YouVersion Logo
Search Icon

Ivyakozwe N’intumwa 28

28
Inzoka ikomora Paulo, ntiyagira ic’ aba
1Tumaze gukira, tumenya ico kizinga yuko citwa Melita. 2#Ivyak 27:3; 2 Kor 11:27.Abanyamahanga badebagura baratubukabuka bitangaje, baducanira umuriro, batwākīra twese, kubg’ imvura n’imbeho vyāriho. 3Ariko Paulo amaze gusenya umuganda w’inkwi, arazikomānya, inzoka iva mu muriro, imukomora ku kuboko. 4Abo badebaguzi babonye ico gikōko cenena ku kuboko kwiwe, baravugana, bat’ Uyu muntu ntabuze kuba umwicanyi; kandi naho yakize ikiyaga, Īdaca urwa nkunzi ntimukundiye kw abaho. 5#Mrk 16:18.Arikw akunkumurira ico gikōko mu muriro, ntiyagira ic’ aba. 6#Ivyak 14:11.Ba bandi barereka kw avyimba, canke kw agwa bukumbi: ariko bamara umwanya munini babireretse, babonye ata co abaye, barahindura, bati N’imana.
Paulo akiza se w’umukuru w’ico kizinga
7Hafi y’aho hantu hār’ amatongo y’umukuru w’ico kizinga, yitwa Pubiliyo, aratwākīra, atuzimāna neza imisi itatu. 8Se wa Pubiliyo yar’ arwaye inyonko kand’ agacibgamw’ amaraso, maze Paulo yinjira i we, arasenga, amurambikakw ibiganza, aramukiza. 9Ivyo bibaye, abandi bari n’indwara bo mur’ ico kizinga baraza, arazibakiza. 10Baduha icubahiro mu buryo bginshi; maze mu gihe co kujabuka kwacu bashira mu bgato ivyo dukennye.
Bamaze kujabuka bashika i Roma
11Tuhamaze amezi atatu, tuvudukayo mu bgato bgari bgavuye muri Alekisanderiya, bgari bumaze iyo misi y’urushana ku kizinga, ikimenyetso cabgo car’ Imana z’Amahasa. 12Dufata i Surakusa, tuhamara imisi itatu. 13Turahava, turazinguka, dufata i Regiyo. Hashize umusi umwe umuyaga uturutse i bumanuko urahehera, tugenda imisi ibiri, dufata i Puteyoli. 14Tuhasanga bene Data bamwe, baratwinginga ngo tumarane na bo imisi ndwi: uko ni ko twashitse i Roma. 15Bene Data b’i Roma bumvise inkuru yacu, baza kudusanganirira ahitwa Akaguriro ka Apiyo, n’ahitwa Amaduka Atatu: Paulo ababonye ashima Imana, umutima urarema.
16 # Ivyak 27:3. Tumaze gushika Roma, umugabisha w’abasoda ijana ashikiriza imbohe umugabisha w’abasoda bahora bashibama kwa Kayisari: ariko bakundira Paulo kuba ukwiwe, ari kumwe n’umusoda amurinda.
Paulo yigisha Abayuda b’i Roma
17 # Ivyak 23:1. Imisi itatu ishize ahamagara abakuru bo mu Bayuda abakoraniriza hamwe; bamaze gukorana, arababarira, ati Bagabo bene Data, naho ntāgize ikibi nakoze ku bgoko bgacu canke ku migenzo ya ba sogokuruza, bāmpaye Abaroma nd’imbohe, bamvanye i Yerusalemu. 18Na bo bamaze kuncunaguza, bashaka kundekura, kukw ata nyanduruko yambonetseko yo kunyicisha. 19#Ivyak 25:11.Arikw Abayuda batagaye, numva nkwiye kwitwara kuri Kayisari; ariko s’uko mfise ico ndega ubgoko bgacu. 20#Ivyak 26:6, 7.Ivyo ni vyo nabatumiyeko ngo tuvugane tubonāna: kukw ivyo Abisirayeli bizigira kuzobona ari vyo vyatumye mboheshwa uyu munyororo. 21Na bo baramwishura, bati Nta vyete twāronse bivuye i Yudaya bivuga ivyawe, kandi bene Data baje nta watubariye inkuru mbi yawe, canke ngw akuvuge nabi. 22#Ivyak 24:14; Luk 2:34.Ariko turagomba kwumva ivyo wiyumvira, kukw ico gice tuzi yuko bakivuga nabi hose.
23Basezerana na we umusi, baza iy’ ari ari benshi, mu nzu bamuhaye, arabibasobanurira, ashingira intahe ivy’ ubgami bg’Imana, abemeza ivya Yesu, abikuye mu vyagezwe vya Mose no mu vy’ abāvugishwa n’Imana, ahēra mu gitondo ashitsa ku mugoroba. 24Maze bamwe bemera ivyo avuze, abandi ntibāvyemera. 25Batemeranije ubgabo barataha, Paulo asubiye kuvuga ijambo rimwe, at’ Ivyo Mpwemu Yera yabaririye ba sogokuruza banyu mu kanwa k’uwavugishwa n’Imana Yesaya, yabivuze neza,
26 # Yes 6:9, 10; Mat 13:14; Mrk 4:12; Yoh 12:40. ati Ja kur’ ubgo bgoko,
Uti Kwumva muzokwumva, ariko ntimuzoruha mubitahura;
Kurāba muzorāba, ariko ntimuzoruha muvyihweza.
27Kuk’ umutima w’ubu bgoko ucuramye,
Amatwi yabo akaba ari bihurugutwi,
Amaso yabo bakayahumiriza:
Ngo ntibarābishe amaso,
Ntibumvishe amatwi,
Ntibatahurishe imitima,
Ngo bahindukire,
Mbakize.
28 # Zab 67:2; 98:3; Luk 3:6; Ivyak 13:46. Nuko mumenye yukw ako gakiza k’Imana kārungitswe ku banyamahanga: kand’ abo bazokwumva.
[29Amaze kuvuga artyo, Abayuda bagenda bahāririzanya bikomeye.]
30Amara mu nzu yiwe yatangiye ikibuguro imyaka ibiri yiramvuriye: yama yākīra abaje kumugendera bose, 31#Ivyak 1:3; 28:23.akabahanūra mu vy’ubgami bg’Imana, akigisha ivy’ Umwami Yesu Kristo, ashize amanga rwose, ata wumubuza.

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in