YouVersion Logo
Search Icon

Daniyeli 11

11
Uwo muntu amenyesha Daniyeli intambara zizoba hagati ya Egiputa na Siriya
1 # Dan 9:1. Kandi nanje, mu mwaka wa mbere Dariyo w’Umumedi ari ku ngoma, nakūwe hasi no kumufasha no kumuremēsha.
2 # Dan 8:21; 10:21. Nuko none ngira nkwereke ivy’ ukuri. Haracasigaye abandi bami batatu bazokwima i Buperesi; arik’ uwa kane azorusha abandi bose ubutunzi bginshi: uwo ni yamara kuba umunyabushobozi kubg’ ubutunzi bgiwe, azogomora ingabo zose ngw atere ubgami bg’i Bugiriki. 3Maz’ umwami ahambaye azohaguruka, azoganzisha ububasha bginshi, akore uko yigombeye. 4Ni yamara guhaguruka, ubgami bgiwe buzosatagurwa, bugabanywemwo bune nk’uko butumbereye ibirēre bine vy’ijuru, kandi ntibuzosubirwamwo n’uruvyaro rwiwe, canke ngo buganzishwe ububasha nk’uko yabuganzisha; kuk’ ubgami bgiwe buzoshingurwa, buhabge abandi atari mur’ abo. 5Nuk’ umwami w’i bumanuko azoba ūkomeye; arik’ umwe wo mu baganwa biwe azomurusha ububasha, agire inganji; kand’ inganji yiwe izoba ihambaye cane. 6Hashize imyaka bazokwuzura, kuk’ umukobga w’umwami w’i bumanuko azoja kwābīrwa ku mwami w’i burārūko, ngo bibuzuze; arik’ ubushobozi bg’uwo mukobga buzoyongayonga, kand’ uwo mwami na we ntazohangama, cank’ ububasha bgiwe; arik’ uwo mukobga azotanganwa n’abamuzanye n’umuvyeyi wiwe, n’uwamushigikira ico gihe. 7Ariko mu ngundu zo ku gishitsi c’i wabo hazovyuka ūzosubira ku ngoma ya se, azoja mu ngabo, atere amaboma y’ umwami w’i burārūko ayinjire, abaho abagire ukw agomba, agire intsinzi; 8kand’ ibigirwamana vyabo na vyo, n’ibishushanyo vyavugutiwe, n’ibintu vyabo vyiza‐vyiza vy’imbombovu vy’ifeza n’ivy’ izahabu, azobinyaga abijane muri Egiputa; maz’ azomara imyaka aretse umwami w’i burārūko. 9Hanyuma uwo mwami na we azotera igihugu c’umwami w’i bumanuko, maz’ asubire mu gihugu ciwe. 10#Yes 8:8; Dan 11:40.Hanyuma abana biwe bazovyura intambara, bakoranye isinzi ry’ingabo nyinshi; zizotera zisendanishe, zidwēbēre mu gihugu, maze zizokebanuka zirwana, kugeza no kw iboma y’umwami w’i bumanuko.
11Maz’ umwami w’i bumanuko azoshungumirwa, azorekuka arwane n’umwami w’i burārūko; azogomora ingabo nyinshi, maz’ ingabo z’umwami w’i burārūko zizogwa mu maboko y’umwami w’i bumanuko. 12Amaze kujana izo ngabo kw inyagano, azokwikakisha mu mutima; ariko nah’ azoba ahindikiranije ingabo ibihumbi n’ibihumbi, ntazoba anesheje rwose; 13kuk’ umwami w’i burārūko azogaruka, akagomora ingabo ziruta iza mbere; hashize imyaka azozana ingabo nyinshi n’isanduruma y’intekera.
14Ico gihe benshi bazokūrira hasi umwami w’i bumanuko, kand’ abantu b’ibirara bo mu bgoko bganyu bazogumuka bashitse ivyerekanywe mu nzozi, ariko bazohenuka. 15Nuk’ umwami w’i burārūko azoza, atere ibisagara bikikijwe n’inzitiro z’amabuye zikomeye, abirundire ibigunguzi vyo kwūririrako, abineshe; arikw ingabo z’uw’ i bumanuko, bo n’intōre ziwe, ntizizomushobora; ntihazoboneka inkomezi zo kumushobora. 16#Dan 8:9.Arik’ ūzoba amuteye azogira nk’uko yigombeye, kandi nta wuzomuhagarara mu ruhanga; nukw azohagarara mu gihugu c’ubgiza, ukuboko kwiwe kurimwo kugeseza. 17Hanyuma azoja imigabo yo gusidukana n’ingabo z’igihugu ciwe cose; arikw azokwihanura, yiyuzuze n’uwo mwami w’i bumanuko, amushingire umukobga wiwe kugira ngw amuhondobereze: arikw iyo migabo ntizohagarara, ntizomubera ko. 18Hanyuma y’ivyo azohindukiza amaso, atere ibizinga vyo mu kiyaga, aneshe vyinshi; arik’ umugabisha umwe azozibiza agakēngērwe yateye, mber’ azokamusubiza ku mutwe. 19Maz’ azohindukiza amaso yerekeze mu maboma yo mu gihugu ciwe bgite; arikw azotsitara, ahenuke, ntaboneke ukundi. 20Bukeye hazovyuka uwundi mu gishingo ciwe, azorungika umutozakori mu gihugu kirushirije kuba ciza co mu bgami bgiwe; ariko mu misi mike azokenyurwa, ata mitongano cank’ intambara. 21Bukeye mu gishingo ciwe hazovyuka umuntu w’inkēngērwa, atāhawe icubahiro c’ubgami; arikw azoza mu gihe c’impore, yironkeshereze ubgami ubuhemanyi. 