YouVersion Logo
Search Icon

Kuvayo 20

20
Ivyagezwe cumi
1 # Gus 5:22; Yoh 1:17. Imana ivuga aya majambo yose,
2 # Gus 5:6-21. # Kuv 13:3; Lew 26:13; Zab 81:10. iti Nd’ Uhoraho Imana yawe, yagukūye mu gihugu ca Egiputa, mu nzu y’ubuja.
3 # 2 Abam 17:35; Yer 25:6. Ntukagire izindi mana umbangikanya.
4 # Lew 26:1; Gus 4:16-18; 27:15. Ntukibāzire igishushanyo, cank’ igisa n’ishusho y’ikintu na kimwe kiri hejuru mw ijuru, canke hasi kw isi, canke mu mazi yo mu biyaga; 5#Kuv 23:24; 34:7, 14; Guh 14:18; Gus 4:24; Yos 24:19; Zab 109:14; Nah 1:2.ntuz’ uvyikubite imbere, ntuz’ ubisabe, kuko jewe Uhoraho Imana yawe nd’ Imana ifuha, mpōra abana ibigabitanyo vya ba se, nkageza ku runganwe rugira gatatu no ku rugira kane rw’abanyanka, 6#Gus 7:9; Yer 32:18.nkagirira ikigongwe abankunda, bakitondera ivyagezwe vyanje, nkageza ku runganwe rwabo uko ruzogenda rukurikirana gushitsa igihumbi.
7 # Lew 19:12. Ntugapfe kuvuga izina ryanje, jewe Uhoraho Imana yawe, ku vy’ ubusābusa; kuk’ uworivuga ku vy’ubusābusa, jewe Uhoraho ntobura kubimuhōra.
8 # Lew 19:3, 30. Wibuke kuziririza umusi w’ isabato. 9#Kuv 34:21; 35:2; Luk 13:14.Mu misi itandatu uz’ ukore, abe ari yo ukoreramw’ ibikorwa vyawe vyose: 10#Ita 2:2, 3; Kuv 16:26; Neh 13:16-19.arik’ umusi ugira indwi ni wo sabato yanje, jewe Uhoraho Imana yawe. Ntukagire igikorwa na kimwe ukora kuri wo, wewe ubgawe, cank’ umuhungu wawe, cank’ umukobga wawe, cank’ umugurano wawe, cank’ umuguranokazi wawe, cank’ inka zawe, cank’ uw’ inyambukīra aba i wawe: 11#Gus 5:15; Heb 4:4.kukw imisi itandatu ari yo jewe Uhoraho naremyemw’ ijuru n’isi n’ikiyaga n’ ibiri muri vyo vyose, nkaruhuka ku musi ugira indwi: ni co catumye jewe Uhoraho mpezagira umusi w’isabato, nkaweza.
12 # Mat 19:18, 19; Rom 13:9. # Lew 19:3; Mat 15:4; 19:19; Ef 6:2, 3. Wubahe so na nyoko, kugira ng’urambire mu gihugu jewe Uhoraho Imana yawe nzoguha.
13 # Gus 5:17; Mat 5:21; 19:18; Yak 2:11. Ntukice.
14 # Lew 18:20; Gus 5:18; Mat 5:27; 19:18; Rom 13:9; Yak 2:11. Ntugasambane.
15 # Lew 19:11; Gus 5:19; Rom 13:9. Ntukibe.
16 # Gus 5:20; Mat 19:18. Ntukāgirize ibinyoma mugenzawe.
17 # Gus 5:21; Imig 6:25; Mik 2:2; Rom 7:7; 13:9; Ef 5:3. Ntukifuze inzu ya mugenzawe, ntukifuze umugore wa mugenzawe, cank’ umugurano wiwe, cank’ umuguranokazi wiwe, cank’ inka yiwe, cank’ indogoba yiwe, cank’ ikintu na kimwe ca mugenzawe.
18 # Kuv 19:16, 18; Heb 12:18. Abantu bose bumvise ya mituragaro, babonye ya miravyo, bumvise n’ijwi rya ya nzamba, babonye na wa musozi upfūndūka umwotsi, baterwa n’ubgoba bahinda agashitsi, barasuha bahagarara kure. 19#Gus 5:27; Heb 12:19.Babgira Mose, bati Ba ari wewe utubarira, ni ho twovyumva: arikw Imana yoye kuba ari yo itwibaririra, ntiduhave dupfa. 20#Gus 4:10; Imig 3:7.Mose yishura abantu, ati Ni muhūmure: kukw Imana ije kubagerageza, kugira ngw igitinyiro cayo came imbere yanyu, mwoye gukora icaha. 21Nukw abantu baguma ngaho aho bahagaze kure, ariko Mose yegera wa mwiza w’umuzitanya ah’ Imana iri.
Ivy’ igicaniro c’ibimazi
22Uhoraho abarira Mose, at’ Uku abe ari k’ubarira Abisirayeli, ut’ Ubganyu murīboneye kw avuganye namwe ari mw ijuru. 23Uti Ntimukarondere izindi mana ngo muzibangikanye na we: ntihakagire ivyitwa imana mucura, ari mw ifeza canke mw izahabu. 24#Ita 12:2; Gus 12:5, 11; 1 Abam 8:29.Igicaniro muzongirira, muze mukirundarunde mw ivu, abe ari ho mutangira ibimazi vyanyu vyo kwoswa n’ivy’ ishimwe, ar’ ivyo mu ntama zanyu canke mu nka: ahantu hose izina ryanje rizokwibukirwa nzohabasanga, mbahe umugisha. 25#Gus 27:5, 6; Yos 8:31.Kandi ni mwangirira igicaniro c’amabuye, ntimuze mucubakishe amabuye abājwe, kukw ibuye murikojejekw icuma canyu mwoba murihumānije. 26Kandi ntimuze mugire ico kwūririrako ngo muje ku gicaniro canje, kugira ng’ubgambure bganyu bgoye kukibonekako.

Currently Selected:

Kuvayo 20: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in