Bible App logo
Search Icon

Abaheburayo 9

9
Ahēra ha mbere hār’ ikigereranyo c’Ahēra ho mw ijuru
1Nukw isezerano rya mbere na ryo ryarimw’ ibirōngōra ivy’ ubuherezi, rifise n’ahēra, ariko ho mur’ iyi si. 2#Kuv 25:23, 30, 31.Kuko hār’ ihema ryiteguwe, mu ryo hino hārimw’ igiterekwakw amatara, n’ameza, n’imitsima y’ibiterekerwa yama kuri yo: iryo ryitwa Ahēra. 3#Kuv 26:33.Kandi hirya y’igihuzu ca kabiri gikinze, hār’ ihema ryitwa Ahēra Cane: 4#Kuv 16:33; 25:16, 21; Guh 17:10.hārimw’ igicaniro co kwoserezakw imibavu cakozwe mw izahabu, hārimwo n’isandugu y’isezerano yometswekw izahabu impande zose, irimw’ urwavya rw’izahabu rurimwo manu,#9:4 manu: rāba Kuv 16:31. irimwo na ya nkoni ya Aroni yashurika, na vya bisate vy’amabuye vyanditswekw isezerano. 5#Kuv 25:18; 26:34.Kandi hejuru yayo hār’ abakerubi b’ubgiza bateye igitūtu umutemere wo guhongerako: ivyo ntidushobora kubidonda kimwe‐kimwe nonaha.
6 # Guh 18:3, 4. Nukw ivyo vyateguwe birtyo, abaherezi na ntaryo bama binjira mw ihema ryo hino, kugira ngo bashitse ivy’ ubuherezi: 7#Kuv 30:10; Lew 16:2, 14, 15.ariko mu rya kabiri hinjiramw’ umuherezi mukuru wenyene, rimwe gusa uk’ umwaka utashe, ariko ntiyinjiramwo atajanye amaraso yo kwitangirira no gutangirira ubuzimuzimu bg’abantu. 8#Heb 10:19.Mpwemu Yera amenyekanisha artyo yukw inzira ija ahēra cane itaribgerekanwe, ihema rya mbere rikiriho: 9#Heb 10:1, 2.ni ryo kigereranyo c’igihe ca none, abakurikira ivyagezwe vyaryo bashikana amashikanwa bagatanga ibimazi, ariko ku ruhande rw’ijwi ryo mu mutima ntibishobora gutunganya ūsenga, 10#Lew 11:2; 15:18; Guh 19:13.kukw ivyo, hamwe n’ivy’ ivyo kurya n’ivyo kunywa n’ivyo kwiyuhagira bo n’ukwoza vy’uburyo bginshi, ar’ amabgirizwa yo mu buryo bg’abantu gusa, yashinzwe gushitsa igihe co gutunganywa.
Ukw amaraso ya Kristo afise ubushobozi bgo kwoza ivyaha
11 # Heb 6:20; 10:1. Ariko Kristo amaze kuza, umuherezi mukuru w’ivyiza bizoza, aca mw ihema rirusha rya rindi kuba irihambaye n’iritunganye rwose, ritākozwe n’intoke, bisobanurwa ngo ritar’ iryo mu vyaremwe vy’ubu. 12Kand’ amaraso y’impene cank’ ay’ amashūri, si yo yamushikanye ahēra cane, ariko yahashikanywe n’ayiwe maraso rimwe gusa, yironkeye ugucungura kw’ibihe bidashira. 13#Lew 16:3, 14, 15; Guh 19:9, 17.Non’ amaraso y’impene n’ay’ amapfizi bo n’umunyota w’inka y’iriza ucucagiwe abahumanye, ko vyeza imibiri igahumanuka, 14#1 Pet 1:18, 19; 1 Yoh 1:7; Ivyah 1:5; 1 Kor 15:45; Heb 6:1.mbeg’ amaraso ya Kristo, uwo yitanze ku Mana atagira agasembga, abitewe na Mpwemu ahoraho, ntazorushiriza guhumanura imitima yanyu ngw ibikorwa vy’impfagusa biyivemwo, kugira ngo mubone ingene mukorera Imana nzima?
15 # Heb 12:24; 1 Tim 2:5. Ni co gituma aba umuhūza, ahesha isezerano risha, kugira ngw abāhamagawe bahabge umwandu udashira w’isezerano, bitewe n’uko habayeh’ urupfu rucungura abacumuye bakiganzwa n’isezerano rya mbere. 16Kukw ah’ icete c’iragi kiri hakwiye rwose yuk’ urupfu rw’uwaraze ruseruka. 17Icete c’iragi kibeshwaho n’urupfu rwonyene, kuko kitagira ikimazi uwaraze akiriho. 18Ni co gituma isezerano rya mbere ritāsezeranywe ata maraso. 19#Kuv 24:3; Lew 14:4; Guh 19:6.Mose amaze kubgira abantu bose amabgirizwa yose nk’uko vyagezwe, yābīra amaraso y’amashūri n’ay’ impene n’amazi n’ubgoya bg’intama buzigishijwe agahama, yābīra na ezobu,#9:19 ezobu n’agati bācucagirisha. acucagira igitabo c’ivyagezwe, bo n’abantu bose, 20#Kuv 24:6-8; Mat 26:28.arababgira, at’ Aya ni yo maraso y’isezerano Imana yabagereye. 21#Lew 8:15, 19.Kand’ ihema n’imbombovu zose z’ivy’ ubuherezi, na vyo n’uko abicucagira amaraso. 22#Lew 17:11; Ef 1:7.Nk’ukw ivyagezwe biri, ibintu ni nka vyose vyozwa n’amaraso, kandi hatavuye amaraso ntihaba guharirwa ivyaha.
Ikimazi gishobora gukūraho ivyaha
23 # Heb 8:5. Nuko vyari bibereye kw ibigereranyo vy’ivyo mw ijuru vyozwa n’ivyo bimazi, ariko, ivyo mw ijuru ubgavyo bikozwa n’ibimazi biruta ivyo. 24#Heb 11:12; 1 Yoh 2:1.Kuko Kristo atinjiye ahēra cane hākozwe n’intoke, h’ikigereranyo c’ah’ ukuri, ariko yinjiye mw ijuru ubgaho, kugira ngo non’ aduserukire imbere y’inyonga z’Imana. 25Kandi ntiyashikanyweyo no kwitanga kenshi, nk’uk’ umuherezi mukuru yinjira ahēra cane uk’ umwaka utashe, ajanye amaraso atar’ ayiwe; 26#1 Kor 10:11; Gal 4:4.kukw iyo biba birtyo, aba yar’ akwiye kubabazwa kenshi uhereye ku kuremwa kw’ isi. Yamar’ ubu yabonetse rimwe kw iherezo ry’ibihe, kugira ngw akūzeh’ icaha ukwitanga. 27#Ita 3:19.Kandi nk’ukw abantu bābīkiwe gupfa rimwe, hanyuma yaho hakaza amateka, 28#Yes 53:12; Flp 3:20; Heb 10:10; 12:14; 2 Tim 4:8; 1 Pet 2:24.na Kristo n’uko, yamaze gutangwa rimwe ngo yishirekw ivyaha vya benshi, azoboneka ubga kabiri, atazanywe n’ivyaha, abonekere gukiza abamwiteze.

Currently Selected:

Abaheburayo 9: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in