Kuvayo 5
5
Farawo yongerekanya kubabaza Abisirayeli
1 #
Kuv 10:9. Hanyuma y’ivyo, Mose na Aroni baragenda babarira Farawo, bat’ Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, igize ngo Rekura abantu bayo, bagende, bayigirire imisi mikuru mu bugaragwa. 2#Kuv 3:19; 2 Abam 18:35; Yob 21:15.Farawo arababaza, at’ Uhoraho ni nde, ngo ndamwumvire, ndekure Abisirayeli? Uhoraho sindamuzi, kandi sindekura Abisirayeli. 3#Kuv 3:18.Baramubgira, bat’ Imana y’Abaheburayo yaratwiyeretse: none turasavye, uturekure tuje mu bugaragwa, tugende urugendo rw’ imisi itatu, kugira ngo tuze dushikanire Uhoraho Imana yacu ibimazi, yoye kuzohava idutērēra ikīza cank’ inkota. 4#Kuv 1:11.Umwami wa Egiputa arababaza, ati Mbega Mose na Aroni, n’iki gitumye mutesha abo bantu ibikorwa vyabo? Ni mugende musubire ku bikebere vyanyu! 5#Kuv 1:7, 9.Farawo atakw aravuga, ati Rāba, abantu bo mu gihugu ingen’ ari benshi: none namwe mugomba kubakūra ku bikebere vyabo!
6 #
Kuv 3:7; 5:14, 15. Kur’ uwo musi nyene Farawo abarira abakoresha abo bantu, n’abarōngōzi babo, 7ati Ntimwongere guha abantu ibiganogano vyo kubumbana n’amatafari nka mbere: ni bagende bavyironderere ubgabo. 8Kand’ igitigiri c’amatafari basanzwe babumba, bakigumeko; ntimubagabanye na makeya: kukw ar’ abanebge, ni co kibatakisha ngo ni bagende, bashikanire Imana yabo ibimazi. 9Abo bantu ni babazigire ku bikorwa bikomeye, abe ari vyo bitwaririka, boye gushira imitima ku magambo y’ibinyoma.
10Abakoresha ubgo bgoko barasohoka, bo n’abarōngōzi babo, babarira abantu, bati Farawo agize ngo ntakibaha ibiganogano. 11Ni mugende ubganyu, mwironderere ibiganogano aho mwobibona hose; kandi ntimuzogabanywa igitigiri mwaciriwe na gatoya. 12Nukw abantu bakwiragira mu gihugu cose ca Egiputa kwironderera udushingweshingwe mu mwanya w’ibiganogano. 13Kand’ ababakoresha barabasunika, bati Mushitse ibikorwa vyanyu, ivyo mwagerewe vy’imisi yose, nk’uko mwari musanzwe mukora mukibona ibiganogano. 14Abarōngōzi b’Abisirayeli, bāshizweho kurōngōra n’abakoresha ba Farawo, barakubitwa, barababaza, bati N’iki catumye mudashitsa ivyo mwagerewe ejo n’ uyu musi, ngo mukwize amatafari nk’uko mwahora?
15Maz’ abo barōngōzi b’Abisirayeli baragenda batakambira Farawo, bati Mbeg’ uduhoye iki, twebge abasavyi bawe? 16Nta biganogano duhabga, maze bakatubgira ngo ni tubumbe amatafari: kandi none rāba, twebge abasavyi bawe turakubitwa; ariko ni mwebge mugiriye nabi abantu bawe! 17Arabishura, ati Mur’ abanebge, mur’ abanebge! Ni co kibatera kuvuga ngo mugende gushikanira Uhoraho ibimazi. 18Nuko ni mugende mukore: ariko nta biganogano muzohabga: yamara ntimuzobura gushitsa igitigiri c’amatafari.
19Abo barōngōzi b’Abisirayeli bamenya ko babonye ibara, kuko babariwe kutazohaza itafari na rimwe ku yo baciriwe ku musi n’ umusi. 20Bakiva kwa Farawo, basanga Mose na Aroni babategereje mu nzira; 21#Kuv 6:9.barababarira, bat’ Uhoraho n’arābe ico mudukoreye, abahane, kuko mutumye Farawo n’abantu biwe batwanka urunuka, mukabaha inkota yo kutwica.
22 #
Guh 11:11. Mose asubira k’Uhoraho, aramubaza, ati Mwami, n’iki gitumye ugirira nabi ubu bgoko? kandi n’iki catumye untuma? 23Kuk’ uhereye aho nashikiye kwa Farawo, nkamubarira mw izina ryawe, yaciye agirira nabi ubu bgoko: nawe nta co watabaye abantu bawe na gatoya.
Currently Selected:
Kuvayo 5: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967