YouVersion Logo
Search Icon

Abaroma 1

1
Indamukanyo
1 # Ivyak 9:15; 13:2; Gal 1:15. Paulo, umugurano wa Yesu Kristo, nahamagariwe kuba intumwa, narobanuriwe ubutumwa bgiza bg’Imana, 2#Tit 1:2; Rom 16:25, 26.ubgo yasezeraniye kera mu kanwa k’abo yavugisha mu vyanditswe vyera, 3#Rom 9:5; 2 Sam 7:12; Mat 22:42; 2 Tim 2:8.buvuga ivy’ Umwana wayo, yavutse mu ruvyaro rwa Dawidi mu buryo bg’umubiri, 4#Ivyak 13:33.yerekanywe kw ar’ Umwana w’Imana mu buryo bga Mpwemu Yera, ukuzuka kwiwe kwavyerekanishije ubushobozi, ni we Yesu Kristo Umwami wacu. 5#Ivyak 26:16-18; Rom 15:18; Gal 2:7, 9.Ni we yaduhesheje ubuntu no kuba intumwa kubg’ izina ryiwe, kugira ngo mu mahanga yose habemw’ abumvira Imana, babiheshwa no kwizera: 6kandi namwe muri muri bo, mwahamagariwe kuba aba Yesu Kristo: 7#1 Kor 1:2; 2 Kor 1:1; Ef 1:1; Guh 6:25, 26.ndabandikiye mwese mur’ i Roma mukundwa n’Imana, mwahamagariwe kuba abera. Ubuntu bube muri mwebge n’amahoro, biva ku Mana, Data wa twese, no ku Mwami Yesu Kristo.
Paulo avuga ko yifuza kuja i Roma
8 # Rom 16:19; 1 Tes 1:8. Irya mbere, mwese mbashimiye Imana yanje muri Yesu Kristo, kukw inkuru y’ukwizera kwanyu ikwiye mw isi yose. 9#Flp 1:8; Ef 1:16.Imana, nkorera mu mutima wanje mvuga ubutumwa bgiza bg’Umwana wayo, ni yo ntanzekw icabona yuko mbahoza mu kanwa ubudasība, 10#Ivyak 19:21; Rom 15:23, 32.imisi yose uko nsenze nsaba ngo noneho bishobotse Imana yemere kungendesha amahoro no kunzana i wanyu. 11#Ivyak 28:31.Kuko nifuza kubabona, kugira ngo mbahe ingabire y’impwemu, ibaremeshe; 12#2 Pet 1:1.ni kwo guhūmurizanya namwe, mpūmurizwe n’ukwizera kwanyu, namwe muhūmurizwe n’ukwanje. 13#Yoh 15:16.Kandi bene Data, singomba ko mutamenya yuko kenshi nari mfise imigabo yo kuza i wanyu, ngo mbone imbuto muri mwebge namwe, nk’uko nazibonye mu yandi mahanga, ariko ngira ikimbuza kugeza n’ubu. 14Abagiriki bo n’abanyamahanga badebagura, abanyabgenge bo n’ibipfu, ndi n’umwenda wabo; 15ni co gituma jeho kubganje niteguye kubabgira ubutumwa bgiza namwe mur’ i Roma.
Ubutumwa ic’ ari co
16 # Zab 119:46; 1 Kor 1:18, 24; Ivyak 13:46. Kuk’ ubutumwa bgiza butantera isoni, ar’ ubushobozi bg’Imana, buzanira uwizera wese agakiza, uhereye ku Muyuda ukageza ku Mugiriki. 17#Rom 3:21, 22; Hab 2:4.Kuko muri bgo ari ho ukugororoka kuva ku Mana guhishurwa, guheshwa n’ukwizera kukagwiza ukwizera, nk’uko vyanditswe, ng’ Umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera.
Ukugabitanya kw’abo mw isi
18 # Yoh 16:9; 2 Tes 2:12. Uburake bg’Imana bgarahishuwe, buvuye mw ijuru, ubgo irakira ukutayubaha kw’abantu kwose n’ukugabitanya, banyikirisha ukuri ukugabitanya kwabo. 19#Ivyak 14:15-17; 17:24-28.Kukw ivyo umuntu yomenya vy’Imana vyerekanwa muri bo, Imana ari yo yabiberetse. 20#Zab 19:1; Heb 11:3; Yob 12:7-9.Kukw ibitaboneka vyayo, ni vyo bushobozi bgayo budashira n’ubumana bgayo, bibonwa neza, uhereye ku kuremwa kw’isi, bimenyekanishwa n’ivyo yaremye, kugira ngo ntibagire ico bireguza, 21#Ef 4:18; Ivyah 14:7.kuko bāmenye Imana ntibayubahe nk’Imana, ntibayishime; ariko bācitse abiyumvira ivy’ ubusa, imitima yabo y’imburabgenge icura umwiza. 22#Yer 10:14; 1 Kor 1:20.Biyise abanyabgenge bacika ibipfu, 23#Zab 106:20; Gus 4:15-19.icubahiro c’Imana idapfa baragikāba ngo basenge ibishushanyo bisa n’umuntu apfa, n’ivy’ ibiguruka n’ivy’ ibigenza amaguru ane n’ivy’ ibikwega inda hasi.
24 # Ivyak 14:16. Ni co catumye Imana ibaheba ngo bakore ibiteye isoni, bumvire ivy’ imitima yabo yifuza, bonone imibiri yabo, 25#Rom 9:5.kuk’ ukuri kw’Imana bāgukāvye ibinyoma, bagasenga bagakorera icaremwe, bakakirutisha Iyakiremye, ni yo ikwiye gushimwa ibihe bidashira: Amen.
26Ni co catumye Imana ibaheba ngo bifuze ivyonona: kukw abagore babo ic’ imibiri yabo yaremewe bāgihinduye ukundi, itāremewe. 27#Lew 18:22; 20:13; 1 Kor 6:9.Kandi n’abagabo n’uko, bāretse kugirira abagore ivy’ imibiri yabo yaremewe, bashuha babengukana, abagabo bagirira abandi bagabo ibiteye isoni, kandi mu mibiri yabo bahabga ingero zikwiranye n’ubuzimire bgabo. 28Kandi nk’uko banse kumenya Imana mu mitima yabo, ni kw Imana yabahevye ngo bagire imitima y’akāhebge, bakore ibitabereye; 29buzuye ukugabitanya kwose, no kugira nabi, no kwifuza, n’urwanko rw’ubusa: buzuye n’igono, n’ubgicanyi, no gutongana, n’ubugunge, no kwitamba ku muvyimba; n’abaneguranira mu vyongorerano, 30n’abavuga abandi nabi, n’abanka Imana, n’abatukana, n’abībona, n’abīrārīra, n’abīgenera ibibi, n’abatumvira abavyeyi, 31n’ibipfu, n’abava mw isezerano, n’abadakunda n’ababo, n’imburakigongwe. 32Abo, naho bāmenye urubanza Imana ica, yukw abakora ibisa birtyo bakwiye gupfa, ntibabikora gusa, ariko batako bagashima n’ababikora.

Currently Selected:

Abaroma 1: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in