Abaheburayo 10
10
Ikimazi Kristo yatanze kiruta ibimazi vyose vya Mose
1 #
Heb 8:5; 7:19. Ivyagezwe ko bifise igitūtu c’ivyiza bizoza, bidafise ishusho bgite y’ivyo vyiza, nta ho vyoshobora guhīngūra abēgēra igicaniro, bibahīngūrisha ivyo bimazi nyene bahora batanga imyaka n’imyaka. 2Iyo bibishobora, mbega ntibaba barasizeho kubitanga? Kukw abavyitangirira bamaze guhumanurwa rwose rimwe, bataba bakigira imitima irimw’ ijwi ribāgiriza ivyaha. 3#Lew 16:21.Ariko mur’ ivyo bimazi har’ icibukiriza ivyaha uk’ umwaka utashe. 4Kuko bidashoboka kw amaraso y’amapfizi n’ay’ impene akūrah’ ivyaha. 5Ni co catumye, hamwe yaza mw isi, avuga,
At’ Ibimazi n’amashikanwa ntiwabigomvye,
Ariko wanteguriye umubiri.#Zab 40:6-8.
6Ibimazi vyoshejwe bidasonōye, n’ibimazi vy’ivyaha, ntivyaguhimbaye:
7Mperako ndavuga, nt’ Ehe ndaje,
(Mu muzingo w’igitabo ni ko vyanditswe kuri jewe)
Nzanywe no gukora ivy’ ugomba, Mana.
8Ahejeje kuvuga haruguru, at’ Ibimazi n’amashikanwa, n’ibimazi vyoshejwe bidasonōye n’ibimazi vy’ivyaha, ntiwabigomvye kandi ntivyaguhimbaye (ni vyo bitangwa nk’uko bibgirijwe n’ivyagezwe), 9aherakw aravuga, at’ Ehe nzanywe no gukora ivy’ ugomba. Akūrah’ ivya mbere ngw ashinge ivya kabiri. 10#Heb 9:12, 28.Ukwo kugomba kwayo ni kwo kwatumye twezwa, tubiheshwa n’uk’ umubiri wa Yesu Kristo watanzwe rimwe gusa.
11 #
Kuv 29:38. Kand’ umuherezi wese ahagarara uko bukeye akora ivy’ ubuherezi, atanga kenshi ivyo bimazi nyene, ata ho vyoshobora gukūrah’ ivyaha na mba. 12Arik’ uwo we, amaze gutanga ikimazi kimwe c’ivyaha c’intahava, avyagira i buryo bg’Imana, 13#Zab 110:1.ahēraho, arorēra igihe abansi biwe bazohindurirwa indava yo musi y’ibirenge vyiwe. 14Kukw ikimazi kimwe ari co yatunganishije rwose abezwa, ukazoshitsa ibihe bidashira. 15Kandi na Mpwemu Yera ni we cabona kidushingira intahe y’ivyo. Amaze kuvuga,
16at’ Iri ni ryo sezerano nzosezerana na bo
Hanyuma y’iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze;
Nzoshira ivyagezwe vyanje mu mitima yabo,
No mu bgenge bgabo kandi ni ho nzovyandika:
arongera#Heb 8:10; Yer 31:33.
17 #
Heb 8:12; Yer 31:34. ati Kand’ ivyaha vyabo n’ukugabitanya kwabo sinzovyibuka ukundi.
18Ariko, ah’ ivyo bihariwe, ntihaba hakiriho gutanga ikimazi c’ivyaha.
Twegereze ata bgoba
19 #
Mat 27:51. Nuko bene Data, ko turi n’ubushizi bg’ubgoba bgo gushikanwa ahēra cane n’amaraso ya Yesu, 20#Heb 9:8.duciye mu nzira yadutoboreye nsha iri n’ubugingo, ica mu gihuzu gikinze, bisobanurwa ngo mu mubiri wiwe; 21#Zek 6:11; Guh 12:7; Ezk 36:25; Ef 5:26.kandi ko dufise umuherezi akomeye aganza urugo rw’Imana, 22twegereze dufise imitima y’ukuri, twizeye ata mazinda, imitima yacu icucagiwe ngw ivanwemw’ ibitwagiriza bibi, imibiri yacu yuhagijwe amazi meza. 23#Heb 4:14.Tugumye ukwatura ivyizigiro vyacu ntikunyiganyige, kuk’ uwasezeranye ar’ uwo kwizerwa, 24#Heb 13:1.kandi twiyumviraneko, kugira ngo turwane ishaka ryo gukundana n’iry’ ibikorwa vyiza, 25#Heb 3:13.twoye guheba gukoranira hamwe, nk’uko bamwe bagira, ariko duhanūrane, kand’ uko mubonye wa musi wegereza, murushirize kugenza murtyo.
Imbūri
26 #
Heb 6:4-8; 1 Tim 2:4. Kuko namba dukora ivyaha ibigirankana, kandi tumaze guhabga kumenya ivy’ ukuri, ntihaba hagisigaye ikimazi c’ivyaha, 27#Yes 26:11.ariko haba hasigaye kwitegana ubgoba gucirwakw iteka, no kwitega umuriro w’inkazi, uzorigata abansi b’Imana. 28#Guh 15:30; 35:30; Gus 17:6.Ūkēngereye ivyagezwe vya Mose, ivyabona bibiri canke bitatu biramwicisha, ata kagongwe. 29#Kuv 24:8; Heb 2:3.Mugira ng’umuntu ntazoba akwiye guhanwa ibirushirije cane, asiribanze Umwana w’Imana, akiyumvira amaraso y’isezerano yamwejeje kw ar’ igihumane, agacokora Mpwemu w’ubuntu? 30#Gus 32:35, 36; Zab 135:14; Rom 12:19.Kuko tuzi uwavuze, at’ Uguhōra n’ukwanje, ni jewe nzobasubiriza mu nkōko. Kand’ at’ Uhoraho azocira urubanza abantu biwe. 31#Heb 12:29.Erega birateye ubgoba gukorokera mu maboko y’Imana nzima.
Gushikama ata bgoba
32 #
Heb 6:4. Ariko mwibuke imisi ya mbere, hamwe mwari mumaze kwākirwa n’umuco, mwihanganira ibisinzikaza vy’indwano nyinshi: 33#1 Kor 4:9.kimwe, mwacitse akābarore mutukwa mubabazwa; ikindi, mwafatanije n’abagirirwa bartyo. 34#Mat 6:20; 19:21, 29.Kuko mwababaranye n’ababoshwe, kandi mwemeye munezerewe kunyagwa ivyo mutunze, mumenya yuko mufise itunga riruta ivyo kuba ryiza, rikamaho. 35#Heb 11:6.Nuko ntimute ubushizi bg’ubgoba bganyu, buri n’impēra ikomeye. 36#Heb 6:12; Luk 21:19.Kuko mukwiye kwihangana, kugira ngo ni mwamara gukora ivy’ Imana igomba mubone guhabga ivyasezeranywe.
37 #
Yes 26:20; Hab 2:3; Luk 21:28; Yak 5:8. Kuko hasigaye igihe gito cane,
Kand’ ūgira aze, azoza, ntazoteba.
38 #
Rom 1:17; Gal 3:11. Ariko, umugororotsi wanje azobeshwaho n’ukwizera,
Na ho ni yiyonjorora ntazohimbara umutima wanje.
39Ariko tweho ntitur’ abo mu biyonjorora bagahona, ariko tur’ abo mu bizera, ubugingo bgabo bugakizwa.
Currently Selected:
Abaheburayo 10: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967