1
Abanyefeso 2:10
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Kuko tur’ ibiremwa vyayo, twaremewe muri Kristo Yesu ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo Imana yateguye kera ngo tubigenderemwo.
Compare
Explore Abanyefeso 2:10
2
Abanyefeso 2:8-9
Ubuntu ni bgo bgabakijije kubg’ ukwizera: na vyo nyene ntivyavuye kuri mwebge, n’ingabire y’Imana; ntivyavuye ku bikorwa, kugira ngo hoye kugira uwirarira.
Explore Abanyefeso 2:8-9
3
Abanyefeso 2:4-5
Arikw Imana, kukw ar’ umutunzi w’ikigongwe, kubg’ urukundo rwayo rwinshi yadukunze, hamwe twari tugipfuye, twishwe n’ibicumuro vyacu, yatugiranye bazima na Kristo — ubuntu ni bgo bgabakijije
Explore Abanyefeso 2:4-5
4
Abanyefeso 2:6
yatuzuranye na we, itwicarikana na we ahantu ho mw ijuru, turi muri Kristo Yesu
Explore Abanyefeso 2:6
5
Abanyefeso 2:19-20
Nuko ntimukir’ abashitsi n’akavantara, ariko musangiye ubgoko n’abera, mur’ abo mu ngoro y’Imana; kuko mwubatswe ku mabuye y’itanguriro, ari yo ntumwa n’abāvugishwa n’Imana, Kristo Yesu ari we buye rigumya imfuruka.
Explore Abanyefeso 2:19-20