Kuvayo 36
36
Ukw abantu bātanze, bigasāguka
1 #
Kuv 31:2, 6; 35:10; Yob 32:8; Imig 2:6. Besaleli na Oholiyabu n’ umuntu wese w’umuhinga, abo Uhoraho yashizemw’ ubuhinga n’ubgenge ngo bamenye gukora vyose vy’iryo hema, baze babikore nk’uk’ Uhoraho yabigeze vyose.
2Nuko Mose ahamagara Besaleli na Oholiyabu, n’umuntu wese w’ umuhinga, ab’ Uhoraho yashize ubuhinga mu mutima, mbere n’umuntu wese yasunitswe n’umutima kuza gukora ico gikorwa. 3#Kuv 35:24-29.Mose abaha ya mashikanwa yose, ayo Abisirayeli bāshikaniye gukora ivy’ iryo hema, ngo bayakoreshe. Kand’ uko bukeye mu gitondo bākomeza kumuzanira ayandi mashikanwa avuye ku mitima ikunze, 4bituma abo bantu bose b’ abahinga bakora ibikorwa vyose vyo kur’ iryo hema, bahērako baraza, umuntu wese ava ku gikorwa ciwe yakora, 5#2 Kor 8:2, 3.babarira Mose, bat’ Ereg’ abantu bazanye ibirenze rwose ku vyo Uhoraho yageze gukora. 6Nuko Mose ashinga kubibuza, babitāngāza aho bashagaje hose, bati Ntihaze hagire umugabo cank’ umugore asubira gukora ikindi kintu na kimwe co gushikana kubg’ iryo hema. Uko ni ko bābujije abantu kugira ikindi bazana. 7Kukw ivyo bari bafise vyari bihāgije gukora ico gikorwa cose, bigasāguka.
Bakora ihema
8 #
Kuv 26:1-14. Umuntu wese w’umuhinga mu bakora ico gikorwa, akora iryo hema ry’imbere, barisakaza impuzu cumi; izo mpuzu zajishwe mu nyuzi zera derere nziza zihinzwe neza, no mu nyuzi z’amasufe no mu z’amashigisha no mu zisa n’ agahama; kandi zari zijishwekw ibishushanyo vy’abakerubi, bijishwe n’abahinga bavyo. 9Uburebure bg’impuzu yose bgar’ amatambge mirongwibiri n’umunani y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgayo bgar’ amatambge ane: impuzu zose zari cabugerwe. 10Besaleli arōngōranya impuzu zitanu ukwazo, zindi zitanu azirōngōranya ukwazo. 11Atēra utugombo tw’udutambara tw’amasufe ku ruhande rumwe rw’impuzu iherera izārōngōranijwe za mbere, atēra n’utundi tugombo nk’utwo ku ruhande rw’impuzu iherera izindi mu zārōngōranijwe za kabiri. 12Utwo tugombo yatēye ku mpuzu imwe twari mirongwitanu, no mu zindi za kabiri zārōngōranijwe, atēra utundi mirongwitanu nyene ku ruhande rw’iherera izindi; utwo tugombo twari dutumberanye. 13Acura uturinda mirongwitanu mw izahabu, adufatanisha izo mpuzu zārōngōranijwe: nukw iryo hema ry’imbere ricika rimwe ryiramvuriye.
14Atakw ajisha impuzu mu bushenza bg’impene, zo kuba ihema ryo gupfuka iryo hema ry’ imbere; ajisha impuzu cumi n’ imwe. 15Uburebure bg’impuzu yose bgar’ amatambge mirongwitatu y’ukuboko uciriye mu nkokora; ubgaguke bgayo bgar’ amatambge ane; izo mpuzu ukw ari cumi n’imwe zari cabugerwe. 16Arōngōranya impuzu zitanu ukwazo, zitandatu na zo ukwazo. 17Atēra utugombo mirongwitanu ku ruhande rw’impuzu iherera izārōngōranijwe za mbere, atēra n’utundi mirongwitanu nyene ku ruhande rw’impuzu iherera izindi mu zārōngōranijwe za kabiri. 18Acura uturinda mirongwitanu mu miringa two gufatanya iryo hema, kugira ngo ricike rimwe ryiramvuriye. 19Abarīranya ico kurenza hejuru y’iryo hema mu nsāto z’amapfizi y’intama zizizwe mu gahama, hejuru yaco akirenzakw ikindi gikozwe mu nsāto z’ibikōko vyitwa tahashi.#36:19 Tahashi: rāba Kuv 25:5.
