YouVersion Logo
Search Icon

Ivyakozwe N’intumwa 27

27
Bakijana Paulo i Roma ubgato busābira mu kiyaga
1 # Ivyak 25:12. Bamaze gushinga ngo tujabuke tuje muri Italiya, Paulo n’izindi mbohe babaha umugabisha w’abasoda ijana yitwa Yuliyo, wo mu ngabo za Augusito. 2#Ivyak 19:29; 20:4.Dutambukira mu bgato bgāvuye muri Aduramutiyo, bugira bugende bujabukiranya ahantu ho muri Asiya haherereye ku kiyaga, tuvudukayo turi kumwe na Arisitariko Umunyamakedoniya w’i Tesalonike. 3#Ivyak 24:23; 28:2, 16.Bukeye bg’aho dufata i Sidoni, Yuliyo agirira Paulo neza, amukundira kugendera abagenzi ngo bamuzimane. 4Tuvudukayo, duca musi y’i Kupuro ngo tuhīkinge umuyaga, kuko war’ uduturutse imbere. 5Tujabutse ikiyaga gihereranye n’i Kilikiya n’i Pamfiliya, dufata mu gisagara c’i Lukiya citwa Mura. 6Uwo mugabisha w’abasoda ijana ahasanga ubgato buvuye muri Alekisanderiya buja muri Italiya, adushiramwo. 7Tumaze imisi myinshi tugenda buhoro, dushika hafi y’i Kinido bitugoye cane, maz’ umuyaga utubujije duca musi y’i Kirete, imbere y’i Salumone, ngo tuhikinge umuyaga. 8Tuhakikira bitugoye cane, dushika ahantu hitwa Vyambuvyiza, hafi y’igisagara citwa Laseya.
9 # 2 Kor 11:25, 26; Lew 16:29. Hashize igihe kirekire, kandi kujabuka kubaye irinde, kukw igihe co kwisonzesha cari gishize, Paulo arabahanūra, 10arababarira, ati Yemwe bagabo, mbonye yuk’ uru rugendo rugira rubemw’ ivyago n’ubuhombe bginshi, s’ivy’ ubgato n’ibirimwo gusa, ariko n’ivy’ amagara yacu na yo. 11Ariko, umugabisha w’abasoda yumvira ūtumbereza ubgato na nyene bgo kurusha ivyo Paulo avuze. 12Kandi kukw icambu atari ciza co kugumamwo kuhamara urushana, abenshi babagīra inama yo kuvayo, ngo bishobotse bashike i Foyinike, kuba ari ho bamara urushana, hār’ icambu c’i Kirete, cerekeye hagati#27:12 mu Gifransa ni Nord‐est na Sud‐est. y’i burārūko n’i burasirazuba, kandi hagati y’i burasirazuba n’i bumanuko.#27:12 mu Gifransa ni Nord‐est na Sud‐est.
13Maz’ umuyaga uturutse i bumanuko uheheye buhoro, bibgiye ko baronse ico bāgomba, bazitura ubgato, bagenda bakikira hafi cane y’i Kirete. 14Arikw igihe kitari kinini gishize, hatera umuyaga w’igihuhuta citwa Ewurakulo, uturutse kur’ ico kizinga. 15Ubgato bumaze guhehwa, butagishobora gutumbera umuyaga, turabureka burakubebga. 16Duca musi y’akazinga kitwa Kilawuda, tuhīkinga umuyaga, tubona uko tuboha akāto k’inyuma bitugoye cane; 17bamaze kugaterura, bābīra ibitsibo vy’integakiba, babicisha musi y’ubgato, barabuboha: kandi kuko batinya gusukwa ku musenyi ushaya witwa Suriti, bamanura igihuzu kigendesha ubgato, bagenda bartyo bakubebga. 18Tuzungagizwa cane n’igihuhuta, bukeye bg’aho bata imitwaro mu kiyaga. 19Ku musi ugira gatatu batesha amaboko yabo ibikoreshwa mu bgato. 20Kand’ izuba n’inyenyeri bimaze imisi myinshi bitaboneka, turi mu gihuhuta cinshi girtyo, twihebura rwose kw ata wuzokira.
