Hoseya 1
1
Ivy’ umugore wa Hoseya
1 #
2 Abam 14:23; 15:1; Yes 1:1; Am 1:1; Mik 1:1. Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Hoseya mwene Beyeri, ku ngoma ya Uziya no ku ya Yotamu no ku ya Ahazi no ku ya Hezekiya, abami b’i Buyuda, hāri no ku ngoma ya Yerobowamu mwene Yehowasi, umwami w’Abisirayeli.
2 #
Ezk 16:15-17. Igihe Uhoraho yatangura kuvugisha Hoseya ubga mbere, aramubarira, ati Genda, wābīre umugore maraya afise abana b’abasambanano: kukw iki gihugu cagize ubumaka bukomeye bgo kureka Uhoraho. 3Nukw aragenda, yābīra Gomeri mwene Dibulayimu; asama inda, avyara umuhungu. 4#2 Abam 10:11; 15:8-12; Am 7:9.Maz’ Uhoraho aramubarira, at’ Izina ryiwe n’umwite Yezireli; kuko hasigaye igihe gito ngahōra ab’ inzu ya Yehu amaraso yaviriye i Yezireli, kandi nzohenebereza ingoma y’inzu ya Isirayeli. 5#2 Abam 15:29.Maze kur’ uwo musi nzovunagurira umuheto wa Isirayeli mu kiyaya c’i Yezireli. 6#2 Abam 17:6, 23; 1 Pet 2:10.Nukw arongera asama inda, avyara umukobga. Uhoraho yongera kumubarira, at’ Izina ryiwe n’umwite Ntambabazi, kuko ntazosubira kugirira imbabazi inzu ya Isirayeli, ngo ndabaharire na gatoya. 7#2 Abam 19:35; Zek 4:6; 9:10.Ariko nzogirira ikigongwe inzu ya Yuda, mbakize jewe Uhoraho Imana yabo; kandi sinzobakirisha umuheto, cank’ inkota, cank’ intambara, cank’ amafarasi, cank’ abayagenderako. 8Nukw acukije Ntambabazi, arongera asama inda, avyara umuhungu. 9#Lew 26:12.Uhoraho aravuga, at’ Izina ryiwe n’umwite Sabantubanje: kuko mutar’ abantu banje, nanje sinzoba Imana yanyu.
10 #
Ita 22:17; Yes 62:4; Rom 9:26; 2 Kor 6:18. Yamar’ amaherezo, igitigiri c’Abisirayeli kizongana nk’umusenyi wo ku kiyaga, udashobora kugerwa ku ngero canke guharūrika. Kand’ ahantu bābgiriwe, ngo Ntimur’ abantu banje, ni ho nyene bazobgirirwa, ngo Mur’ abana b’Imana nzima. 11#Yer 3:18; Ezk 34:23; 37:16-24; Hos 3:5; Zek 10:6.Kand’ Abayuda n’Abisirayeli bazokoranira hamwe, bitoranirize segaba umwe, badūge bave mu gihugu; kuk’ uwo musi w’i Yezireli uzoba uhambaye.
Currently Selected:
Hoseya 1: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967