1
Kuvayo 6:6
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Nuko barira Abisirayeli yuko nd’ Uhoraho, kandi nzobakūra ku bikebere Abanyegiputa babakebera, mbakūre mu buja barimwo, mbacunguze ukuboko kuramvuye, n’ibihano bikomeye
Compare
Explore Kuvayo 6:6
2
Kuvayo 6:7
kandi nzobagira abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu; ni ho muzomenya ko nd’ Uhoraho Imana yanyu, ibakūye ku bikebere Abanyegiputa babakebera.
Explore Kuvayo 6:7
3
Kuvayo 6:8-9
Kandi nzobajana mu gihugu narahiye mmanitse ukuboko ko nemeye kuzogiha Aburahamu na Isaka na Yakobo; nzokibaha kibe ishamvu yanyu; nd’ Uhoraho. Mose abibarira Abisirayeli nk’uko nyene; ariko ntibāmwumvira kubg’ ubgihebe bgo mu mitima, no kubg’ ubuja bārimwo bg’agahahazo.
Explore Kuvayo 6:8-9
4
Kuvayo 6:1
Uhoraho abarira Mose, at’ Uhereye none uzorāba ivyo nzogirira Farawo: ukuboko kw’ ubushobozi kuzomugondōza, abarekure, mber’ ukuboko kw’ubushobozi kuzomugondōza, abirukane mu gihugu ciwe.
Explore Kuvayo 6:1