YouVersion Logo
Search Icon

Kuvayo 31

31
Uhoraho atoranya abakozi b’abahinga
1Uhoraho yongera kubarira Mose, 2#1 Ngo 2:20.at’ Ehe rāba, ntoranije Besaleli mwene Uri, Uri mwene Huri, wo mu muryango wa Yuda; 3kandi ndamwujuje impwemu yanje,#31:3 impwemu yanje: mu Giheburayo handitswe ngw impwemu y’Imana. kugira ngw agire ubgenge no gutahura no kumenya n’ubuhinga bg’uburyo bgose, 4mu vyo kwigenera ibikorwa vy’ubuhanga, no mu vyo gucura izahabu n’ ifeza n’imiringa, 5no mu vyo gukeba utubuyenge two kurumikwa mw izahabu, no mu bubāji, no mu vy’ubuhinga bg’uburyo bgose. 6#Kuv 28:3.Kandi rāba, ndamushizeko Oholiyabu mwene Ahisamaki, wo mu muryango wa Dani; kandi mu mitima y’abantu bose b’ abahinga ndayishizemw’ ubgenge, ngo bakore ivyo nakubariye vyose, ni vy’ibi: 7rya hema ry’ibonaniro, na ya sandugu y’Ibishinga intahe, na wa mutemere wo guhongerako, n’ibindi bintu vyose vyo mur’ iryo hema; 8na ya meza n’ibintu vyayo, na ca giterekwakw amatara c’izahabu iramuye, n’ibintu vyaco vyose, na ca gicaniro co kwoserezakw imibavu; 9na ca gicaniro co kwoserezakw ibimazi n’ibintu vyaco vyose, na ca kigārigāri n’intebe yaco; 10na ya myambaro ijishitse, ni yo myambaro yejejwe yo kwambara Aroni umuherezi, n’iy’abana biwe, yo gukoramw’ igikorwa c’ubuherezi; 11na ya mavuta yo kurobanuza abahabga ibango, na ya mibavu y’ibintu bimoga yo kwosereza Ahēra: ivyo vyose baze babikore nk’uko nyene ndabikugeze.
Uhoraho yihanikiriza ivy’ ukuziririza isabato
12Uhoraho abarira Mose, 13#Kuv 20:8-11; Lew 19:3; Ezk 20:12, 20.ati Kand’ uz’ ubarire Abisirayeli, uti Ntimuze mubure kuziririza amasabato yiwe; uti Kukw ari yo kimenyetso hagati yiwe namwe ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, kugira ngo mumenye kw ari we Uhoraho yama abeza. 14Uti Nuko muze muziririze isabato, kukw ar’ iyera kuri mwebge; umuntu wese azoyizirūra ntaz’ abure kwicwa: mber’ uwogira ic’ akora cose kur’ uwo musi, az’ arandurwe mu bgoko bgabo. 15#Ita 2:2; Kuv 20:9, 10.Mu misi itandatu abe ari ho ibikorwa bikorerwa, arik’ ūgira indwi n’isabato yo kuruhūka bihebuje, yerejwe jewe Uhoraho: ūzogira igikorwa na kimwe akora kur’ uwo musi w’isabato, ntaz’ abure kwicwa. 16Nukw Abisirayeli baze baziririze isabato, baze bayitondere ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana, rize ribe isezerano ry’intahava. 17#Ita 1:31; 2:2; Heb 4:4.N’ikimenyetso hagati yanje n’Abisirayeli kugeza ibihe vyose: kuko mu misi itandatu ari yo jewe Uhoraho naremeyemw’ ijuru n’isi, ku musi ugira indwi nkarangiza, nkaruhūka.
18 # Kuv 24:12. Uhoraho amaze kubonanira na Mose kur’ uwo musozi Sinayi, amuha ibisate bibiri vyanditswekw Ibishinga intahe, ivyo bisate vyar’ ivy’ amabuye, vyanditsweko n’ urutoke rw’ Imana.

Currently Selected:

Kuvayo 31: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in