kiriho, atar’ ukurahira n’ukubesha n’ukwica n’ukwiba n’ugusambana, no kumena amazu, n’ amaraso ahōrwa ayandi. 3#Yes 24:4; Yer 4:28; Yow 1:10, 18; Zef 1:3.Ni co gituma igihugu kirira, abakibamwo bagahondobera, bo n’ibikōko vyo mw ishamba n’ibisīga vyo mu kirēre; mbere n’amafi yo mu kiyaga na yo agakamangana. 4#Gus 17:12.Ariko nta muntu abirwanya, nta wubihana: kuk’ ubgoko bgawe ata co batandukanyeko n’abaherezi baho. 5Uzotsitara ku murango, umuvugishwa na we atsitarane nawe mw ijoro: kandi nzokwica nyoko. 6#Imig 1:29; Yes 5:13; Yer 23:39.Abantu banje baranduwe no kutagira ubgenge: wewe ko wataye ubgenge, nuko nanje nzoguta, ntuzoba ukiba umuherezi wanje; ko wibagiye ivyagezwe vyanje, Imana yawe, nanje nzokwibagira abana bawe. 7#Mal 2:9.Uko bākomeje kugwira, ni ko bārushirije kuncumurako; icubahiro cabo nzogihindura ibitētērwa. 8Ivyaha vy’abantu banje ni vyo vyo kurya vyabo; bashira imitima ku bigabitanyo vyabo. 9#Yes 24:2.Nuko nk’uko bimeze ku banyagihugu, ni ko bizomera ku baherezi: nzobahana kubg’ ingeso zabo, mbasubirize mu nkōko ivy’ ibikorwa vyabo. 10#Hag 1:6.Maze bazorya ntibahāge, basambane ntibagwire: kuko bampemukiye, jewe Uhoraho. 11#1 Abam 11:4.Ubusambanyi na vino n’umubira wayo bimara ubgenge. 12#Yer 2:27.Abantu banje bagisha inama igiti gusa, kand’ inkoni yabo ni yo ibaragurira; impwemu y’ubumaka yarabajimije, bagenda ata co barenga, bātaye Imana yabo. 13#Yes 1:29; Ezk 6:13.Bacumitira ibimazi ku mpinga z’imisozi, bakosereza imibavu ku turambi, musi y’ibiti vy’imyeloni n’ivy’ imilebeni n’ivy’ imyela, kuko bigira ibitūtu vyiza; ni co gituma abakobga banyu bīgira ba maraya, n’abakazana banyu bagasambana. 14#Hos 9:10.Sinzohana abakobga banyu ni bīgira ba maraya, cank’ abakazana banyu ni basambana; kukw abagabo ubgabo bīhererana n’abasambanyikazi, bagatanga ibimazi bafatanije na ba maraya; nuk’ ubgoko butagira ubgenge buzoheneberezwa.
15 # 1 Abam 12:29; Hos 9:15; 12:11; Am 4:4. Ewe Isirayeli, naho wīgize maraya, ntucumuze Yuda; kandi ntimukaje i Gilugali, canke ngo mudūge i Betaveni, canke ngo murahire uguhoraho kwanje Uhoraho. 16Isirayeli yabaye ikiganda nk’ inka y’ishashi y’ikiganda: non’ Uhoraho yobaragira nk’umwagazi w’intama ahantu h’amaramvya? 17Efurayimu yifatanije n’ibigirwamana: n’umureke! 18Ibinyobga vyabo vyacitse umururazi: basambana ubudahumeka; abatware babo bakunda ibiteye isoni birenze urugero. 19#Yes 1:29; 57:13; Yer 4:11; Hos 13:15.Igihuhuta cabatwaye mu mababa yaco; kandi bazomāramāzwa n’ibimazi vyabo.

Currently Selected:

Hoseya 4: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in