1
Kuvayo 24:17-18
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Ishusho y’ubgiza bg’Uhoraho, Abisirayeli bayibona isa n’umuriro utōngōra, ku gatwe k’uyo musozi. Nuko Mose adwēbēra hagati mur’ ico gipfungu, adūga kur’ uwo musozi; awumarakw imisi mirongwine n’amajoro mirongwine.
Compare
Explore Kuvayo 24:17-18
2
Kuvayo 24:16
Ubgiza bg’Uhoraho buguma kur’ uwo musozi Sinayi, ico gipfungu kiwutwīkīra imisi itandatu; ku musi ugira indwi, Uhoraho ahamagara Mose n’ijwi rirenga ari mur’ ico gicu c’igipfungu.
Explore Kuvayo 24:16
3
Kuvayo 24:12
Uhoraho abarira Mose, ati Dūga, uze aho ndi kur’ uyu musozi, ugumeho; nanje nzoguha ibisate vy’amabuye birikw ivyagezwe n’amabgirizwa, ivyo nanditse ng’ uvyigishe.
Explore Kuvayo 24:12