22Maz’ ingabo zizoba zisebereye nk’uruzi zizotembanwa n’umuvo imbere yiwe, zihomvagurike; mbere n’ umukuru w’isezerano na we n’ uko. 23Kandi hagize umuntu yifatanya na we, azoca mu bugunge, kukw azodūga akaba ūhambaye, nah’ azoba afise abantu bake. 24Mu gihe c’impore azotera intambara aharusha ahandi kumera mu gihugu; azokora ivyo ba sekuru na ba sekuruza batigeze gukora; azogabanganya abantu amasahu n’iminyago n’itunga; mber’ azomara igihe gitoya yīgīriye imigabo yo gutera amaboma akomeye. 25Maz’ azokwiyungunganya mu bubasha bgiwe n’ ubugabo, azogomora ingabo nyinshi atere umwami w’i bumanuko; kand’ umwami w’i bumanuko azokwitabara mu ntambara, afise ingabo nyinshi cane z’ubuhizi; ariko ntazomuhagarara mu mutwe, kuko bazomuryaruka. 26Mber’ abazoba barya ku binōbōye vyiwe ni bo bazomufyonyora; ingabo ziwe zizotembanwa n’umuvo, benshi muri bo bahindikirane. 27#Dan 11:40.Abo bami bompi imitima yabo izoba iyo gukora ikibi; bazovugana ibinyoma bari ku meza amwe: arikw ivyabo ntibizororana, kukw iherezo rizoza mu gihe cashinzwe. 28Nukw azosubirana mu gihugu ciwe ibintu vyinshi; kand’ umutima wiwe uzoba wanse isezerano ryera, azokora nk’uko yigombeye, maz’ asubire mu gihugu ciwe.
29Nuko mu gihe cashinzwe azosubira kuja gutera i bumanuko; arikw ico gihe co hanyuma ntikizomera nk’ica mbere. 30Kukw amāto y’i Kitimu azomutera, azotuma atinyirira amagara, asubire inyuma; azoshungumirirwa isezerano ryera, akore nk’uko yigombeye; mber’ azosubirayo, ashire umutima ku bātaye isezerano ryera. 31#Dan 8:13; 12:11; Mrk 13:14.Azogomora ingabo ziwe, zihumanye ahēra n’iboma yaho, bakūreh’ ikimazi co kwoswa gihora gitangwa uko bukeye, bahashinge ikizira c’ubuyobe kizana ubugesera. 32Abakora ibibi vyo kurwanya isezerano azobazimirisha akarimi keza; arikw abantu bazi Imana yabo bazoshikama bakore ibikomeye. 33#Dan 12:3, 10.Kand’ abari n’ubgenge bo mu bantu bazokwigisha benshi; ariko bazokwicwa n’inkota n’umuriro no gushumikwa no kuba inyagano kumara igihe. 34Ni bakorokera mur’ ivyo vyago, bazofashwa buhoro: ariko benshi bazokwifatanya na bo mu buryarya. 35#Mal 3:3, 4; Ivyah 7:14.Kandi bamwe mur’ abo banyabgenge bazokwicwa, kuzoba ar’ ukubavugutira no kubakūramw’ inkamba no kubeza, gushitsa ku gihe c’iherezo, kukw iryo herezo rikirindiriye igihe cashinzwe.
36 # Gus 10:17; Yes 10:25; Dan 7:25; 9:27; 2 Tes 2:4; Ivyah 13:5, 6. Nuk’ uwo mwami azokora uko yigombeye, yishire hejuru, yīgire agahambaye gasumba icitwa imana cose, kand’ azovuga ibitangaza vyo kurogota ku Mana nya mana, azororanirwa gushitsa ah’ uburake buzoshikira; kukw icashinzwe kitazobura gushika. 37Kandi ntazobabara imana za ba sekuruza, cank’ imana isengwa n’abagore, cank’ iyindi mana yose; kukw azokwishira hejuru gusumba zose. 38Ariko mu gishingo cazo azokwubaha imana y’amaboma; mber’ imana ba sekuruza batigeze kumenya azoyubahisha kuyishikanira izahabu n’ifeza n’utubuyenge tw’igiciro kinini n’ibintu vy’igikundiro. 39Kand’ azonesha amaboma arusha ayandi gukomera, afashijwe n’iyo mana y’akavantara; abazomuninahaza bose azobongeraniriza icubahiro, abahe gutwara abantu benshi, kand’ azobasaturira ibihugu kw ingabire. 40#Dan 11:27.Maze mu gihe c’ iherezo umwami w’i bumanuko azomutera, kand’ umwami w’i burārūko azoja kumutega ameze nk’ agashururu, azanye imikogote n’abagendera ku mafarasi n’amāto menshi; azotera ibihugu, asendanishe, abihitane. 41#Dan 8:9.Azoshika no mu gihugu c’ubgiza; henshi hazotikizwa, arikw abazokira amaboko yiwe n’Abanyedomu n’Abanyamowabu n’igihimba gikomeye c’ Abamoni. 42Nukw azoshingiriza ukuboko ibihugu bitari bimwe, kandi n’igihugu ca Egiputa ntikizokira. 43Azoganza itunga ry’izahabu n’ifeza n’ibintu vyose vy’igiciro vyo muri Egiputa; Abalibuwa n’Abanyetiyopiya bazomukakako. 44Arikw inkuru zivuye i burasirazuba n’i burārūko zizomuhagarika umutima, azovayo afise uburake bginshi, ajanywe no kugeseza no gutikiza benshi. 45Azoshinga amahema yiwe y’ ubgami hagati y’ikiyaga n’umusozi wera w’ubgiza; yamar’ ageze ku musi w’iherezo ryiwe nta wuzomutabara.

Currently Selected:

Daniyeli 11: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in