Abaheburayo 12
12
Dutumbere Yesu wenyene
1 #
Heb 10:36; Rom 7:21; 1 Kor 9:24. Nuko natwe, ko dukikijwe n’igipfungu c’ivyabona kingana girtyo, twiyambure ibituremēra vyose, n’icaha gikunda kutwizingirako vuba, dusiganirwe ivyo twashizwe imbere twihanganye, 2#Heb 2:10; Zab 110:1.dutumbereye Yesu wenyene, ni we nyanduruko yo kwizera kandi ni we yagusozereye; uwo, kubg’ umunezero yashizwe imbere, yihanganiye umusaraba, ntiyagira ikindi isoni zawo, avyagira i buryo bg’intebe y’Imana.
Inyanduruko yo guhanwa
3 #
Luk 2:34. Nuko mushire imitima kur’ uyo yihanganiye ibihāri bihambaye birtyo abanyavyaha bāmuhāririje, ntimucobogore, ntimudendebukirwe mu mitima yanyu. 4Ntimuragera ku kuvishwa amaraso murwanya icaha, 5kandi mwibagiye rya jambo ribahubūra ribahanūra nk’abana,
ngo Mwana wanje, ntugaye igikāngīro c’Uhoraho,
Kandi ntudendebukirwe ni yaguhana.#Imig 3:11, 12.
6 #
Ivyah 3:19. Kuk’ uwo Uhoraho akunda ari we akāngīra,
Kand’ aramagura uwo yemera wese kw ar’ umwana wiwe.
7Ico mukwiye kwihanganira n’ugutozwa indero nziza. Imana ibagirira nk’abana bayo. N’umwana ki, adakāngīrwa na se? 8#Zab 73:14, 15.Ariko namba mudakāngīrwa nk’ico abandi bose bakorerwa, mur’ ibivyarwa, ntimur’ ubura bgayo. 9#Guh 16:22.Kandi twari dufise ba data b’imibiri, bāradukāngīra, natwe tukabubaha: none ntituzorushiriza cane kugororokera Se w’impwemu tugahoraho? 10Kuko ba bandi bādukāngīra imisi mike nk’uko bāgomba, ariko we adukāngīrira ikigira ikimazi, kugira ngo dusangire na we ukwera kwiwe. 11#2 Kor 4:17, 18; Yak 3:17.Nta gikāngīro kiboneka ko giteye umunezero ako kanya, atar’ umubabaro, ariko hanyuma abamenyerejwe na co kibāmira imbuto zizana amahoro zo kugororoka. 12#Yes 35:3.Nuko mugorore amaboko acitse urudendevu, n’amavi aregarega: 13#Imig 4:26.kandi muharurire ibirenge vyanyu inzira zigororotse, kugira ngw igihinyiza ntigikondoke, ariko gikire.
Impanūro yo kutava ku buntu bg’Imana
14 #
Zab 34:14; Mat 5:8; Rom 12:18; 2 Tim 2:22. Mukurikire kugiriranira amahoro n’abantu bose, n’ukwezwa, kuk’ ūtejejwe atazorāba Umwami; 15#Gus 29:18; Ivyak 8:23.mwizigame, ntihagire umuntu adashikīra ubuntu bg’Imana, kandi ntihagire umuzi wo kurura umera, ukabahagarika imitima, abenshi bakāndura, 16#Ita 25:33, 34.ntihabeh’ umushakanyi, cank’ igihumane nka Esau, yagurānye ivyo kuba samuragwa kwiwe ingaburo imwe. 17#Ita 27:30-40.Kuko muzi yuko hanyuma, hamwe yagomba kuragwa umugisha, atemerewe, kukw atābonye uburyo bgo kwihana, naho yawurondera cane arira.
Ivy’i Siyoni wo mw isi n’i Siyoni wo mw ijuru
18 #
Kuv 19:12, 16, 18; Gus 4:11. Ntimwegereye umusozi wokorwako, waka umuriro, kandi ntimwegereye umwiza w’umuzimagiza n’uw’ umuzitanya, n’igihuhuta, 19#Kuv 19:19; 20:19; Gus 5:23.n’inzamba ivuga, n’ijwi ry’amajambo; abāryumvise binginga kutabgirwa irindi jambo: 20#Kuv 19:13.kuko batābashije ivyagezwe, ngo Naho coba igitungwa gikoze kur’ uwo musozi bacicishe amabuye. 21#Gus 9:19.Kand’ ivyabonetse vyar’ ibiteye ubgoba, vyatumye Mose avuga, ati Mfise ubgoba cane, ndahinda agashitsi. 22#Ivyah 14:1; 21:2; 5:11; Gal 4:26.Ariko mwegereye umusozi Siyoni, n’umurwa w’Imana nzima, Yeru salemu ho mw ijuru, n’ikoraniro rikuru ry’isinzi ry’abamarayika, 23#Luk 10:20.n’ishengero ry’abana b’imfura banditswe mw ijuru, mwegereye n’Imana umucamanza wa bose, n’impwemu z’abagororotsi batunganijwe rwose, 24#Heb 9:15; 11:4; Ita 4:10; 1 Pet 1:2.mwegereye na Yesu, umuhūza ahesha isezerano risha, mwegereye n’amaraso acucagirwa, avuga ivyiza kurusha aya Abeli.
25 #
Heb 2:2; 10:28, 29. Mwirinde ntimwanke kwumva Iyirikw iravuga. Ba bandi ko batākize, hamwe banka uwababūririye mw isi, tweho tuzorushiriza cane kudakira, namba dutera ibitugu Iyitubūrira iri mw ijuru. 26#Hag 2:6.Ijwi ryayo ryanyiganyigije isi ico gihe: ariko noneh’ irasezeranye, iti Hasigaye rimwe, ngatigitisha, s’isi gusa, ariko n’ijuru na ryo. 27Iryo jambo, ngo Hasigaye rimwe, ryerekana gukūrwaho kw’ibinyiganyizwa, kukw ar’ ivyaremwe, kugira ngw ibitoshobora kunyiganyizwa bigumeho. 28Ni co gituma, kuko twākīra ubgami budashobora kunyiganyizwa, dukwiye gukenguruka, kugira ngo tubone ingene dukorera Imana tuyihimbaye, tuyubaha tuyitinya: 29#Yes 33:14; Gus 4:24; 9:3.kukw Imana yacu ar’ umuriro utōngōra.
Currently Selected:
Abaheburayo 12: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967