Abanyefeso 2
2
Ubuntu bg’Imana ni bgo budukiza gusa
1 #
Kol 1:21; 2:13. Namwe yarabagize bazima, hamwe mwari mupfuye mwishwe n’ibicumuro n’ivyaha vyanyu, 2#Ef 6:12; Tit 3:3; Yoh 12:31; Kol 1:13.ivyo mwagenderamwo kera, nk’ukw ivy’ iyi si bigenda, mwumvira umwami w’abaganza ikirēre, ni we mpwemu ikorera mu bantu b’intabarirwa. 3#Kol 3:6.Kandi natwe twese twahora muri bo kera mu kwifuza kw’ imibiri yacu, tugakora ivy’ imibiri n’imitima vyacu bigomba, kandi mu kameremere kacu twar’ abo kurakirwa, nk’abandi bose. 4Arikw Imana, kukw ar’ umutunzi w’ikigongwe, kubg’ urukundo rwayo rwinshi yadukunze, 5#Luk 15:24, 32; Ef 5:14; Rom 6:13.hamwe twari tugipfuye, twishwe n’ibicumuro vyacu, yatugiranye bazima na Kristo — ubuntu ni bgo bgabakijije — 6#Rom 8:10; Flp 3:20.yatuzuranye na we, itwicarikana na we ahantu ho mw ijuru, turi muri Kristo Yesu, 7#Ef 1:7.kugira ngo mu bihe bizoza ize yerekane itunga rihebuje ry’ubuntu bgayo mu kutugirira neza muri Kristo Yesu. 8#Gal 2:16.Ubuntu ni bgo bgabakijije kubg’ ukwizera: na vyo nyene ntivyavuye kuri mwebge, n’ingabire y’Imana; 9#1 Kor 1:29.ntivyavuye ku bikorwa, kugira ngo hoye kugira uwirarira. 10#Tit 2:14.Kuko tur’ ibiremwa vyayo, twaremewe muri Kristo Yesu ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo Imana yateguye kera ngo tubigenderemwo.
Amacakubiri y’amoko akūrwaho n’umusaraba
11 #
Ef 5:8. Nuko mwibuke yuk’ ubga mbere, mwebge abanyamahanga ku rukoba, mwebge mucitwa abatākebge n’abo bitwa abākebge n’intoke ku mubiri, 12#Rom 9:4; 1 Tes 4:13.kw ico gihe mwari mutandukanye na Kristo, muri n’itandukaniro n’ihanga rya Isirayeli, mur’ injabuka ku masezerano y’ivyasezeranywe, ata co mwizigiye ku bizoba, mwari mw isi mutagira Imana Rurema. 13#Yes 57:19; 52:7; Kol 1:20.Ariko noneho, kuko muri muri Kristo Yesu, mwebge abāri kure kera mwigijwe hafi n’amaraso ya Kristo 14#Yes 9:6; Gal 3:28; Kol 2:14.Ni we mahoro yacu, kuko yahinduye ya macakubiri kuba kimwe, ahomvoye ca gisika co hagati cadutandukanya, 15#2 Kor 5:17.ubgansi amaze kubuhinduza ubusa umubiri wiwe, ni bgo vya vyagezwe birimw’ amabgirizwa ava mu vyashinzwe; kugira ngo muri we ya macakubiri ayarememw’ umuntu umwe musha, ngw azane amahoro artyo; 16#Kol 1:20, 22.kandi ngw ayo macakubiri, amaze kuyagira umubiri umwe, ayuzurishe n’Imana umusaraba, awicishije bga bgansi. 17#Yes 57:19; Zek 9:10.Yaraje, ababgira ubutumwa bgiza bg’amahoro, mwebge abāri kure; kand’ abāri hafi na bo ababgira amahoro: 18#Ef 3:12.kuko, uko tur’ amacakubiri, ari we adushikiriza Data wa twese, turi muri Mpwemu umwe. 19#Ef 3:6; Heb 12:22, 23.Nuko ntimukir’ abashitsi n’akavantara, ariko musangiye ubgoko n’abera, mur’ abo mu ngoro y’Imana; 20#Mat 16:18; Yes 28:16.kuko mwubatswe ku mabuye y’itanguriro, ari yo ntumwa n’abāvugishwa n’Imana, Kristo Yesu ari we buye rigumya imfuruka. 21#Kol 2:19.Muri we ingoro yose, yubatswe neza, irakura, ngw ibe urusengero rwera mu Mwami wacu. 22#1 Pet 2:5.Muri we namwe murubakanwa, kugira ngo muheshwe na Mpwemu kuba ingoro Imana ibamwo.
Currently Selected:
Abanyefeso 2: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967