YouVersion Logo
Search Icon

Daniyeli 10

10
Daniyeli yerekwa umuntu w’ubgiza bukayangana
1 # Dan 1:7, 21; 6:28. Mu mwaka ugira gatatu Kuro umwami w’i Buperesi ari ku ngoma, Daniyeli ari we Beluteshaza, har’ ico yeretswe, kand’ ico kintu car’ ic’ ukuri, ni co ntambara zikomeye; atahura ivy’ ari vyo, kand’ ivyo yeretswe arabisobanukirwa. 2Mur’ iyo misi jewe Daniyeli namaze amayinga atatu yiramvuriye ntuntuye. 3#Dan 10:13; Mat 6:17.Nta binōbōye narya, nta nyama canke vino vyangera no mu kanwa kandi sinaruha nīsīga amavuta, gushitsa ah’ ayo mayinga ukw ar’ atatu yose ashiriye. 4#Ita 2:14.Maze ku musi ugira mirongwibiri na kane w’ukwezi kwa mbere, nari ku nkombe y’uruzi runini rwitwa Hidekeli. 5#Yer 10:9; Ezk 9:2; Ivyah 15:6.Nunamuye amaso mbona umuntu yambaye impuzu zera, akenyeje izahabu nziza zavuye muri Ufazi. 6#Ezk 1:14, 16, 24; Mat 28:3; Ivyah 1:14, 15; 19:6.Kand’ umubiri wiwe wasa n’akabuyenge kitwa tarushishi, mu maso hiwe hasa n’umuravyo, amaso yiwe yasa n’imuri z’umuriro, amaboko yiwe n’ibirenge vyiwe vyasa n’umuringa w’umwakaka, kand’ ijwi ry’amajambo yiwe ryari rimeze nk’iry’ ishengero ry’abantu. 7#Ivyak 9:7.Ni jewe Daniyeli gusa nabonye ivyo vyerekanywe, yamar’ abantu twari kumwe ntibabibonye, ariko bafatwa n’agatengo gakomeye, barahunga barihisha. 8#Dan 7:28.Nuko jeho nsigaraho nd’umwe, mbona ivyo vyerekanywe bihambaye, maze sinasigarana inkomezi na nkeya, mu maso hanje harahīndāna, ndadendebukirwa. 9#Dan 8:18; Ivyah 1:17.Yamara numva ijwi ry’amajambo yiwe; nkiryumva, nzimira ubgenge, ndubama, ncurika umutwe hasi.
10Nuko haza ukuboko kunkorako, bituma mpfukamika amavi n’ibiganza njugumira. 11#Ezk 2:1; Dan 9:23.Arambgira, ati Daniyeli, muntu w’ umukundwa cane, utahure amajambo ngira nkubgire, va hasi uhagarare, kuk’ ubu ngutumweko. Amaze kumbgira iryo jambo, mpagarara mpinda agashitsi. 12#Ivyak 10:4; Ivyah 1:17.Maz’ arambgira, ati Nta co utinya, Daniyeli; kuk’ uhereye umusi washiriye umutima ku gutahura, no kwicisha bugufi imbere y’Imana yawe, amajambo yawe yarumviswe; kand’ ayo majambo yawe nyene ni yo anzanye. 13#Dan 10:2, 3; 12:1; Yud 1:9; Ivyah 12:7.Ariko segaba w’ ubgami bg’i Buperesi yamaze imisi mirongwibiri n’umwe andwanya. Hanyuma Mikayeli, umwe wo mu bagabisha bahambaye, aza kuntabara; nsigarayo mu bami b’i Buperesi. 14#Ita 49:1; Dan 8:26; Hab 2:3.Nuko none nzanywe no kugutahuza ibizoba ku bgoko bganyu mu misi y’iherezo; kukw ivyo weretswe ar’ ibizoba hahise igihe kirekire. 15Ambgiye ayo majambo, ncurika umutwe, mba ikiyingiyingi. 16#Yes 6:7; Yer 1:9; Dan 8:15.Maze haza ūfise ishusho nk’iy’ abana b’abantu, akora ku munwa wanje; nca nteranura akanwa, ndavuga mbarira uwar’ ampagaze imbere, nti Databuja, ivyo neretswe vyatumye nsinzikazwa n’umubabaro, ndadendebukiwe. 17Mbega nkanje, umusavyi wawe, noshobora nte kuvugana nawe, databuja? Ko jewe ata magara ngisigaranye, numva mpwereye. 18Uwasa n’umuntu yongera kunkorako, ansubizamw’ intege. 19#Abac 6:23; Dan 9:23.Arambgira, at’ Ewe muntu w’umukundwa cane, nta co utinya: mpore, mpore, gira amahoro! Akibimbgira, nca ndaremerana, ndavuga, nti Databuja n’uvuge, kuk’ unsubijemw’ intege. 20#Dan 8:21; 10:13.Arambaza, at’ Urazi ikinzanye kuri wewe? Ubu ngira nsubireyo kurwanya segaba w’i Buperesi; kandi ni natabaruka, segaba w’i Bugiriki azoca aza. 21#Dan 12:1, 4.Ariko ndakubarira ivyanditswe mu gitabo c’ivy’ ukuri: kandi nta wuriho wo kuntabara kubarwanya atari Mikayeli umugabisha wanyu.

Currently Selected:

Daniyeli 10: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in