YouVersion Logo
Search Icon

Kuvayo 6

6
Imana yongera kwibarira Mose
1 # Kuv 3:19; 11:1. Uhoraho abarira Mose, at’ Uhereye none uzorāba ivyo nzogirira Farawo: ukuboko kw’ ubushobozi kuzomugondōza, abarekure, mber’ ukuboko kw’ubushobozi kuzomugondōza, abirukane mu gihugu ciwe.
2Imana ibarira Mose, iti Nd’ UHORAHO; 3#Ita 17:1; 35:11; Kuv 3:14.kandi niyeretse Aburahamu, na Isaka, na Yakobo, ko nd’ Imana Ishobora vyose, ariko sinabīmenyesha mur’ iryo zina ryanje UHORAHO. 4#Ita 15:18; 17:4, 7, 8; 28:4.Kandi nakomeje isezerano ryanje na bo, ko nzobaha igihugu c’i Kanani, igihugu bābayemw’ ar’ inyambukīra. 5#Kuv 2:24.Kandi numvise amaborogo y’Abisirayeli, Abanyegiputa bazigiye mu buja; nibuka isezerano ryanje. 6#Kuv 3:17; 7:4; 15:13; Gus 7:8; 26:8; 2 Abam 17:36; Zab 136:11, 12.Nuko barira Abisirayeli yuko nd’ Uhoraho, kandi nzobakūra ku bikebere Abanyegiputa babakebera, mbakūre mu buja barimwo, mbacunguze ukuboko kuramvuye, n’ibihano bikomeye: 7#Ita 17:7, 8; Kuv 29:45, 46; Lew 22:33; Gus 7:6; 29:13; 2 Sam 7:24; Ivyah 21:7.kandi nzobagira abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu; ni ho muzomenya ko nd’ Uhoraho Imana yanyu, ibakūye ku bikebere Abanyegiputa babakebera. 8#Ita 15:18; 26:3; Kuv 32:13; Ezk 20:5, 6, 42.Kandi nzobajana mu gihugu narahiye mmanitse ukuboko ko nemeye kuzogiha Aburahamu na Isaka na Yakobo; nzokibaha kibe ishamvu yanyu; nd’ Uhoraho. 9#Kuv 5:21.Mose abibarira Abisirayeli nk’uko nyene; ariko ntibāmwumvira kubg’ ubgihebe bgo mu mitima, no kubg’ ubuja bārimwo bg’agahahazo.
10Uhoraho abarira Mose, 11ati Genda kwa Farawo umwami wa Egiputa, umubarire arekure Abisirayeli bave mu gihugu ciwe. 12#Kuv 4:10.Mose arishura ar’ imbere y’ Uhoraho, ati Rāba, Abisirayeli ntibanyumviye, none Farawo yonyumvira ate, kand’ iminwa yanje ihumanye? 13Arik’ Uhoraho abarira Mose na Aroni, abatuma ku Bisirayeli no kuri Farawo umwami wa Egiputa, ngo bakūre Abisirayeli mu gihugu ca Egiputa.
Amamo ya Mose na Aroni
14 # Ita 46:9; 1 Ngo 5:3. Aba ni bo bakuru b’amazu ya ba sekuruza. Bene Reyubeni imfura ya Isirayeli ni Henoki na Palu na Hesironi na Karumi: abo ni bo mazu ya Reyubeni. 15#Ita 46:10; 1 Ngo 4:24.Bene Simeyoni ni Yemuweli na Yamini na Ohadi na Yakini na Sohari, bo na Sauli umwana yavyaye ku Munyakananikazi: abo ni bo mazu ya Simeyoni. 16#Ita 46:11; Guh 3:17; 1 Ngo 6:1, 16.Aya ni yo mazina ya bene Lewi, nk’ uko bagiye bavyarana: bene Lewi ni Gerushoni na Kohati na Merari; imyaka Lewi yamaze n’ijana na mirongwitatu n’indwi. 17#Guh 3:18; 1 Ngo 6:17.Bene Gerushoni ni Libuni na Shimeyi, nk’ukw amazu yabo ari. 18#Guh 3:19; 1 Ngo 6:2, 18.Bene Kohati ni Amuramu na Isihari na Heburoni na Uziyeli: imyaka Kohati yamaze n’ijana na mirongwitatu n’itatu. 19#Guh 3:20; 1 Ngo 6:19.Bene Merari ni Mahili na Mushi; abo ni bo mazu y’Abalewi, nk’uko bagiye bavyarana. 20#Kuv 2:1; 1 Ngo 23:13, 14.Amuramu arongora Yokebedi inasenge: bavyarana Aroni na Mose; imyaka Amuramu yamaze n’ijana na mirongwitatu n’indwi. 21#Guh 16:1; 1 Ngo 6:37, 38.Bene Isihari ni Kora na Nefegi na Zikiri. 22#Lew 10:4; Guh 3:30.Bene Uziyeli ni Mishayeli na Elisafani na Sitiri. 23#Lew 10:1; Guh 3:2; Rus 4:19, 20; 1 Ngo 2:10; 6:3; Mat 1:4; Luk 3:32, 33.Aroni arongora Elisheba, umukobga wa Aminadabu, mushiki wa Nahashoni; bavyarana Nadabu na Abihu na Eleyazari na Itamari. 24#1 Ngo 6:22, 23, 37.Bene Kora ni Asiri na Elikana na Abiyasafu; abo ni bo mazu y’ Abakora. 25#Guh 25:7.Eleyazari mwene Aroni arongora umwe mu bakobga ba Putiyeli; bavyarana Finehasi. Abo ni bo bakuru b’amazu ya ba sekuruza b’Abalewi, nk’ukw inzu zabo ziri.
26 # Kuv 6:13; 7:4; 12:17; Guh 33:1. Abo ni bo ba bandi Aroni na Mose, Uhoraho yabariye, ati Ni mukūre Abisirayeli mu gihugu ca Egiputa, mubakurikiranye mu mice yabo. 27Mose na Aroni abo, ni bo bavuganye na Farawo umwami wa Egiputa ivy’ ugukūra Abisirayeli muri Egiputa.
28Ku musi Uhoraho yabaririye Mose mu gihugu ca Egiputa, 29#Kuv 6:2, 11.yaramubariye, ati Nd’ Uhoraho: bgira Farawo umwami wa Egiputa ico nkubarira cose. 30#Kuv 6:12.Ariko Mose yishura ar’ imbere y’Uhoraho, ati Rāba, iminwa yanje imeze nk’umubiri utākebge: none Farawo yonyumvira ate?

Currently Selected:

Kuvayo 6: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in