YouVersion Logo
Search Icon

Kuvayo 18

18
Yetiro asanga Mose mu bugaragwa
1 # Kuv 2:16, 18; 3:1. Yetiro umuherezi w’i Midiyani, sebukwe wa Mose, yumva ivyo Imana yakoreye Mose n’Abisirayeli abantu bayo, kandi n’ingen’ Uhoraho yakūye Abisirayeli muri Egiputa. 2#Kuv 2:21.Nuko Yetiro sebukwe wa Mose azana Zipora muka Mose, uwo Mose yari yarashubije i wabo, 3#Kuv 2:22; Ivyak 7:29.n’abahungu biwe bompi; umwe muri bo se yari yamwise Gerushomu,#18:3 Gerushomu risobanurwa, ngw Inyambukīra y’aho hantu. kuko yavuga, ati Nabaye inyambukīra mu gihugu kitar’ icacu; 4uwundi yamwise Eliyezeri,#18:4 Eliyezeri risobanurwa ngw Imana yanje n’umutabazi. kuko yavuga, at’ Imana ya data yabaye umutabazi wanje, inkiza inkota ya Farawo. 5Nuko Yetiro sebukwe wa Mose aza aho Mose ari, amuzaniye abana n’umugore, amusanga muri bga bugaragwa, aho yar’ ashinze ihema, ku musozi w’Imana. 6Atuma ngo baje kubibarira Mose yuko sebukwe Yetiro aje, amuzaniye umugore wiwe n’abana biwe bompi.
7Mose arasohoka, aja gusanganira sebukwe, akubita inkoro hasi, amugwa mu nda, babazanya amakuru, binjira mw ihema. 8Mose adondera sebukwe ivyo Uhoraho yakoze vyose kuri Farawo n’Abanyegiputa, abahōra Abisirayeli, n’ivyabagoreye mu nzira vyose, n’ingen’ Uhoraho yabakijije. 9Maze Yetiro anezerezwa n’ivyiza vyose Uhoraho yakoreye Abisirayeli, kuko yabarokoye, akabakūra mu maboko y’Abanyegiputa. 10Yetiro aravuga, at’ Uhoraho ashemagizwe, yabarokoye, akabakūra mu maboko y’Abanyegiputa no mu maboko ya Farawo, agakiza abantu biwe ububasha bg’Abanyegiputa. 11#2 Ngo 2:5; Zab 95:3; 97:9; Dan 2:47; Luk 1:51.Noneho mmenye yuk’ Uhoraho aruta izindi mana zose, ko yatsinze Abanyegiputa bāhora babihayagizako. 12#Gus 12:7; 14:26; 1 Ngo 29:22.Nuko Yetiro, sebukwe wa Mose, ajana ikimazi co kwosa n’ibindi bimazi vyo gushikanira Imana: Aroni n’abakuru bose b’Abisirayeli baraza, ngo basangirire na sebukwe wa Mose imbere y’Imana.
Yetiro agīra Mose inama
13Bukeye bgaho, Mose aricara ngw acire abantu imanza: abantu bahagarara bakikije Mose guhēra mu gitondo gushitsa ku mugoroba. 14Sebukwe wa Mose, amaze kwitegereza ivyo vyose Mose akorera abantu, aramubaza, at’ Ivyo ukora n’ibiki, ukorera abantu? N’iki gituma wicara ngaho ur’ umwe, abantu bose bagahagarara bagukikije, guhera mu gitondo ugashitsa ku mugoroba? 15Mose yishura sebukwe, ati Ni kukw abantu baza kuri jewe ngo ndabasigūrize Imana. 16#Gus 4:5; 5:1; 17:8, 9.Kand’ iyo bafise ico bapfa, baza kuri jewe, ngacira urubanza umuntu na mugenzi we, nkabamenyesha amabgirizwa y’ Imana, n’ivyagezwe vyayo. 17Sebukwe aramwishura, at’ Ivyo ukora ivyo si vyiza. 18#Guh 11:14; Gus 1:9, 12.Ntibizobura kuguca intege, mwe n’aba bantu muri kumwe; kukw ivyo bikurengeye, n’ivyo utoshobora gukora wenyene. 19#Guh 27:5; Gus 5:5.None rero, enda nyumviriza, ndakugīre inama, Imana iyigufashemwo. Ube ari wewe mushikirwa w’amajambo y’abantu wo kuyajana ku Mana, kand’ abe ari wewe ujana imanza zabo ku Mana. 20#Gus 1:18; 4:1; Zab 143:8.Kand’ abe ari wewe ubigisha amabgirizwa n’ivyagezwe, no kubereka inzira bakwiye gucamwo, n’ibikorwa bakwiye gukora. 21#Gus 1:15; Ivyak 6:3.Ikindi, utoranye mu bantu bose abashoboye guca imanza, bubaha Imana, b’abanyakuri, banka ingurire; uheze ubakuze, babe bakuru bo kuganza abantu, bamwe igihumbi‐igihumbi, abandi ijana‐ijana, abandi mirongwitanu‐itanu, abandi cumi‐cumi. 22#Lew 24:11; Guh 11:17; 15:33; 27:2; 36:1; Gus 1:17.Abe ari bo bacira abantu imanza ibihe vyose, nawe baze bahore bakuzanira urubanza rugoye, arik’ urubanza rwose rutagoye abe ari bo baruca ubgabo. Ico ni co kizokuremurura, na bo bazokugabanura ibikorwa. 23Nuko ni wabigenza urtyo, Imana ikabikwemerera, bizogushobokera, n’ aba bantu bose bazohora bataha i wabo ata mwikomo.
24Nuko Mose yumvira sebukwe, akora ivyo yamubariye vyose. 25#Guh 1:16; Gus 1:15.Atoranya mu Bisirayeli bose abantu b’abahanga, abagira bakuru mur’ abo bantu, abaha kuganza abantu, bamwe igihumbi‐igihumbi, abandi ijana‐ijana, abandi mirongwitanu‐itanu, abandi cumi‐cumi. 26Nuko bacira abantu imanza ibihe vyose: imanza zigoye bazizanira Mose, arikw izitagoye zose bakazica ubgabo.
27 # Guh 10:29-32. Maze Mose asezera sebukwe, sebukwe na we asubira mu gihugu c’i wabo.

Currently Selected:

Kuvayo 18: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in