21Bamaze igihe kirekire batakirya, Paulo ahagarara hagati muri bo, arababarira, ati Yemwe bagabo, mwāri mukwiye kunyumvira, ntimuve i Kirete, ngo mugire ibi vyago n’ubuhombe. 22Kandi none ndabaremesha, ni muhūmure, kuko muri mwebge hatazopfa n’umwe, atar’ ubgato. 23Kuko mur’ iri joro umumarayika w’Imana, nd’ uwayo, kandi ni yo nkorera, yahagaze i ruhande yanje, 24#Ivyak 23:11.arambgira, ati Nta co utinya, Paulo; ukwiye guhagarara imbere ya Kayisari, kand’ ehe Imana ikwemereye n’abo mugendanye bose. 25Nuko ni muhūmure, yemwe bagabo, kuko nizeye Imana, yuko bizoba nk’uko nabariwe. 26#Ivyak 28:1.Ariko har’ ikizinga dukwiye gusukwako.
27Ijoro ry’icumi na kane rishitse, dukūbēbga irya n’ino mu kiyaga ca Adiriya; maze nko mu gicugu abagendesha ubgato bakēka ko har’ igihugu bēgereye. 28Bagera uburebure bg’amazi yo hasi, babona ingero#27:28 urugero rumwe ni nka metero zibiri. mirongwibiri; hashize umwanya muto bongera kugera, babona ingero cumi na zitanu. 29Kandi kuko batinya gusukwa ahantu h’amabuye baterera mu mazi ivyuma bine vyo kuzirika ubgato babicishije mu mutwe w’inyuma; bifuza ko buca. 30Maz’ abagendesha ubgato barondeye ingene bobuhungamwo, bururukiriza ka kāto mu kiyaga, biyenzereza nk’abagomba kuzirikisha ivyuma umutwe w’imbere. 31Paulo abarira wa mugabisha w’abasoda ijana, hamwe n’abasoda na bo, at’ Aba ni bataguma mu bgato ntimushobora gukira. 32Maz’ abasoda baca imigozi ifashe akāto, ngo bakareke gakoroke.
33 # Ivyak 27:27. Bugira buce Paulo arabinginga bose ngo barye, ati Non’ uyu musi n’ūgira icumi na kane mukirorereye mutarya, ata co mutamira. 34#1 Sam 14:45; 2 Sam 14:11; Mat 10:30.Nuko ndabinginze, ni murābe utwo murya: kukw ari vyo vyobakiza, kandi ntihazohara agashatsi na kamwe ko ku mitwe yanyu. 35#Yoh 6:11; 1 Tim 4:4; Luk 22:19.Amaze kuvuga ivyo, yābīra umutsima, ashimira Imana imbere yabo bose, arawumanyagura, atangura kurya. 36Bose basubiza umutima mu nda, na bo bararya. 37Kandi twese abāri mu bgato twar’ abantu amajana abiri na mirongwirindwi na batandatu. 38Bamaze guhāga, baremurura ubgato, bata ingano mu kiyaga.
39Ijoro rikeye, ntibāmenya ico gihugu, ariko babonye ikigobe kirimw’ umusenyi, baja inama yuko boshobora gushikanah’ ubgato. 40Bazitura imigozi ifashe ivyuma biziritse ubgato, babirekera i bgina; bariko barabikora, batenzūra imigozi yar’ igumije ingafe zihindukiza ubgato, badūza igihuzu c’imbere kibugendesha ngo gihēhwe n’umuyaga, batumbereza ku musenyi. 41Ariko bashitse mw ihūriro ry’amazi, basekura ubgato ku gataka, maz’ umutwe wabgo w’imbere winjiramwo, urahamangira, uw’ inyuma na wo utangura kumenagurwa n’inkomezi z’imipfunda. 42Inama y’abasoda kwar’ uko bokwica imbohe, kugira ngo ntihagire uwo muri zo yokwoga agacika. 43Ariko wa mugabisha w’abasoda, agomvye gukiza Paulo, ababuza iyo nama yabo, avuga yukw abazi kwoga bokwisuka mu mazi, kugira ngo babanze gushika ku nkombe: 44#Ivyak 27:22-25.abandi na bo, bamwe bagende ku mbaho, abandi ku bindi bivuye mu bgato. Nuko bagenza bartyo, bashika ku nkombe bose, barakira.

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in