Kuvayo 19
19
Imana ibonekera Abisirayeli ku musozi Sinayi
1Mu kwezi kugira gatatu Abisirayeli bavuye mu gihugu ca Egiputa, ku musi wakwo wa mbere ni ho bashika mu bugaragwa bg’i Sinayi. 2#Guh 33:15.Bavuye i Refidimu bataha mur’ ubgo bugaragwa bg’i Sinayi nyene, bashingah’ amahema, Abisirayeli basagaza ngaho, imbere y’uwo musozi. 3#Ivyak 7:38.Mose adūze ah’ Imana iri, Uhoraho amubarira n’ijwi rirenga ari kur’ uwo musozi, at’ Uku abe ari k’ubarira ab’ inzu ya Yakobo, ubgire Abisirayeli, 4#Gus 29:2; 32:11; Yes 63:9.uti Mwarabonye ivyo yakoreye Abanyegiputa, n’ingene mweho yabateruye ku mababa nk’ay’ inkukuma#19:4 Inkukuma ni yo mpungu. akabazana iy’ ari. 5#Kuv 9:29; Gus 7:6; 10:14; 26:18; Zab 24:1; 50:12; 135:4; 1 Kor 10:26; Tit 2:14.Uti None rero, ni mwamwumvira vy’ ukuri, mukitondera isezerano ryiwe, muzomubera inyegu yiharije, yitoranirije mu mahanga yose: uti Kukw isi yose ar’ iyiwe; 6#Lew 20:26; Gus 7:6; 26:19; 1 Pet 2:9; Ivyah 5:10; 20:6.kandi muzomubera ubgami, ubgoko bg’abaherezi, ihanga ryera. Ayo majambo abe ari yo ubgira Abisirayeli.
7Nuko Mose araza, ahamagara abakuru bo mu bantu, abashikiriza ayo majambo yose Uhoraho yamutumye. 8#Kuv 24:3, 7; Gus 5:27; 26:17.Abantu bose bamwishurira icarimwe, bat’ Ivyo Uhoraho avuze vyose tuzobikora. Nuko Mose asubirana k’Uhoraho amajambo y’abantu. 9#Gus 4:11, 12; Zab 18:11; 97:2; Mat 17:5.Uhoraho abarira Mose, ati Rāba ndaza iy’ uri, ndi mu gicu c’igipfungu c’ inzitane, kugira ngw abantu bumve aho ndiko ndavugana nawe, baheze bakwemere ibihe vyose. Mose abarira Uhoraho amajambo y’abantu.
10 #
Lew 11:44, 45; 15:5. Uhoraho abarira Mose, ati Genda ku bantu, ubabgire biyeze uyu musi n’ejo, bamesure impuzu zabo, 11umusi ugira gatatu uz’ ushike bīteguye: kuko jewe Uhoraho ku musi ugira gatatu nzomanuka nze kur’ uyu musozi Sinayi imbere y’abantu bose. 12#Heb 12:18.Nawe uz’ ubashingire akarimbi k’aho bagarukira impande zose, ubabarire, uti Mwiyubare, mwoye kudūga kur’ uyo musozi canke gukora ku rubibe rwawo: ūzokora kur’ uyo musozi ntazobura kwicwa. 13#Heb 12:20.Ntihaze hagire ūmukozak’ ukuboko, ariko bamwicishe amabuye, canke bamurase imyampi; naho coba igitungwa kiwukozeko, cank’ umuntu, ivyo ntibize bisubire kubaho. Arikw inzamba ni yaramuka irandishije ijwi, ni ho bazobona gushika kur’ uyu musozi.
14Nuko Mose aramanuka, ava kur’ uwo musozi, aja iy’ abantu bari, arababgira bariyeza, bamesura impuzu zabo. 15#1 Sam 21:4, 5; 1 Kor 7:5.Abarira abantu, at’ Umusi ugira gatatu uz’ ushike mwiteguye, kandi ntihaze hagire uwegerana n’umugore.
16 #
Heb 12:19, 21. Ku musi ugira gatatu mu gatondo haba imituragaro n’imiravyo, n’igicu c’igipfungu kizitanye kur’ uwo musozi, humvikana n’ijwi ry’inzamba rirengēra cane; abantu bose bar’ aho bashagaje bahinda agashitsi. 17#Gus 4:10.Maze Mose akūra abantu aho bashagaje ngo baze gusanganira Imana; bahagarara musi y’uwo musozi. 18#Gus 4:11; Zab 68:7, 8; 144:5; Yer 4:24; Heb 12:18, 26; Ivyah 15:8.Uwo musozi Sinayi upfūndūka umwotsi wose, kuk’ Uhoraho yamanutse, aje kuri wo ari mu muriro: umwotsi wawo upfūndūka nk’uw’itanure, umusozi wose utigita birengeje. 19#Neh 9:13; Zab 81:7.Ijwi ry’ inzamba rirushirije kurengēra, Mose aravuga, Imana imwishura mw ijwi rirenga. 20Nuk’ Uhoraho aramanuka, aza kur’ uwo musozi Sinayi, ku mpinga yawo. Uhoraho ahamagara Mose ngw adūge uwo musozi ashike ku mpinga, Mose aradūga.
21 #
1 Sam 6:19. Maz’ Uhoraho abarira Mose, ati Manuka, wihanikirize abantu boye gutwaza ngo baze iyo ndi, bampange amaso, benshi muri bo bagatikira. 22#Lew 10:3; 2 Sam 6:7.Kandi n’abaherezi na bo, basanzwe bīgira hafi yanje, jewe Uhoraho, ni biyeze, kugira ngo simbatsindeho. 23Mose yishura Uhoraho, at’ Abantu ntibashobora kudūga kur’ uyu musozi Sinayi, kuko watubariye ngo tubashingire akarimbi k’aho bagarukira impande zose z’uyu musozi, ngo tuweze. 24Uhoraho aramwishura, ati Genda umanuke, uheze uje kudūgana na Aroni: arikw abaherezi n’abandi bantu boye gutwaza ngo baze iyo ndi, kugira ngo simbatsindeho. 25Nuko Mose aramanuka, aja ku bantu, arabibashikiriza.
Currently Selected:
Kuvayo 19: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967