YouVersion Logo
Search Icon

Daniyeli 12

12
Daniyeli yerekwa ivy’ igihe c’iherezo
1 # Kuv 32:32, 33; Dan 10:13; Yow 2:2; Mrk 13:19; Luk 10:20; Ivyah 16:8; 20:12. Maz’ ico gihe Mikayeli azohaguruka, ni we mugabisha ahagarikiye ubgoko bganyu; kandi hazoba igihe c’umubabaro utigeze kubaho, uhereye igihe amahanga yabereyeho, ukageza ico gihe. Arikw ico gihe umuntu wese wo mu bgoko bganyu azoboneka ko yanditswe mu gitabo azorokoka. 2#Zab 17:15; Yes 26:19; Ezk 37:1-10; Mat 25:46; Yoh 5:28, 29; 11:11; Ivyak 24:15; Ivyah 20:13.Kandi benshi bo mu bazoba basinziriye mw ivu hasi bazokwikangura, bamwe bikangurire ubugingo budashira, abandi bikangurire ubumāramāre n’ibitētērwa bitazoshira. 3#Dan 11:33; Mat 13:43.Kand’ abāgize ubgenge bazokayangana nk’ugukayangana kwo mw itāzānure ry’ijuru, n’abashikanye benshi ku bugororotsi bazokwaka nk’inyenyeri ibihe bitazoshira. 4#Yes 8:16; 29:11; Dan 8:17, 26; Ivyah 22:10.Nuko rero wewe Daniyeli, gumiza ayo majambo muri ntibate, umatanishe ishashara igitabo cavyo udomemw’ ikimenyetso, gushitsa igihe c’iherezo; ni ho benshi bazoserangura muri co, kand’ ubgenge buzogwira.
5Maze jewe Daniyeli nditegereza, mbona abandi babiri bahagaze, umwe ku nkombe yo hakuno y’uruzi, uwundi ku yo hakurya. 6#Ezk 9:2; Dan 8:13; 10:5.Umwe abaza wa muntu yambaye impuzu zera, yari hejuru y’amazi y’urwo ruzi, at’ Ivyo bitangaza bizoshitsa ryari? 7#Ita 14:22; Dan 7:25; 8:24; Luk 21:24; Ivyah 10:6.Mbona wa muntu yambaye impuzu zera, yari hejuru y’amazi y’urwo ruzi, amanika ukuboko kw’i buryo n’ukw’ i bumoso, ayatunga mw ijuru; numva arahira Ībaho ibihe bitazoshira, yuko bizomara igihe n’ibihe n’igice c’igihe; kand’ ati Ni bamara guca ubgoko bgera ubunywenywe, ivyo vyose bizoba bishize. 8Ndavyumva, ariko sinabitahura; nca ndabaza, nti Databuja, ikizoherukira ibindi mur’ ivyo n’ikihe? 9Aranyishura, at’ Igīre, Daniyeli; kukw ayo majambo ar’ akabanga, amatanishijwe ishashara idomyemw’ ikimenyetso, gushitsa igihe c’iherezo. 10#Dan 11:33, 35; Ivyah 7:14; 22:11.Benshi bazotunganywa, bezwe, bavugutirwe; arikw abanyakibi bazoshishikara gukora ikibi, kandi nta n’umwe mu banyakibi azobitahura; arikw abāgize ubgenge bazobitahura. 11#Dan 11:31; Mrk 13:14.Ikimazi co kwoswa gihora gitangwa uko bukeye uhereye igihe kizokūrirwaho, bagashinga ca kizira c’ubuyobe cazanye ubugesera, hazocah’ imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwicenda. 12#Mat 10:22; Yak 1:12; 5:11.Hahirwa uzorīndīra, agashitsa ku misi igihumbi n’amajana atatu na mirongwitatu n’itanu. 13#Mat 13:39; Ivyah 6:11.Nuko ni wīgīre, urīndīre iherezo; kuk’ uzoruhuka, kand’ uzohagarara mu mugabane wawe, kw iherezo ry’iyo misi.

Currently Selected:

Daniyeli 12: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in