Abanyefeso 4
4
Ihamagara ry’Imana rifatanye n’ubumwe
1 #
Kol 1:10. Ni co gitumye mbinginga, jewe imbohe y’Umwami wacu, ngo mugende uko bibereye ihamagarwa mwahamagawe, 2#Kol 3:12.mwiyoroheje rwose, mufise ubugwaneza, mwihangana, mubabariranira muri mu rukundo, 3#Kol 3:14, 15.mushishikaye kuzigamisha ubumwe buva kuri Mpwemu umugozi w’amahoro. 4#Rom 12:5.Harih’ umubiri umwe, na Mpwemu umwe, nk’uko kandi mwahamagariwe icizigiro kimwe c’ihamagarwa ryanyu. 5#Yoh 10:16; 1 Kor 8:6.Harih’ Umwami umwe, n’ukwizera kumwe, no kubatizwa kumwe; 6#1 Kor 12:6.n’Imana imwe, ni yo Data wa twese, asumba bose, akoresha bose, ari muri bose. 7#Rom 12:3, 6; 1 Kor 12:11.Arik’ umuntu wese muri twebge yahawe ubuntu, nk’uko tugererwa ingabire ya Kristo. 8Ni co gituma ivuga,
iti Yaradūze, aja iyo hejuru, ajanye iminyago,
Agabira abantu ingabire.#Zab 68:18; Kol 2:15.
9 #
Yoh 3:13. Arikw iryo jambo ngo Yaradūze, n’iki? Mbega ntiryerekana yuko yabanje kumanuka i kuzimu? 10Uwo yamanutse ni we yadūze, aja hejuru y’amajuru yose, kugira ngw anengesere vyose. 11#1 Kor 12:28; Ivyak 21:8.Kandi yahaye bamwe kuba intumwa, abandi kuba abavugishwa na we, abandi kuvuga ubutumwa bgiza, abandi kuba abungere n’abigisha: 12#1 Pet 2:5; 2 Tim 3:17.kugira ngw abera babone gutungana, baheze bakore igikorwa co kugabura ivy’ Imana, bubake umubiri wa Kristo: 13#Kol 1:28.kugeza aho twese tuzoshikira ku kugiriranira ubumwe buva ku kwizera n’ukumenya Umwana w’Imana, kandi kugeza aho tuzoshikira kuba abantu bakuze, no ku rugezo rw’ubginshi bg’ukunengesera kwa Kristo: 14#1 Kor 14:20; Heb 13:9.kugira ngo dushire ubgana, ntituzungazungishwe n’imipfunda, ngo tujanwe irya n’ino n’imiyaga yose y’inyigisho n’amangetengete y’abantu, n’ubugunge bgabo, n’uburyo bginshi bgo kutuzimiza. 15#Ef 1:22; 5:23; Kol 1:18.Ariko tube imvugakuri turi mu rukundo, dukurire muri we muri vyose, ari we mutwe, ni wo Kristo; 16#Kol 2:19.umubiri wiwe wose, uteranijwe neza, ufatanijwe n’ibifashisho vy’ingingo zawo zose, nk’ukw igihimba cose gikora ibango cagerewe, kuri we ni ho uronka gukura kwawo, ukubakwa mu rukundo.
Ubugingo bga kera n’ubugingo bushasha
17 #
Rom 1:21; Kol 2:4, 6. Ni co gituma mvuga ibi, nkabishingira intahe mu Mwami wacu, ngo ntimube mukigenda nk’ukw abanyamahanga bagenda, bagendera mu bitagira ikimazi vyo mu bgenge bgabo, 18#Ef 2:12; Kol 1:21; 1 Pet 1:14.ivyiyumviro vyabo biri mu mwiza, batandukanijwe n’ubugingo buva ku Mana kubg’ ukutamenya kuri muri bo, n’ugukomantara kw’ imitima yabo. 19#Kol 3:5.Kandi bābaye ibiti, bīshira mu ngeso z’isoni nke, gukora ibihumanya vy’uburyo bgose bifatanije n’ukwifuza. 20Ariko mweho ntimwize Kristo murtyo, 21namba mwaramwumvise, mukigishirizwa muri we nk’uk’ ukuri kwo muri Yesu kuri, 22#Rom 8:13; Kol 3:9; Gal 6:8.kubabgira ku vy’ingeso zanyu za kera ngo mwiyambure wa muntu wa kera, abozwa n’ukwifuza kw’uruhendo; 23#Rom 12:2.mugahinduka basha mu mpwemu y’ubgenge bganyu, 24#Ita 1:26.mukambara wa muntu musha, yaremwe mw ishusho y’Imana mu kugororoka no mu kwera kw’ukuri.
Ingeso zikwiranye n’Umukristo
25 #
Zek 8:16; Kol 3:8. Maze mwiyambuye ibinyoma, umuntu wese avugane ivy’ ukuri na mugenzi we, kuko tur’ ingingo za bagenzi bacu. 26#Zab 4:4; Yak 1:19, 20.Ni mwaraka ntibibakoreshe icaha: izuba ntirirenge mukiratse, 27kandi ntimuhe wa Murwanizi icicaro. 28#1 Tes 4:11.Uwiba ntakongere kwiba, arikw apfume acumukura, akoreshe ayiwe maboko ivyiza, kugira ngw aronke ivyo gufasha ūkennye. 29#Ef 5:4; Kol 3:16, 17; 4:6.Ntihaze hagire ibiyāgo bibi biva mu kanwa kanyu, ariko muvuge ijambo ryiza ryose ryo gukuza ūkwiye kuribgirwa, kugira ngo riheshe abaryumvise ubuntu bg’Imana. 30#Ef 1:13; Yes 63:10.Kandi ntimukababaze Mpwemu Yera w’Imana, yabashiriweko kuba ikimenyetso, gushitsa ku musi wo gucungurwa. 31#Kol 3:8.Umururazi wose no kujingitwa n’uburake no gutongana no gutukana bibavemwo, hamwe n’inzigo yose. 32#Mat 6:14; 18:22-35; Kol 3:12, 13.Mugiriranire neza, mugiriranire imbabazi, muharirane, nk’ukw Imana na yo yabahaririye muri Kristo
Currently Selected:
Abanyefeso 4: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967