20 #
Kuv 26:15-29. Abāza imbaho mu giti c’ umushita zo guhagarika iryo hema ry’imbere, arazishinga. 21Uburebure bg’urubaho rumwe‐rumwe bgar’ amatambge cumi y’ ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgarwo bgar’ itambge rimwe n’igihimba. 22Kandi ku rubaho rumwe‐rumwe har’ inkago zibiri zifatanye; uko ni ko yakoze ku mbaho zose z’iryo hema. 23Nuko rer’ abāza izo mbaho z’iryo hema, izo mu ruhande ahahera i bumanuko ziba mirongwibiri. 24Kand’ acura ibitereko mirongwine mw ifeza, vyo kuja musi y’izo mbaho ukw ari mirongwibiri: ibitereko bibiri‐bibiri bija musi y’urubaho rumwe‐rumwe, vyo kurokezwamwo za nkago ukw ari zibiri nyene. 25Abāza n’izindi mbaho mirongwibiri z’ urundi ruhande rw’iryo hema, ruhera i burārūko, 26na zo azicurira ibitereko vyazo mirongwine mw ifeza: ibitereko bibiri‐bibiri vyo kuja musi y’urubaho rumwe‐rumwe. 27Kand’ abāza imbaho zitandatu z’ahahera inyuma kur’ iryo hema, aharābana n’i burengerazuba. 28Abāza n’imbaho zibiri zo ku mfuruka z’iryo hema ahahera inyuma nyene. 29Hasi zari zibiri‐zibiri, arikw ahahera hejuru zari zimatanye, aho ikigombo ca mbere kigera; uko ni ko yazikoze zompi ku mfuruka zompi z’ahahera inyuma. 30Nukw izo mbaho zose na zose zari munani, n’ibitereko vyazo vy’ ifeza cumi na bitandatu: ibitereko bibiri‐bibiri bija musi y’urubaho rumwe‐rumwe.
31Abāza ibiti vy’intumba mu giti citwa umushita: ibiti bitanu vyo kuja ku mbaho zo ku ruhande rumwe rw’iryo hema, 32n’ibindi bitanu vyo kuja ku zo ku rundi ruhande rwaryo, n’ibindi bitanu vyo kuja ku z’ahahera inyuma kuri ryo, ahahera i burengerazuba. 33Igiti co hagati y’ibindi, kiri hagati kur’ izo mbaho, akigira umwishikira. 34Kand’ izo mbaho azomekakw izahabu, maz’ azicurira ibigombo vy’ izahabu vyo gusobekamwo vya biti; n’ivyo biti na vyo avyomekakw izahabu.
35 #
Kuv 26:31-37. Ajisha igihuzu co gukingīra, akijisha mu nyuzi z’amasufe no mu z’amashigisha no mu zisa n’ agahama, no mu zera derere nziza zihinzwe neza; kandi cari kijishwekw ibishushanyo vy’abekerubi, bijishwe n’abahinga bavyo. 36Akibāzira inkingi zine mu giti c’umushita, azomekakw izahabu, azitērakw imisumari yacuzwe mw izahabu; avugutira ifeza, ayikūramw’ ibitereko bine vyo kuzinegamwo. 37Kand’ ajisha igihuzu co gukinga ku muryango w’ ihema, mu nyuzi z’amasufe no mu z’amashigisha no mu zisa n’agahama, no mu zera derere nziza zihinzwe neza, cari kijererenzwekw amabara n’abahinga. 38Abāza inkingi zitanu zaco, azitērakw imisumari; ku mitwe yazo azomekakw izahabu, bo n’ imitambikwa yazo; ibitereko vyazo ukw ari bitanu vyari bicuzwe mu miringa.
Currently Selected:
Kuvayo 36: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967